Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yahaye Ukraine ikiringo co gushika ku wa kane w'indwi iza kuba yemeye integuro y'amahoro
- Umwanditsi, James Chater
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
Incuti za Ukraine bazogerageza "gukomeza" umugambi wa Amerika wo kurangiza intambara n'Uburusiya igihe bahurira mu nama ya G20 muri Afrika y'Epfo, nk'uko vyashikirijwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Sir Keir Starmer.
Iyi nama y'ibihugu 20 vya mbere bitunze kurusha ibindi kw'isi, bihurikiye mu citwa G20, itangura kuri uno wa gatandatu inyuma y'umusi umwe Perezida Volodymyr Zelensky agabishije ko Ukraine iri muri "kimwe mu bihe vya mbere bikomeye kurusha ibindi vyose muri kahise" kubera igitsure iriko iterwa co kwemera umugambi – urwandiko rwayo rwasohotse mu mpisho rwerekana ko ari umugambi worohereza Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya).
Zelensky yagiriraniye ibiyago na Sir Keir hamwe n'indongozi z'Ubufaransa n'Ubudagi kuri terefone ejo ku wa gatanu. Inyuma y'aho, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yavuze ko abagenzi ba Ukraine n'abayifasha bagihagaze ku nshingano yabo yo gushika ku "mahoro arama ubutagisubira inyuma".
Yaba Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, canke Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya, nta n'umwe yitavye iyi nama ya G20.
Muri iyi nteguro y'amahoro ya Amerika yasohotse mu mpisho ikarenga imirambi n'imirambi, harimwo ibintu Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) yari yamiriye kure imbere y'aha, harimwo guheba ubutaka bwo mu buseruko isanzwe ikigenzura ubu.
Washington (ubutegetsi bwa Amerika) imaze igihe itera igitsure Kyiv ko yokwemera mbere muri ino ndwi ikaba yarungitse abategetsi bakuru ba Pentagon (ibiro vy'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi) muri Ukraine kuvugana ivyerekeye iyi nteguro.
Ariko i Bulaya buzuye umwikomo wo kubona ibiri muri iyi nteguro vyorohereza cane rwose Moscou. Uwujejwe imigenderanire mu Bumwe bwa Bulaya Kaja Kallas avuga ko kubona iyi nteguro ishobora kwemerwa ari "igihe kibi cane rwose".
Nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, yabwiye abanyamakuru ati: "Dushaka ko iyi ntambara irangira, ariko ikibazo ni ukungene irangira. Uburusiya nta burenganzira na bumwe bufise imbere y'amategeko bwo gusaba ikintu na kimwe ku gihugu bwateye. Amaherezo, ku biri mu masezerano ayo ari yo yose ni Ukraine izofata ingingo".
Imbere y'ibi biganiro mu nama ya G20, Sir Keir avuga ko abategetsi bahuriyeyo "bazoganira kuri ano masezerano yateguwe, kandi mu gushigikira utwigoro twa Trump two kurondera amahoro, turabire hamwe ingene twokomeza ino nteguro ku ntambwe z'ibiganiro ziri imbere".
Abandanya ati: "Nta musi wigera urengana muri ino ntambata Ukraine idateye akamo Uburusiya ko guhagarika iyi ntambara bwatanguje buhonyanze amategeko, bugasubiza inyuma ibimodoka vyabwo vy'intambara hanyuma bugashira inkoho hasi.
"Ukraine imaze amezi yigeguye kuganira, mu gihe Uburusiya bwagararije kandi bubandanya n'ubwicanyi bwabwo.
"Ni co gituma dutegerezwa gukorera hamwe, turi kumwe na Amerika na Ukraine, kugira ngo dushike ku mahoro arama kandi adasubira inyuma".
Nka kimwe mu biri muri iyi nteguro ya Maison Blanche (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika), Ukraine yotegerezwa kugabanya igitigiri c'abagize igisirikare cayo kandi ikiyemeza kutazokwinjira mu runani OTAN rwo kwivunira umwansi hamwe, ikintu Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yamye ihagazeko.
Ejo ku wa gatanu, Trump yagabishije ko Ukraine ishobora gutakaza ubundi butaka bukigarurirwa n'Uburusiya "mu kanya isase" kandi ko Zelensky "azobwirizwa kwemera" iyi nteguro.
