Kenya: Ruto ashaka kwubaka urusengero runini ku kirimba ku miriyoni 9 z'amadorari, ibishavuje bamwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Rhoda Odhiambo, Natasha Booty & Will Leonardo
- Igikorwa, BBC News, Nairobi & London
Perezida William Ruto wa Kenya avuga ko agiye kwubaka urusengero ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Nairobi ku mahera yiwe - kandi ko atabona ico afise yiyagiriza.
"Nta muntu n'umwe nzosaba imbabazi ku nteguro yanje yo kwubaka urusengero. Shetani/Satani ashobora kuba yarakaye kandi ashobora gukora ico yishakiye", niko Ruto yavuze ejo ku wa gatanu.
Aya majambo yonyene yararakaje Abakenya basanzwe bashavuriye intwaro yiwe kandi bakabona ko ari ukwitiranya intwaro n'idini.
BBC yasavye reta kugira ico ivuze.
Ntibizwi neza uwo Ruto yashaka kuvuga ko ari "shetani" mu majambo yiwe yavugiye ku kirimba c'umukuru w'igihugu, ariko avuga ko ata kintu na kimwe kizohagarika umugambi wiwe.
"Uru rusengero si jewe natanguye kurwubaka igihe ninjira Ikirimba. Nasanze hari urusengero, ariko rwubatswe mu mabati. Ibi koko mubona bibereye ikirimba?" niko yabwiye abanyaporitike bari mu nama yari aremeshejeje ejo ku wa gatanu.
Ejo ku wa gatanu, kimwe mu binyamakuru bikomeye vya Kenya, the Daily Nation, casohoye inkuru yerekana igicapo c'inyubakwa yagutse cane ifise ibiyo vy'amabara kandi ishobora kwakira abantu 8000.
Iki kinyamakuru cibaza nimba uno mugambi koko ujanye n'ibwirizwa shingiro rya Kenya risaba ko reta itagira aho yegamira mu vy'iyobokamana.
Hari kandi n'abanegura uno mugambi wiwe uzotwara imiriyoni icenda z'amadorari y'Abanyamerika muri kino gihe Abakenya benshi bahanganye n'ikibazo c'ubuzima buzimvye.
Ruto avuga ko amahera azokwubaka uru rusengero azova mu mufuko wiwe, ariko ibi na vyo vyatumye abatari bake bibaza nimba afise uburenganzira bwo kwubaka inyubakwa nk'iyi mu kibanza ca reta.
Ishirahamwe ry'abahakanyi muri Kenya, Atheists Society of Kenya, rigabisha ko rishobora kwitura ubutungane mu ntumbero yo guhagarika iyubakwa ry'uru rusengero, rikavuga ko ari ikintu kibabaje kandi kidashobora kwihanganirwa.
Harrison Mumia arongoye iri shirahamwe agira ati: " Tubona ico gikorwa nk'ikitubahiriza demokarasi kandi ko Perezida Ruto ariko ashigikira intwaro ishingiye kw'iyobokamana rukristu. Twashaka kumwibutsa y'uko Kenya atari iy'abakristu gusa".
William Ruto ni we mukuru w'igihugu wa mbere wa Kenya w'umuvugabutumwa w'umukristu, yerekana ishusho y'umuntu asenga, ivyatumye ahabwa iritazirano ngo "icegera ca Yezu/Yesu".
Mu myaka myinshi amaze mu burongozi yagiye yumvikana avuga amajambo yo muri bibiliya – ingendo yatumye Abakenya bamara igihe kirekire bumva ko bataramuwe.
Igihe Ruto yari icegera c'umukuru w'igihugu, yarubatse urusengero ku muhana wiwe uri mu kibanza ca reta mu nkengera y'i Karen, kamwe mu turere tugize umugwa mukuru Nairobi, ari rwo yakiriramwo abategetsi b'amashengero atandukanye.
Mu gihe hafi 85% vy'Abakenya ari Abakristu, Abasilamu na bo nyene si bake, ku rugero rwa 11%, hampande y'inkehwa zo mu yandi madini harimwo aba-Hindu n'abagendera ku madini kama ya Afrika.
Nta musigiti canke isinagoga biri ku kirimba.
Hagati aho, Musenyeri mukuru wa Nairobi muri Ekleziya Katolika Philip Anyolo avuga ko hakenewe vuba bwango umuco ku bwoko bw'inyubakwa igiye kwubakwa, ahandi ho bishobora kuboneka ko agira nkunzi kw'ishengero rimwe kuruta ayandi.
"Tubwirizwa kwiyubara cane muri ibi. Inyubakwa nk'iyi yari ikwiye kubakwa mu kibanza atari ica reta. Kiretse nimba ikiriko kirubakwa ari agasengero gahuriramwo bose, ariko ibi na vyo ntibitomoye".










