Menya ingene Zuma yabaye 'igihuhusi' mu matora ya Afrika y'Epfo

    • Umwanditsi, Nomsa Maseko
    • Igikorwa, BBC News, Durban

Yaratowe, yagirizwa ruswa – arabogozwa yagirijwe gufata ku nguvu – yarambitswe izera, aratorwa kuba umukuru w’igihugu, asubira kwagirizwa ruswa – asubira kwiyamirizwa, arabogozwa, arapfungwa yagirizwa gukengera ubutungane – mu nyuma ararekurwa, yankirwa kwitoza nk’umushingamateka.

Ku banyaporitike hafi bose ikintu kimwe gusa muri ibi cari gushobora kubasenyura, ariko si ko bimeze kuri Jacob Zuma muri Afrika y’Epfo.

Nk’umurwanyi atarota arekura, uno munyaporitike w'imyaka 82 yahoze ari umukuru w’igihugu, yari kuba yarakubiswe hasi incuro nyinshi, ariko ntiyigeze asenyurwa ngo ave mu ndwano.

Mu gihe c’imyiyamamazo iheruka yaravyina imvyino ziwe asanzwe amenyereye kandi amajwi yaronse mu matora yo mu ndwi iheze arerekana neza ikibanza ciwe gikomeye afise mu gihugu.

Ni we arongoye umugambwe mushasha wahanganye n’umugambwe ANC uri ku butegetsi, aho uwo mugambwe wiwe waronse amajwi 15%.

Ivyavuye mu matora vyabaye akamaramaza kuri ANC, umugambwe waharaniye ubwigenge bw’abanya-Afrika y’Epfo mbere Zuma yigeze kurongora, kuko watakaje ubwiganze mu nama nshingamateka, ku ncuro ya mbere mu myaka 30 – kandi "igihuhusi ca Zuma", canke "Zuma tsunami" nk’uko bakunze kubivuga, kibifisemwo uruhara.

Hagati mu gisagara ca Durban kiri ku nkengera y’ibahari, ari na co gisagara gikuru c’intara ya KwaZulu-Natal, isanamu ya Zuma amwenyura ni yo iboneka hafi ku vyapa vyose vy’amabara asa n’icatsi kibisi n’ayirabura agize umugambwe wiwe aherutse gushinga, uMkhonto weSizwe (MK), twogereranya na Icumu ry’Igihugu.

Nta nkeka ko uno munyaporitike afise icubahiro kidasanzwe muri ino ntara y’amavukiro yiwe, aho yubashwe kubera kwubahiriza akaranga n’imico kama vy’Abazulu.

Baramwubahira kandi uruhara yagize nk’umuhuza mu ndyane za poritike zadutse mu ntango z’imyaka ya 1990 zahatswe guhuvya igihugu mu nzira carimwo yo kwinjira muri demokarasi.

Hanyuma kandi mu myaka irenga 20, azwi ko ari we yajijuye abatora bo mu ntara ya KwaZulu-Natal, aho yabonkoye ku mugambwe w’Abazulu Inkatha Freedom Party bagatora ANC.

Muri uno mwaka, yarashoboye kwegeraniriza abanywanyi biwe muri MK, umugambwe witiriwe iryahoze ari ishami rya gisirikare rya ANC, kandi rikaba ari ikimenyetso gikomeye muri poritike kubera uruhara rwaryo mu rugamba rwo kurwanya ya ntwaro y’ivangura y’inkehwa z’abazungu, izwi nka apartheid.

Igihe MK ishira ahabona imigambi yayo hasigaye indwi imwe ngo amatora yo ku wa 29 Rusama (5) abe, imbere y’isinzi ryari rikoraniye mu kibuga gifise ibibanza 40.000, cari ikimenyetso cerekana ko “uBaba” (data), nk’uko Zuma azwi, yari agarutse.

