Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu mubonano wa nyuma na Biden, Xi yavuze ko azokorana na Trump
- Umwanditsi, Frances Mao
- Igikorwa, BBC News
Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping yiyemeje gukorana na prezida Donald Trump buca ashikira ubutegetsi mu mubonano wa nyuma bagiranye na prezida wa Amerika aramutswa ico gihugu muri kino gihe Joe Biden.
Abo bategetsi babiri bahuye kuri uyu wa gatandatu igihe hariko haraba inama ya buri mwaka ya Asia-Pacific Economic Cooperation (APEC) i Peru, aho bemeje ko hari "ibitagenze neza" mu migenderanire yabo mu myaka ine Biden amaze ku butegetsi.
Ariko bose bashimikiye ku ntambwe imaze gushikwako yo kugabanya imishamirano ku bintu bimwe bimwe nko ku ibazo c'ubudandaji hame n'ica Taiwan.
Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko imigenderanire ya Amerika n'Ubushinwa ishobora kuba mibi gusumba igihe Trump azoba agarutse ku butegetsi mu mezi abiri ari imbere, bitewe n'ibintu bimwe bimwe birimwo kwongereza amakori ku bintu vyinjira muri Amerika bivuye mu Bushinwa.
Prezida aherutse gutorwa yiyemeje kwongereza amakori gushika kuri 60% ku bintu vyose vyinjira bivuye mu Bushinwa. Yaragenye kandi abategetsi bakomeye bataraba ryiza Ubushinwa mu bibanza vyo hejuru muvyo imigenderanire no kwivuna abansi.
Mu kiringo ciwe ca mbere, Trump yise Ubushinwa "igihugu gikeba". Imigenderanire yagiye kwononekara cane igihe uwo yari prezida ico gihe ahaye izina Covid "umugera w'Ubushinwa" igihe ico kiza catera.
Ku wa gatandatu, avugira mu nama yariko irabera mw'ihoteri i Lima, prezida w'Ubushinwa yavuze ko intumbero yabo y'imigenderanire myiza na Amerika itarahinduka.
Xi yagize ati:"Ubushinwa buriteguye gukorana n'ubutegetsi bushasha bwa Amerika mu kubandanya kuganira, gufashanya no gutorera inyishu ivyo tutabona kumwe."
Biden yavuze ko uguhiganwa hagati y'ivyo bihugu bibiri rutura bidakwiye kuvamwo intambara.
Yagize ati:"Ibihugu vyacu ko ari bibiri ntibishobora kwemera ko hagira na kimwe muvyo bahiganwako gitera intambara. Iyo ni yo nshingano yacu kandi mu myaka ine iheze nibaza ko twerekanye ko bishoboka kugira imigenderanire nk'iyi."
Ikiringo ca Biden amaze ku butegetsi caranzwe n'imishamirano n'Ubushinwa, harimwo, harimwo igipurizo c'iperereza hamwe no kurasa mu micungararo ya Taiwan inyuma y'aho habereye urugendo rw'umutegetsi wo hejuru wa Amerika muri ico gihugu.
Ubushinwa buvuga ko ivyo bwemeza ko kuri iryo zinga rivuga ko ryigenga ari umurongo utukura.
Ariko rero Ariko rero, ubutegetsi bwa Biden bwari bufise intumbero yo “gucungera neza” ubucuti n’Ubushinwa inyuma y’ikiringo ca mbere ca Trump.
Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko Ubushinwa busa n'ubutewe umutima uhagaze n'ingene prezida aherutse gutorwa ari mahundagu.
Bonnie Glaser, arongoye ikigega German Marshall Fund's Indo-Pacific Program, agira ati:"Abashinwa bariteguye kuganira no gushika ku masezerano, kandi bashobora kuba bizeye guhura n'umugwi wa Trump hakiri kare kugira baganire kuvyo bashobora gukorana.
"Muri ico gihe nyene ariko, baraniteguye kwihora mu gihe Trump yobandanya gushiraho amakori y'umurengera ku Bushinwa."
Yongeyeyo ko Ubushinwa bushobora kuba kandi "butewe umutima uhagaze no kubura bwo guhindura politike ya Trump."
Ku musi wa gatandatu, Biden yaremeye ko hagiye haraba ukutumvikana na Xi ariko yongerako ko ibiganiro hagati yiwe n'uwo mutegetsi w'Ubushinwa vyagumye ari ivyo "ukuri".
Abo bategetsi babiri bagiranye ibiganiro vy'imbona nkubone mu gihe Biden amaze ku butegetsi, harimwo inama yabaye mu mwaka uheze yabereye i San Francisco aho izo mpande zibiri zashitse ku masezerano yo kugwanya ibiyovyabwenge n'ihindagurika ry'ibihe.
Ariko ubutegetsi bwa Biden kandi bwarabandanije gutangisha amakori yashizweho na Trump. Reta yiwe yarashizeho amategeko mu kwezi kwa gatanu agenga imodoka z'umuyagankuba zikorerwa mu Bushinwa hamwe n'ivyuma bikwega imishwarara y'izuba.
Yarakomeje kandi ubucuti bwa gisirikare mu bihugu vya Asia na Pacifique mu guhangana n'Ubushinwa bugenda bwiyerekana nk'igihangange muri ako karere. Uwo mukuru w'igihugu arangije ikiringo ciwe yavuze ko Amerika izotabara Taiwan mu gihe yoterwa n'Ubushinwa.