Ukraine: Amerika ivuga ko Ubushinwa bushobora guha ibirwanisho Uburusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Samuel Horti i Londres na James Landale i Munich
- Igikorwa, BBC News
Ubushinwa buriko burihweza ingene bwoha Uburusiya ibirwanisho n’amasasu mu ntambara yabwo na Ukraine, nk’uko bivugwa n’umushikirangaji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken.
Blinken yabwiye imboneshakure CBS News ko amakompanyi y’Ubushinwa yari asanzwe aha Uburusiya “ubufasha bw’ibikoresho atari ivyo mu ntambara” – ariko amakuru mashasha akavuga ko Pékin/Beijing ishobora gutangura gutanga “ibirwanisho”.
Agabisha ko ibi bishobora gutuma ibintu vyunyuka “bikagira ingaruka mbi” ku Bushinwa.
Ubushinwa burahakana amakuru avuga ko Moscou yoba yarasavye ibikoresho vya gisirikare.
Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa ni incuti ya Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya kandi ntariyamiriza igitero c’Uburusiya – akaba yagumye ashaka kwerekana ko ata ruhande yegamiye muri ino ntambara, agahamagarira kandi ibiganiro vy’amahoro.
Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderaire avuga ko igihugu ciwe kidashobora kwemera “gutungwa agatoke” no “guterwa ubwoba” na Amerika ku bijanye n’imigenderanire yabwo n’Uburusiya.
Blinken yavuganye na CBS ahejeje kubonana n’uyu ajejwe imigenderanire y’Ubushinwa, Wang Yi, ku wa gatandatu mu nama y’umutekano yabereye i Munich mu Budagi.
Avuga ko muri iyo nama yerekanye “amakenga menshi” ku kungene “Ubushinwa bushobora guha Uburusiya ibirwanisho”.
Ati: "Gushika ubu turabona amakompanyi y’Ubushinwa... afashisha Uburusiya ibikoresho bitica bikoreshwa muri Ukraine. Amakenga dufise ubu ashingiye ku makuru dufise ko ariko ariga ingene yobufashisha ibikoresho vyica”.
Nta vyinshi avuga ku makuru Amerika yaronse yerekeye integuro Ubushinwa bushobora kuba bufise. Abajijwe ibikoresho Ubushinwa bushobora guha Uburusiya, yavuze ko ari cane cane ibirwanisho n’amasasu.
Amerika yaramaze gufatira ibihano ikompanyi imwe yo mu Bushinwa iyagiriza ko yafashe amasanamu ya Ukraine ikayaha wa murwi w’abacangero Wagner usanzwe ufise ibihumbi n’ibihumbi vy’abarwanyi muri Ukraine.
Mu gihe Ubushinwa bwoha Uburusiya ibirwanisho, ibi bishobora gutera “ingorane zikomeye kuri twebwe no mu migenderaire yacu”.
Imigenderanire hagati ya Washington na Pékin yari iasanzwe yaratosekaye inyuma y’aho Amerika irasiye igipurizo c’Ubushinwa kivugwa ko cari ica maneko mu ntango z’ukwa kabiri. Impande zompi zarateranye amajambo mabi, ariko vyasa n’uko izi mpande zompi zisa n’izitahagaritswe umutima n’ivyabaye, zigasa nizari ziteguye kubandanya neza.
Ariko mu gihe Ubushinwa bwotanga ibirwanisho mu ntumbero yo gufasha ingabo z’Uburusiya ziri muri Ukraine, imigenderanire hagati ya Amerika n’Ubushinwa yoca iba mibi cane gusumba.
Amajambo ya Blinken asa n’ayo gutera igitsure Ubushinwa kugira ngo ntibubikore.
Blinken avuga kandi ko Amerika itewe impungenge n’ingene Ubushinwa buriko burafasha Uburusiya kuzunguruka ibihano bwafatiwe n’Uburengero mu ntumbero yo gucuvya ubutunzi bw’Uburusiya. Urudandazwa hagati y’Ubushinwa n’Uburusiya rugenda rukomera, kandi Ubushinwa ni rimwe mu masoko akomeye y’igitoro, gaze n’ibizuku (charbon) vy’Uburusiya.
Amajambo y’uyu ajejwe imigenderanire ya Amerika aje imbere y’urugendo Wang ategekanya kugira i Moscou, mu ngendp ziwe ariko aragira i Bulaya.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ari i Munich ku wa gatandatu, Wang yavuze ko Ubushinwa “butareze amaboko canke ngo bukokeze” mu ntambara yo muri Ukraine, nk’uko vyandikwa na Reuters.
Avuga ko Ubushinwa bugiye gusohora urwandiko rwerekana aho buhagaze kuri ino ntambara. Uru rwandiko rushobora kuzoba ruvuga ko ubusugire bw’ibihugu vyose butegerezwa kwubahirizwa, nk’uko abivuga.
Ati: "Nosaba ko bose botangura kwiyumvira batekanye, cane cane abagenzi b’i Bulaya, ku co twokora kugira ngo turangize iyi ntambara”.
Avuga ko hari abatipfuza ko ibiganiro vyogira ico bishitseko, canke ko intambara irangira vuba, ariko ntiyadomyeko urutoke.
Umushikirangaji w’Ubutaliyano ajejwe imigenderanire Antonio Tajani avuga ko Perezida Xi w’Ubushinwa ategura gushikiriza “ijambo ry’amahoro” kw’isabukuru y’umwaka umwe iyi ntambara imaze itanguye ku wa 24 Ruhuhuma (2).
Reuters ivuga ko Tajani yabwiye iradiyo yo mu Butaliyano ko ijambo rya Xi rizohamagarira amahoro ariko ritiyamirije Uburusiya.
Mu mubonano wabo, Blinken na Wang bateranye amajambo akomeye ku cuka kibi caturutse kw’iraswa ry’igipuruzi c’Ubushinwa mu kirere ca Amerika.










