Kuki abasaba ubuhingiro bariko barungikwa mu Rwanda, hagenda bangahe?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bamwe mu bashika kurondera ubuhungiro muri UK bazorungikwa mu Rwanda kugira ivyabo vyo gusaba ubuhungiro vyigwe n’ico gihugu.
Uwo mugambi w’ubuhungiro mu Rwanda uteye gute?
Uwo mugambi ugiye kugeragezwa ku kiringo c’imyaka itanu uzorungika bamwe mu mpunzi mu Rwanda, kugira baje gusaba ubuhungiro muri ico gihugu.
Aba mbere bitezwe kurungikwa kuri uyu wa kabiri itariki 14 ukwezi kwa Ruheshi (kwa 6).
Uwo mugambi werekeye cane cane abimukira bakiri bato kandi bakiri bonyene (celibataires) bashika baciye mu buryo reta ivuga ko ‘’bunyuranye n’amategeko, bubangamye canke budakenewe,” nko mu bwato canke mu kwinyegeza mu ma kamyo.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Boris Jonhson yavuze ko Urwanda arirwo ruzokwitaho abarungitsweyo, rubahe amahirwe angana mu kuronka ubuzi n’ibindi vya nkenerwa.

Ni bangahe bashobora kurungikwa mu Rwanda?
Uwari we wese yinjiye mu Bwongereza inyuma y’itariki ya 1 Nzero (ukwezi kwa mbere) ashobora kurungikwa, ataho kugarukiriza ku gitigiri, nk’uko umushikiranganji wa mbere yavuze.
Ubwa mbere abantu 37 ni bo bari kurungikwa ku wa kabiri, ariko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwabwiye BBC ko intambamyi zifatiye ku mategeko zagabanuye cane ico gitigiri.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buvuga ko abantu umunani aribo baja kurungikwa muri iyo ndege, ariko ishirahamwe ry’abagiraneza Care4Calais rivuga ko abo bantu ari indwi gusa.
Umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire Liz Truss yashimangiye ko indege yo ku wa kabiri ija guhaguruka, n’aho yoba itwaye abantu bari ku rushi.
Yongeyeko ati: ‘’N’ubwo boba batari ku ndege y’uyu munsi, bazogenda mu ndege zikurikira zizoja mu Rwanda.”
Intambamyi zishingiye ku mategeko
Amashirahamwe y’abagiraneza n’abashingwamanza bahagarariye abarondera ubuhungiro batanguje urugamba rushingiye ku mategeko rwo kurwanya uwo mugambi , bavuga ko bafise amakenga ku gateka ka zina muntu.
Ku wa mbere sentare isubiramwo imanza yanse kubuza indege kujana mu Rwanda aba mbere mu basaba ubuhungiro ku rubanza rwari rwashingishijwe na sendika Public and Commercial Services Union hamwe n’amashirahamwe y’abagiraneza Care4Calais na Detention Action.
Hari n’izindi ntambamyi zishingiye ku mategeko nazo zija kwumvirizwa muri sentare imbere y’uko indege ihagaruka.
Asylum Aid ivuga ko ukurungika abarondera ubuhungiro ari akarenganyo kuko ata mwanya ukwiye uhari kugirango baronke ubwunganizi mu mategeko kandi bunguruze urubanza rw’uburenganzira bwo kuguma mu Bwongereza.
Ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu afise amakenga niba Urwanda koko ari igihugu gitekanye co kurungikamwo abo bantu, akagabisha ko uwo mugambi uteye kubiri n’amasezerano y’ishirahamwe rya Buraya yerekeye agateka ka zina muntu.
Umushikirangani wa mbere yavuze ko reta yari yabonye hakiri kare ko hazoba ‘’abashingwamanza bakerebutse” bazobera intambamyi uwo mugambi.
Yagirije abaharanira uburenganzira kurondera ko “ikibazo c’abimukira kirabwa imiryango yuguruye”, avuga ko bikenewe cane ko ”hahagarikwa ibikorwa vy’imigwi vy’inkozi z’ikibi” vyo kujabutsa abantu mu kinyegero.
Amakuru avuga ko Urwanda rwasubiyemwo amazu y’uburaro hafi y’umurwa mukuru Kigali kugura azokwakire abo bimukira barungikwa bavuye mu Bwongereza.
Ico gihugu gisanzwe gihaye indaro impunzi 150.000 ziva mu bihugu bibanyi vy’Uburundi na Repuburika ya Demokrasi ya Congo.
Rusanzwe ruhaye indaro kandi abimukira bagerageje kujabuka Mediterranee baja i Buraya baciye muri Libya.
