"Sinari nzi gusoma no kwandika gushika ku myaka 18 ariko ubu nigisha kuri kaminuza ya Cambridge"

Ahavuye isanamu, JASON ARDY
Mu myaka yiwe ya mbere, bamutoye ingwara ya "Autisme" no guteba gukura. Jason Aday ntiyashobora kuvuga gushika ku myaka 11 kandi ntiyashobora gusoma no kwandika imbere y'imyaka 18.
Ubu, ku myaka 37, yimirije kuba umwirabure muto cane abaye umwigisha wa kaminuza ya Cambridge mu Bwongereza.
N'aho atashobora kuvuga, mu bwana bwiwe, Jason yaguma yibaza ibibazo ku bintu bimukikije.
Uwo mwana yavukiye yongera arererwa i Clapham, mu micungararo y'ubumanuko bushira uburengero bwa Londres, Arday yaminuje mu vyigwa vy'imibano, yemeza ko ibihe vyamugize ico ari ubu ari cane cane kuba yarabonye ku mboneshakure Nelson Mandela apfungurwa n'intsinzi y'umugwi nserukiragihugu wa Afrika y'epfo wa Rugby mu gikombe c'isi co mu 1995.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aribuka ababazwa cane n'ububabare bw'abandi hamwe yiyumva ko akwiye kugira ico akoze.
Agira ati: "Ndibuka ko nigeze kwiyumvira ko ntabaye umukinyi w'umupira w'amaguru, nipfuza kuzotabara isi."
Nyina wiwe yaragize uruhara runini mu kumufasha kwigirira icizere ubwiwe n'ubushobozi bwiwe.
Yaramufashije mu vyerekeye umuziki mu cizere ko bishobora kumufasha kugerageza kuvuga.
Ariko kandi yaravyuye muri we agatima ko kumenya imico y'abantu, yashimikiyeko muri bimwe mu vyigwa yagize.
Atanguye gusoma no kwandika
Afashijwe n'uwiyemeje gushigikira, umwigisha wiwe kuri kaminuza akaba n'umugenzi Sandro Sandri, Ardy yatanguye gusoma no kwandika ageze mu myaka ya nyuma y'ubuyabaga bwiwe.
Yaciye yiga ivyigwa vyo kwinonora imitsi n'uburezi kuri kaminuza ya Surrey, mu bumanuko bwa Londres, imbere y'uko abandanya n'ivyigwa vyo kuba umwigisha wo kwinonora imitsi.
Kubw'iwe, kuba yakuriye mu karere k'abantu baciriritse, no kuba yarakoze nk'umwigisha vyatumye yibonera neza na neza ingorane z'ubusumbasumbane urwaruka rwo mu bwoko bw'inkehwa rubamwo mu vyerekeye uburezi.

Ahavuye isanamu, UNIVERSITÉ DE CAMBRIDGE
Ku myaka 22, Arday yaciye atangura kwiyumvira kwiga igice ca gatatu ca kaminuza aca arabiganira n'uwamufata mu mugongo.
Sandro yambwiye ati: "Nibaza ko ushobora kubikora, nibaza ko dushobora guhangana n'isi kandi tugatsinda".
Arday agira ati: "Nibaza ko ari co gihe natanguye kwigirira icizere. Benshi mu bize kaminuza bavuga ko babikoze ku gihamana, ariko jewe, nari mfise ubwira kandi nkihata cane kuva ico gihe. Nari nzi ko ari yo ntumbero yanje".
Ingorane zo kuba 'professeur'
Ivyigwa vyo kugira ube umwigisha wa kaminuza vyari bigoye cane, kubera yari afise ubumenyi buke n'impanuro ku buryo yovyifatamwo.
Ku murango, Arday yakora nk'umwigisha wo kwinonora imitsi mu mashure yisumbuye.
Inyuma y'umutaga no ku mugoroba, yamara umwanya wiwe ariko aragira inyandiko za kaminuza no kwiga ivyigwa vy'imibano (Sociologie).
Avuga ati: "Igihe natangura kugira inyandiko za kaminuza, sinari nzi ivyo ndiko ndakora".
"Ntawanyereka ivyo nkora kandi nta n'umwe yari yaranyigishije uko bavyandika".
"Ivyo natanga vyose baca bavyanka ubwo nyene".
"Uburyo bwo gukosorwa n'abo mwigana bwari bubi cane ku buryo vyari bisigaye bitwengeje, ariko nabifashe nk'uburyo bwo kwiga, ata co ndinze gushingirako, naratanguye kubikunda".

Ahavuye isanamu, UNIVERSITÉ DE CAMBRIDGE
Arday yararonse impapuro z'umutsindo zibiri za 'Maitrise' hamwe n'urwa 'Doctorat' mu vyigwa vy'uburezi.
Abajijwe ku gihe yabona ko abaye umu 'Sociologue', yishuye ko hoba hari mu 2015.
" Kwiyumvira ni co kintu nashaka gukora".
Inyuma y'imyaka umunani, yimirije kuba umu 'professeur' mu cigwa ca 'Sociologie de l'Education'.
Muri kino gihe, abigisha batanu gusa b'abirabure ni bo ari aba 'professeur' kuri kaminuza.
Ibiva mu kigo kijejwe ibiharuro vyo mu mashure yisumbuye vyerekana ingene mu 2021, abigisha ba kaminuza 155 ku 23.000 ari bo gusa bamuka ku mugabane wa Afrika.

Ahavuye isanamu, UNIVERSITÉ DE CAMBRIDGE
Arday azotangura akazi kiwe gashasha itariki 6 z'ukwezi kwa gatatu, yitaho cane kwongereza abaserukira ubwoko bw'inkehwa mu mashure yisumbuye.
Asigura ati: "Igikorwa canje cibanda ahanini ku kungene twoshobora kwugururira imiryango abantu benshi bo mu turere duciriritse no gukorera mu muco mu gisata ca kaminuza".
Akazi mu nyigisho za kaminuza
Mu 2018, Arday yasohoye inyandiko ya mbere aca aronka ikibanza c'uwuremesha ibiganiro (conference) yamaho muri kaminuza ya Roehampton imbere yo kuja kuri kaminuza ya Durham, aho yari umwigisha afasha abandi mu vyigwa vy'imibano.
Mu 2001, yaciye aba umwigisha wa 'Sociologie de l'Education' kuri kaminuza ya Gradgow, ivyo ico gihe vyamugize, umwe mu bigisha bakiri bato bo mu Bwongereza.
Agira ati:" Nibaza ko kuba mu kibanza nka Cambridge bizuopa igihagararo gikenewe kugira nkore umugambi wanje ku rwego rw'igihugu n'isi.
"Kubivuga ni kimwe, ariko kubikora n'ikindi".
Arday agira ati: "Cambridge iza yaramaze kugira impinduka zikomeye iranaronka n'umusaruro ugaragara mu kugerageza guhindura abahakora. Ariko haracariho urugendo rutari ruto, haba ngaha no muri iki gisata cose.
"Kaminuza ifise abantu n'uburyo bitangaje. Ikigoye ni ukumenya ingene hokoreshwa uwo mutahe mu guhindura ibintu ku nyungu za bose, atari gusa kuri bamwe bamwe".
"Gushobora gukora ibintu neza n'ubuhinga. Ivyo bisaba ubwitonzi kugira bose bumve ko bashobora gukorera hamwe.
"Nitwaba dushaka ko uburezi buba ubwa bose, ibikoresho bikomeye dufise ni ugushigikirana, gutahurana no gukundana".










