Lausane: Francine Niyonsaba uwa mbere mw'ihiganwa rya Diamond League ku metero 3000

Umurundikazi Francine Niyonsaba yatahukanye ikibanza ca mbere mw'ihiganwa rya Diamond League ryariko rirabera i Lausane mu Buswisse ku metero 3000.

Uwo murundikazi aherutse guhabwa icubahiro co kwitwa ambasaderi yasize isegunda imwe gusa umunye Amerika Alicia Monson.

Francine Niyonsaba yagize iminoto 8:26:80 na we Monson agira iminota 8:26:81.

Aganira na radio BBC Gahuza, inyuma yo gutahukana iyo ntsinzi, Francine Niyonsaba yagize ati:" N'ukuri simfise ingene nobivuga, naryohewe cane gutsinda rino higanwa.

"Ryari ihiganwa ritoroshe na gato, kuko abo twari kumwe bose bashobora gutsinda, ariko mba inshirwarimenetse.

"Natsindishije ubwenge bwinshi cane kuko urabona ko twatandukanijwe n'amafoto yo kuri "ligne d'arrivee" (ku murongo wa nyuma dushikirako).

Ihiganwa rya nyuma rya Diamnond League ritegekanijwe itariki 6 z'ukwezi kw'icenda mu 2022.

Mu kwezi kw'icenda mu 2021, Francine Niyonsaba yabaye umugore wa mbere anyaruka gusumba abandi kw'isi ku metero 2000.

I Zagreb muri Croatia, yanditse amateka mu guca umuhigo kw'isi ahejeje izo metero ku minota 5:21:56.

Francine Niyonsaba w'imyaka 28 ari mu banonotsi benshi babujijwe guhiganwa ku metero ziri hagati ya 400 na 1.500 kubera baremanywe imisemburo (testosterone) myinshi.