Bamwe bakora nk’abarimyi, abandi nk’abakozi bo mu ngo. Benshi nta kazi bafise, babeshejweho n’imfashanyo ya reta y’ama pound 35 (arenga ibihumbi 40 vy’amafaranga y’Urwanda) ku kwezi.
Reta y’Urwanda ivuga ko igihugu cakoze ‘’igitangaro’’ c’iterambere kuva mu 1994, igihe jenoside yahitana abantu barenga 800.000.
Amafaranga umunyagihugu yinjiza ku mwaka yariyongeye cane kuva ico gihe. Imyaka yo kuramba yiyongeye incuro icumi kuva mu 1990 ishika ku 69.
Ariko abashika 70 kw’ijana ku banyagihugu miriyoni 13, babeshejweho n’ukurima, bisigura ko barya, badashora ivyo bimbura.
Bizotwara amafaranga angana gute?
Reta ivuga ko ugusaba ubuhungiro mu Bwongereza ubu bitwara miriyaridi 1,5 z’ama pound ku mwaka, ayarenga miriyoni 4,7 z’ama pound akaba akoreshwa buri munsi mu kuriha amahoteri abimukira batagira uburaro bashirwamwo.
Kubakura mu Bwongereza n’indege zakoteshejwe vyatwa ama ama pound arenga 13.000 ku muntu mu 2020.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Tom Pursglove yavuze ko amafaranga angana miriyoni 120 z’ama pound y’ibanze azoheza agakurikirwa n’ayandi azohabwa Urwanda mu gihe ruzoba rubandanya kwakira abandi.
Ubwongereza bugiye gushira kandi miriyoni 120 z’ama pound mw’iterambere n’izamuka ry’ubutunzi vy’Urwanda.
Yavuze ko amafaranga azosohoka “asa n’ayangana n’ayo dusanzwe dusohora muri iki gihe ku basaba ubuhungiro”, kandi ko “ku gihe kirekire, mu kugabanya umuzo, ivyo bizodufasha kubika amafaranga”.
Ariko, uwukurikirana ibibazo vyo mu ntwaro hagati mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi Yvette Cooper yavuze ko “amafaranga yose azokoreshwa azoba menshi kurusha”.
Habaye igereranywa n’amafaranga Austrialia isohora kugira ama dosiye y’abarondera ubuhungiro muri ico gihugu yigirwe hanze, ayo nayo akaba yangana na miriyoni 546 z’ama pound mu 2021-22.
Liz Truss yanse kuvuga amafaranga indege yo ku wa kabiri izotwara, ahubwo avuga ko ikiguzi ku gucuruza abantu no kurondera ubuhungiro mu buryo butemewe n’amategeko bitwara amafaranga “menshi cane” umutangakori.
Uwo mugambi uzobuza abantu kujabuka?
Uwo mugambi wo mu Rwanda wamenyeshejwe ubwa mbere na reta y’Ubwongereza itariki 14 Ndamukiza (ukwezi kwa kane).
Hagati y’itariki 18 Ndamukiza na 5 Ruheshi (ukwa gatandatu), abarondera ubuhungiro bashika 3.599 nibo bizwi ko bajabutse mu bwato buto buto, hakurikijwe ibitigiri bitangwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.
N’ubwo abo bantu ari bake ugereranije na 4.554 binjiye hagati ya Ndamukiza na Ruheshi 2021, igitigiri gishobora kwiyongera niyo haboneka ibiharuro vyose vy’ikiringo co hagati ya Ndamukiza na Ruheshi.
Mu mwaka wose wa 2021, abantu 28.526 bazwi ko bajabutse mu bwato buto buto – bavuye ku 8.404 mu 2020. Igitigiri cose c’uyu mwaka citezwe ko kizoba kiri hejuru cane kuruta mu mwaka uheze, nk’uko bivugwa n’abarongoye sendika Border Force.
Mu 2021, 75 kw’ijana y’abaje bari abagabo bari hagati y’imyaka 18 na 39. Abashika 5 kw’ijana bari abagabo bafise imyaka irenga 40, 7 kw’ijana bari abagore bafise imyaka irenga 18, abana bafise munsi y’imyaka 18 bangana na 12 kw’ijana (muri abo batatu kuri bane bakaba bari abahungu).
Imbere y’aho abanya-Iran nibo bari benshi mu baza - 80 kw’ijana mu 2018, na 66 kw’ijana mu 2019.
Ubu vuba abantu barushirijeho kuba uruvange rw’ibihugu barurukamwo. Abanya-Iran bashika 30 kw’ijana y’abaza mu bwato buto buto mu mwaka uheze, mu gihe 21 kw’ijana bari abanya-Iraq, 11 kw’ijana abanya-Eritrea na 9 kw’ijana b’abanya-Syria hakuwrikijwe ibiharuro bitangwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati.