Trump avuga ko yahaye Ukraine gushika ku wa kane kugira ngo izobe yemeye iyi nteguro avuga ko ari ikiringo "gikwiye".
Ingabo z'Uburusiya zigenda zitera intambwe ntonto ku rwasiro rurerure cane, nubwo amakuru avuga ko zitakaza bikomeye.
Ukraine igendera ku mfashanyo ya Amerika y'ibirwanisho bigezweho, harimwo n'ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.
Kuva kandi Uburusiya butanguje iyi ntambara mu 2022, Kyiv igendera ku makuru y'igendereza ihabwa na Washington.
Ejo ku wa gatanu, icegera c'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika JD Vance yavuze ko ari "ivyiyumviro bidafashe kwiyumvira ko kubandanya dutanga amafaranga, ibirwanisho, canke dufata ibihano, intsinzi yoba iri hafi".
Mu nama n'umurwi wiwe ujejwe umutekano ejo ku wa gatanu, Putin yaremeje ko Amerika yari yamuhaye iyi nteguro y'amahoro, kandi ko ishobora kuba "umushinge" wo gushika ku mwumvikano, nubwo muri Kremlin ata nama iraba yo kwihweza ibiri muri yo.
Yavuze ko Uburusiya bufise ishaka ryo "kwiyorosha" ariko kandi ko bwiteguriye kubandanya intambara.
Mw'ijambo ry'iminota cumi yashikirije ari imbere y'ibiro vy'umukuru w'igihugu i Kyiv, Zelensky yagabishije ko Ukraine ishobora guhangana "n'igitsure cinshi…mu ntumbero yo kuduca intege, yo kuducanishamwo".
"Ntidutwarira hejuru", niko yabandanije avuga, "tuzobandanya dukorana na Amerika n'izindi ncuti dushize umutima mu nda... dutanga ivyiyumviro" muri iyi nteguro.
Vyabaye ngombwa ko Zelensky afata inzira yo hagati na hagati mu kurwanira inyungu za Kyiv no kugumana umubano mwiza na Trump yigeze gushwana na we ku mugaragaro muri Maison Blanche mu ntango z'uno mwaka, kandi yagiye aboneka kenshi n'umwikomo wo kubona ata ntambwe yariko iraterwa mu biganiro vy'amahoro.
Mu kuvuga kuri iyi nteguro Zelensky arinengesera cane – nubwo ejo ku wa gatanu yemeye ko Ukraine "ishobora kuja mu gihe kitoroshe c'amahitamwo: kwemera gutakaza agateka, canke itakaze incuti magara".
Maison Blanche yahakanye ibivugwa ko Ukraine yataramuwe mu kwandika iyi nteguro.
Umutegetsi wa Amerika atavuzwe izina yabwiye ikinyamakuru CBS News, gikorana na BBC muri Amerika, ko iyi nteguro yanditswe "ubwo nyene" inyuma y'ibiganiro n'umutegetsi wo hejuru wa Ukraine mu gisata c'umutekano, Rustem Umerov, yemeye vyinshi mu biri muri yo.
Iyi nteguro yasohowe mu mpisho isaba ko ingabo za Ukraine ziva mu gice c'intara ya Donetsk iri mu buseruko gushika ubu zigenzura, ibi bikaba vyoba bisigura ko Uburusiya bwoca bugenzura Donetsk, hamwe kandi n'intara ya Luhansk ihana urubibe nayo co kimwe n'akarere ka Crimée/Crimea Moscou yihagiye mu 2014.
Uburusiya gushika ubu bugenzura hafi 20% vy'ubutaka bwa Ukraine.
Iyi nteguro ivuga ko Kyiv yoca yizezwa "gukingirwa umutekano mu buryo bwizewe", nubwo ata nsiguro zitangwa.
Uru rwandiko ruvuga ko "vyitezwe ko" Uburusiya butazotera ibihugu bibanyi vyabwo kandi ko OTAN itazokwiyagurira akarere.
Iyi nteguro ivuga ko Uburusiya "buzosubizwa mu rwego rw'ubutunzi ku kwego mpuzamakungu", mu gukurwako ibihano hanyuma bugatumirwa gusubira mu murwi G7 w'ibihugu vya mbere bikomeye kw'isi – kugira uce usubira kwitwa G8.