Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Menya aka karere ka mbere kw'isi yose kabangamiye umugore
- Umwanditsi, Par Nawal Al-Maghafi na Jasmin Dyer
- Igikorwa, BBC World Service, i Port-au-Prince
Uragaba : iyi nkuru irimwo amakuru avuga ivyo gufata ku nguvu n'ibindi bikorwa bibi vy'ihohotera bishobora kubababaza abasomyi.
Helena yari afise imyaka 17 igihe umurwi w'abarwanyi watera akarere abamwo ku mugwa mukuru wa Haïti, Port-au-Prince.
Yariko akuyakuya akana kiwe kari gasinziririye ku bibero mu gihe yariko avuga ukungene abantu bitwaje ibirwanisho bamufashe ariko agerageza guhunga, bakamutwara bakamumarana amezi arenga abiri.
"Buri musi bansambanya ku nguvu, nkama ndiko ndakubitwa. Abagabo benshi batandukanye. Nta n'abo nari nzi, bari bambaye ibitambara vyo kwiyoberanya mu maso", niko uno mukenyezi twahinduye izina ryiwe ku mvo z'umutekano wiwe avuga. "Bimwe mu vyo bankoreye biragumye cane ku buryo ntoshobora kubivuga".
"Baranteye inda, kandi ntibahengeshanya kumbwira ko nategerezwa kuyikorora, nababwiye nti 'oya'. Uno mwana ashobora kuba ari we wenyene nzovyara".
Uno mugore yarashoboye guca mu myanya y'intoke aba bagabo bari bamunyuruje mu gihe bariko bararwana kugira ntibatakaze akarere kabo. Ku myaka 19 uno musi, yamaze umwaka uheze wose areze akana kiwe aho yari yahungiye mu kibanza kiri micungararo y'igisagara.
Gihaye indaro abakobwa n'abagore bababa 30, barara ku bitanda bigerekeranye mu vyumba bisize amarangi atandukanye.
Helena ni we akuze muri aba bagore bafashwe ku nguvu. Muto muri bo afise imyaka 12 yonyene. Aho twamusanze ku rubaraza ariko akina yongera atamba, asa w'uwukiri muto ugereranije n'imyaka yiwe, kuko yigeze kugira ibibazo vyo gufungura nabi. Abakozi b'iki kigo batubwiye ko yasambanijwe ku nguvu incuro zidaharurwa.
Mu gihe imirwi yitwaje ibirwanisho igenda yagura uturere ku mugwa mukuru Port-au-Prince no hanze yawo, ibikorwa vy'ugufata ku nguvu n'ayandi mabi afatiye ku gitsina biriko biriyongera cane.
Iki gihugu co mu mazinga ya Caraïbes kiri mu ndyane ziriko ziragitabagura kuva uwari umukuru waco gihugu Jovenel Moïse agandaguwe mu 2021.
Biragoye kumenya urugero rw'ano mabi ashingiye ku gitsina. Ishirahamwe ry'abavuzi batagira imbibe, Médecins Sans Frontières (MSF), rifise ikigo c'ubuvuzi muri Port-au-Prince cakiriramwo abagore bakorewe ihohotera rishingiye ku gitsina. Ibiharuro ryahaye BBC vyerekana ko igitigiri cabo gisa n'icikuvye incuro zitatu zose kuva mu 2021.
Iyi mirwi y'abarwanyi izwi ko yakoze ibitero mu makaritiye ikagandagura abantu baharurwa muri mirongo. Nk'uko MSF ibivuga, ibikorwa vyo gufata ku nguvu mu kivunga birakunze kuba mu bigize ibi bitero. Nk'uko ababikorewe babivuga, biragaragara ko iyi mirwi ikoresha ugufata ku nguvu mu ntumbero yo gutera ubwoba no gucuvya uturere tuzima.
BBC yarabajije abarongoye iyi mirwi kuri ubu bwicanyi no gufata ku nguvu. Umwe muri bo yatubwiye ko batagenzura ibikorwa vy'abantu babo, ko akazi kabo ari ukurwanya reta. Uwundi nawe yagize ati : "Iyo turiko turarwana, tuba twataye imitwe, ntituba tukiri abantu".
"Kuva mu 2021, abagore n'abakobwa ubu niho batanguye gutanga amakuru agoye, agoye cane", bivugwa na Diana Manilla Arroyo, arongoye ibikorwa muri iryo shirahamwe muri Haïti.
"Abakorewe aya mabi bavuga abantu babiri, bane, indwi, eka mbere gushika kuri mirongo ibiri babasambanije ku nguvu", niko yongerako, agasigura ko abagore benshi ubu ariho bariko bavuga ko batewe ubwoba n'ibirwanisho canke naho bakabanza guteshwa ubwenge.
Aba bagore basigura kandi ko kenshi mu babakorera aya mabi wasanga bari musi y'imyaka 18, nk'uko abivuga.
Mu kigo cakira abantu kiri mu yindi karitiye y'igisagara, abagore bane bafise imyaka iva kuri 20 gushika ku 70 bavuga ko basambanijwe ku nguvu imbere y'abana babo n'abagabo babo.
Umugore umwe ati: "Karitiye yacu yaratewe, ntashe nasanze mama, papa, na mwenewacu bose bishwe. Barabishe baca baturira n'inzu ibiziga vyabo biri mu nzu".