Isinzi ry’abanywanyi biwe, mu bushuhe butagira urugero, baririmba bati: “Zuma! Zuma!”

Umwe muri bo yatera akaruru mu Kizulu ati: “Uyinsizwa nxamala”, twogereranya na “Umurwanyi karuhariwe atigera acika intege”.

Ku musi w’amatora, ashitse ku biro vy’itora vyari kw’ishure ribayabaye ridafise utuzu twa surwumwe tugezweho, uno mukuru wa MK yakiriwe n’amajana y’abantu bamuhamagara mu mazina yiwe yo mu muryango: “Msholozi, Nxamalala, Maphum’ephethe”.

Yarabaramukije arabamwenyurira, imbere yo kwinjira mu cumba c’itora kw’iryo shure.

Igihe yava kuri ibi biro vy’itora, abanywanyi biwe baririmba indirimbo yo kumushigikira, yamenyekanye cane mu myaka iheze igihe uno yahoze ari umukuru w’igihugu yagirizwa ruswa.

Icitabirizo kimwe baririmvye cavuga ngo: “Zuma yakoze iki? Muriko murahendwa n’amajambo y’abo bazungu bafise ubutunzi bwose.”

Abanyaporitike benshi barashobora kwishimikiza inkingi y’intamenwa y’abanywanyi babo batava kw’izima, ariko ubushobozi bwa Zuma bwo kwiyegereza ba ntaho nikora n’abandi bataramuwe, ni vyo bimutandukanya n’abandi.

Kandi ibi bishobora kuba ari vyo bisigura igituma akunzwe cane nubwo yagiye yagirizwa amafuti y’agahomerabunwa.

Mu myaka itandatu iheze, wamengo amahirwe yiwe agiye ashika kw’iherezo, igihe abogozwa yagirijwe ruswa, ibirego yahakanye.

Cyril Ramaphosa ni we yaciye amusubirira mu kibanza c’umukuru w’igihugu, Zuma aca atabwa nk’akanuka, izina ryiwe rirasibanganywa.

Ibintu vyarabaye bibi cane mu myaka itatu iheze: yarapfunzwe yagiriwe n’icaha co gusuzugura ubutungane inyuma yo kwanka kurenguka ngo yisigure imbere y’umurwi ujejwe amatohoza ku vyaha vya ruswa yagirizwa mu myaka icenda yamaze ari umukuru w’igihugu.

Ihagarikwa ryiwe muri Mukakaro (7) 2021, ryateje imvururu zahitanye abantu benshi kuva ya ntwaro y’inkehwa z’abazungu irangiye mu 1994, zaguyemwo abantu barenga 300.

Yaciriwe umunyororo w’amezi 15, ariko Perezida Ramaphosa yaramurekuye amazeyo amezi atatu gusa, mu kugerageza kumuhoyahoya, we n’abanywanyi biwe bari barakaye.

Mu mayinga make aheze, vyabonetse ko Zuma yari asubiye gukubitwa akandi kanywafinywafi inyuma yo kwankirwa kwitoza nk’umushingamateka kubera yagiriwe n’icaha.

Ariko muri ibi vyose nta na kimwe casa n’icohungabanya abanywanyi biwe, kandi vyaragaragara ko yari afise ubushobozi bwo gukubita hasi abakeba biwe, ivyo ANC yahavuye yemera.

Umunyamabanga mukuru wa ANC, Fikile Mbalula, avuga ku manota mabi uno mugambwe waronse mu matora, yagize ati: “Jacob Zuma ni umunyaporitike akomeye ategerezwa guhabwa ikibanza gikwiye muri poritike ya Afrika y’Epfo…ntitwigeze tumusuzugura”.

Nubwo yahagaritswe vy’agateganyo muri ANC, Zuma aracari umunywanyi w’umugambwe watembagaje intwaro ya apartheid.

