Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunyamabanga mukuru wa ONU asaba ko Africa ihabwa intebe ntayegayezwa mu rwego rujejwe umutekano
- Umwanditsi, Claudia Efemini
- Igikorwa, BBC News
Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yasavye ko Afrika ihabwa intebe ntayegayezwa mu rwego rwa ONU rujejwe umutekano kw’isi nk’imwe mu mpinduka zo gukosora akarenganyo ko muri kahise.
Iyo nama ijejwe umutekano - igizwe n’ibihugu bitanu ntayegayezwa, ari vyo Ubushinwa, Ubufaransa, Uburusiya, Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika – imaze imyaka inegurwa kuba ikigendera ku kuntu ibintu vyari bimeze kuva intambara ya kabiri y’isi irangira aho Afrika ahanini yari ikiri mu bukoroni.
''Isi yarahindutse kuva mu 1945. Ariko urwego rujejwe umutekano, n’ubwo hari ibintu bike vyahindutse, ntirwagiye rurajana n’ibihe,'' ni ko Guterres yavuze.
Ibindi bihugu 10 bitari ntayegayezwa vyo bishirwa muri urwo rwego hakurikijwe ibice bitandukanye vy’isi, ariko vyo nta bubasha bwo kuzibira ingingo (veto) bifise .
Ishirahamwe rya Afrika rimaze imyaka risaba ko umugabane uronswa intebe zibiri ntayegayezwa muri iyo nama hanyuma hakongerwako n’intebe zibiri zitari ntayegayezwa.
Kuvuga kuri ico kibazo ku wa mbere kwari kwahamagajwe na Sierre-Leone – hanyuma umukuru wayo Julius Maada Bio aravugira umugabane.
''Ntikikiri igihe c’ingingo z’igice canke zo kuja harongerwa intica ntikize. Ijwi rya Afrika ritegerezwa kwumvirwa, ivyo isaba vyo kurenganurwa na vyo bigahabwa inyishu,'' niko yavuze.
Urwego rwa ONU rujejwe umutekano rufise inshingano zikomeye, harimwo gutanga uruhusha rw’ibikorwa vyo kugarukana no gucungera amahoro, gufata ibihano mpuzamakungu no gushinga ingene ONU yofasha mu gutorera inyishu amatati aba yadutse hirya no hino kw’isi.
Abandi bategetsi muri ONU barunganiye ivyo vyifuzo vy'uko haba impinduka, barimwo Dennis Francis - umukuru w'inama ya bose ya ONU, co kimwe na Guterres.
''Ntidushobora kwemera ko urwego rwa mbere rukomeye rw'amahoro n'umutekano kw'isi rubura ijwi ntayegayezwa ry'umugabane w'abantu barenga umuriyaridi - w'abantu bakiri bato kandi baguma biyongera mu bwinshi- ugize 28% y'abanywanyi ba ONU,'' nk'uko uwo mukuru wa ONU yavuze.
Afrika ntiserukiwe bikwiye mu rwego rwa ONU rujejwe umutekano no mu nzego mpuzamakungu z'amafaranga ariko ''ikaba iserukiwe birenze urugero mu bibazo nyezina izo nzego zashiriweho gutorera inyishu'', nk'uko yabandanije avuga.
Afrika rimwe na rimwe hari igihe iba isibaniro ry'indyane zitewe n'inda ndende y'itunga kama ifise, rikenewe cane ku butunzi bw'isi, nk'uko Guterres yavuze.
Yanavuze kandi ko hafi ica kabiri c'ubutumwa bwo kugarukana no gucungera amahoro buri muri Afrika, kandi ko 40% y'ingabo zicungera amahoro zituruka muri Afrika.
Uwo mukuru wa ONU yongeye avuga ko urwo rwego rwananiwe no kujanisha uguserukirwa kwa Afrika n'utwigiro n'intererano itanga.
ONU yashinzwe inyuma y'intambara ya kabiri y'isi kugira abazovuka mu nyuma ntibahure n'akaga k'intambara nk'iyo.
Ibihugu bine vyonyene vya Afrika, Misri, Liberia, Ethiopia, na Afrika y'Epfo, ni vyo vyari mu bashinze iryo shirahamwe.
Ku bwa Guterres, kuba hakenewe impinduka si ukwubahiriza ibibereye gukorwa n'ubutungane gusa.
''Ni n'umukenyuro udashobora kwirengagizwa ushobora gutuma ingingo urwo rwego rufata zirushiriza kwemerwa kw'isi - bikagirira akamaro Afrika n'isi yose,'' nk'uko yavuze.