Umuganwa Charles yabonanye n'abacikacumu n'abakoze jenoside mu Rwanda

Ahavuye isanamu, PA Media
Umuganwa wa Wales yabonanye n’abacikacumu n’abakoze jenocide yo mu 94, Samurarwa w’ingoma y’Ubwongereza akaba yaserukiye Umwamikazi (nyina wiwe) mu nama ya CHOGM.
Ari kumwe n’umugore wiwe Duchesse wa Cornwall, Umuganwa Charles yagendeye isengero iri mu nkengera z’umurwa mukuru Kigali ahashinguwe ibisigarira vya bamwe mu baguye muri iyo jenoside aho intagondwa z’abahutu zishe ibihumbi n’ibihumbi vy’abatutsi.
Nirwo rugendo rwa mbere abo mu bwami bw’Ubwongereza bagize mu Rwanda.
Umuganwa wa Wales na Duchesse wa Cornwall bashitse mu Rwanda ku wa kabiri mw’ijoro -Urwanda rukaba ruri mu bihugu bike umwamikazi ataragendera.
Umuganwa Charles yaserukiye Umwamikazi, ari nawe ari umukuru wa Commonwealth, mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize Commonwealth, yasibijwe mu mu 2021 no mu 2020 kubera ikiza ca Covid.
Yatewe intege zo kugendera urwibutso rwa jenoside rwa Gisozi n’umunyarwanda yahoze ari umukinyi w’umupira w’amaguru Eric Murangwa.
Niwe yashinze ikigo Football For Hope, Peace And Unity, kandi akaba yakijijwe mu gihe c’ubwicanyi n’abo bakinana.
Umuganwa wa Wales yamugize MBE (Member of the Most Excellent Order of the British Empire) mu gushima utwigoro twiwe two kwumvisha amahano ya jenocide yakorewe abatutsi.
Umuganwa Charles n'umugore wiwe mu nyuma babonanye na prezida Paul Kagame. Ministre wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson, nawe yemeje ko azoja i Kigali kwitaba iyo nama.

Ahavuye isanamu, PA Media
Urwo rugendo rubaye inyuma y’aho bivugiwe ko ku giti ciwe uwo mugamwa yaneguye umugambi wa reta y’Ubwongereza wo kurungika abajabuka kurondera ubuhungiro muri ico gihugu baciye mu nzira zitemewe n’amategeko.
Ikinyamakuru The Times canditse muri uku kwezi ko uwo samuragwa w’ingoma y’Ubwongereza yavuze ko uwo mugambi “uteye isoni.”
Indege yari guhagurukana abambere bari kurungikwa mu Rwanda yari itegekanijwe ku wa kabiri w’indwi iheze iza gusiba ku munota wa nyuma ku ngingo ya sentare ya Buraya ijejwe agateka ka zina muntu.
Umuganwa Charles na Camilla bakiriwe ku kibuga c’indege bashitse mu Rwanda n’umugwi mutoya w’abategetsi.
M bakiriye Charles na Camilla ku ndege harimwo uwuhagarariye Ubwongereza mu Rwanda, Omar Daair, uwuhagarariye Urwanda mu Bwongereza Johnston Businge, umujenama adasanzwe Yamina Kariranyi hamwe n’intumwa idasanzwe y’umushikiranganji wa mbere muri Commonwealth, Lord Ahmad.

Ahavuye isanamu, PA Media
Imbere y’uko haba inama y’abakuru b’ibihugu bigize Commonwaealth, Umuganwa Charles yavuze ko ugufashanya muri urwo rwego bifise ico bishobora gufasha kugira hagire ibihinduka ku bibazo nk’ivyerekeye ihindagurika ry’ibihe no guha amahirwe urwaruka.
Yavuze ko Commonwealth ishobora kugira “inguvu ata handi ziri ku neza y’isi yacu”.
Umuganwa Charles yaheruka guserukira Umwamikazi muri CHOGM muri Sri Lanka mu 2013, hanyuma mu 2018 ashingwa kuba umukuru wa Commonwealth agenywe n'umwamikazi.
Iyo nama ubundi ibera mu gihugu gitandukanye n'ico yaheruka kuberamwo uko imyaka ibiri iheze.