Nk’umuntu atize mu mashure asanzwe kandi yakuriye mu buzima buciriritse, ibikorwa vyiwe vyo kurwanya apartheid vyatumye apfungwa imyaka 10 muri rya bohero rizwi cane rya Robben Island ari kumwe na Nelson Mandela.

Inyuma y’aho itegeko ryazibirira ANC rikuriweho n’intwaro y’abazungu mu 1990, Zuma yarahungutse yinjira mu nzego nkuru z’umugambwe. Mu 1999 yaragenywe kuba icegera c’umukuru w’iki gihugu.

Niho mu 2005 yagirizwa ibiturire mu masezerano ajanye no kugura ibirwanisho yo mu 1999, ibirego yamiriye kure, ariko Thabo Mbeki yari umukuru w’igihugu ico gihe akaba yaramubogoje. Uru rubanza ruracabandanya kandi aracahanganye n’ibirego vyo kurya amamiriyaridi y’amadorari muri ano masezerano.

Muri Kigarama (12) uwo mwaka, yaragirijwe gusambanya ku nguvu umukobwa w’umugenzi bari kumwe mu mugambwe. Yaremeye ko yaryamanye n’uno mugore yari asanzwe arwaye umugera wa SIDA, ariko ko bari bavyumvikanye.

Zuma yarihaye amenyo y'abatwenzi igihe yavuga ko yaciye yiyuhagira inyuma yo gukora imibonano mpuzabitsina n’uno mugore kugira ngo ntiyandure umugera wa SIDA, kandi akaba yaremeza ko umugore adashobora kwanduza umugera wa SIDA umugabo yikomereye.

Umwaka wakurikiye, yarejejwe icaha co gufata ku nguvu.

Mu nyuma yaciye akora uko ashoboye asubira mu burongozi bukuru bwa ANC, hanyuma aza kuba umukuru w’igihugu mu 2009.

Zuma yabandanije n’ayo mabanga gushika mu 2018 aho yategekwa gutanga imihoho inyuma y’igitsure gikomeye yatewe mu mugambwe wiwe.

Ibi vyabaye inyuma y’aho yagirijwe kugira uruhara mu kizwi nka “state capture” (twogereranya no “kwifatira reta”), aho yagirijwe ko yaretse umuryango w’abakire – aba-Gupta – ukagira uruhara rurenze urugero muri poritike y’igihugu.

Zuma n’abavukanyi b’aba-Gupta bariyamirije ibirego vya ruswa bavuga ko ryari irementanya.

Uno yahoze ari umukuru w’igihugu n’abanywanyi biwe bagiriza uwamusubiriye, Ramaphosa, ko ari we yamutembagaje.

Ubu rero ashobora kurondera kumusubiriza mu ndumane.

Mu gihe ibiganiro vyo kugira urunani bibandanya, umugambwe MK umaze gutangaza neza ko uzokwemera gukorana na ANC mu gihe gusa umukuru w’igihugu azoba atanze imihoho.

Zuma yateye ikofe rya mbere ku wa gatandatu yishimikije intambwe umugambwe wiwe wari uteye, mu kuvuga ko amatora yabayemwo utunenge.

Buca hatangazwa amajwi ntabanduka y’ivyavuye mu matora, yavuze ati: “Nta n’umwe ategerezwa gutangaza ivyayavuyemwo, ntimuducokoze, ntimutanguze umudugararo”.

Umurwi ujejwe amatora urahakana wivuye inyuma ibi birego.

Ubu igipolisi kimeze magabo kubera hashobora kwaduka imvururu kubera amajambo ya Zuma.

Nyamara nubwo ibintu bimeze nabi kandi imigenderanire atari myiza, ANC iracabona ko bishoboka gushinga urunani n’umugambwe MK.

Mbalula ati: “Turiko turavugana n’uwo wese yiteguye kuja hamwe na twe mu gushinga reta.”

Ibi vyose vyerekana ko Zuma afise ubushobozi budasanzwe bwo kuguma ku rubuga.