Amaze kugenzura inzu yiwe yari yatokombeye, aha nyene agira ngo ave muri karitiye, yagiye ahura n'abari muri uno murwi. "Baransambanije ku nguvu, nari mfise umukobwa wanje w'imyaka itandatu, na we nyene bamusambanije ku nguvu. Niho baca bicira imbere yacu musazanje mutoya.
"Buri gihe umukobwa wanje andavye, arashavura agaca arira".
Abandi bagore bavuga ibitero nk'ibi nyene bifise ishusho nk'iyi: ubwicanyi, ugusambanywa ku nguvu n'uguturira amazu.
Amabi ashingiye ku gitsina ni kimwe mu bigize izi mvururu zigeramiye Haïti. Nk'uko bivugwa n'amashirahamwe ya ONU, abarenga ic'icumi, ni ukuvuga imiriyoni 1,3, barataye izabo kandi ica kabiri bahanzwe na kigoyi.
Kuva Moïse yishwe, Haïti nta mutegetsi yatowe igira. Inama mfatakibanza irongoye igihugu hamwe n'urukurikirane rw'abashikiranganji yagiye igena, ni bo bajejwe uburongozi bw'igihugu no gutegura amatora.
Imirwi yari ihanganye yashinze ururani ifata ingingo yo kurwanya reta aho kurwana hagati yayo.
Kuva igihe twaherukayo muri Kigarama umwaka uheze, ibintu vyarunyutse. Ibihumbi amajana n'amajana bandi barataye izabo. Nk'uko bivugwa na ONU, abantu barenga 4000 barishwe mu mezi atandatu ya mbere y'uno mwaka wa 2025, ku 5400 bose hamwe bishwe mu mwaka wose wa 2024.
Biharurwa ko iyi mirwi yaguye akarere kayo igenzura kuva ku 85 % gushika ku 90 % y'umugwa mukuru, aho yagiye byigarurira amakaritiye akomakomeye, amabarabara y'ubudandaji n'ibigo vy'igihugu, nubwo hari utwigoro two kugarukana amahoro turongowe na Kenya dufashwe mu mugongo na ONU.
Twaherekeje izi ngabo mpuzamakungu mw'irondo mu karere kagenzurwa n'iyi mirwi, ariko inyuma y'iminota mike, rimwe mu mapine y'imodoka yabo ya burende (blindé) ryararashwe urusasu, ibikorwa bica bihagararira aho.
Izi ngabo ntizikunze kuva mu mamodoka yazo ya burende. Nk'uko bivugwa n'abahinga, iyi mirwi ibandanya ironka ibirwanisho bikomeye cane biyifasha kuguma bahagaze neza.
Muri aya mezi ya vuba, abategetsi ba Haïti bararondeye abacangero kugira ngo babafashe kugarukana uturere batakaje.
Isoko rimwe ryo mu nzego zijejwe umutekano za Haïti ryabwiye BBC ko amakompanyi ya gisirikare y'abikorera ivyabo, harimwo imwe yo muri Amerika, akorera ku rubuga kandi agakoresha za ndege zitajamwo abadereva (drones) mu bitero vyayo ku barongoye iyi mirwi.
Yatweretse amasanamu yafashwe na drone avuga ko yerekana umwe mu barongoye iyi mirwi, Ti Lapli, aguweko n'igiturika. Avuga ko Ti Lapli amerewe nabi cane, ariko BBC ntiyashoboye guhinyuza iyi nkuru.
Ariko mu gisagara cose, ubwoba bafise kuri iyi mirwi buracari bwose. Mu makaritiye menshi, imirwi yo kwirwanira niyo ifata umutekano mu minwe, bigatuma igitigiri c'uwaruka rufise ibirwanisho rwiyongera mu mabaraba.
"Ntidushobora kureka [iyi mirwi] ngo ishike ngaha kutwica, kwiba utwo dufise twose, guturira amamodoka, guturira amazu, kwica abana", niko umugabo yiyita Mike avuga.
Avuga ko ari mu murwi w'ahitwa Croix-des-Prés, karitiye ibamwo abantu benshi hafi y'akarere kagenzurwa n'iyo mirwi.
Mu gihe hirya kure humvikana amasasu, nta numwe akanguka. Abantu hano baramaze kumenyera.
Asigura ko iyi mirwi ihemba abahungu bakiri bato kugira ngo bayijemwo bongere bubake amabariyeri maze bashobore gutoza amahera ku bantu bose barengana.
"Ni vyo koko, bose baratinya", niko atubwira. "Twumva ko turi twenyene kugirango dukingire abagore n'abana. Mu gihe iyi mirwi ibandanya yagura uturere, turazi ko karitiye yacu ishobora gushikirwa.
Amashirahamwe ajejwe ubutabazi avuga ko ibintu biriko biraba nabi gusumba kandi ko abagore bari mu bahababarira gusumba, benshi muri bo bahahamuwe n'amabi afatiye ku gitsina bakorerwa hamwe no guhunga.
Lola Castro, arongoye ishami rya ONU rijejwe imfungurwa kw'isi PAM mu karere, avuga ko Port-au-Prince ari ko "karere ka mbere kabi kw'isi yose ku bagore".
Avuga kandi ko abagore ari bo bashobora kubangamirwa n'ingaruka z'igabanywa ry'imfashanyo y'imgungurwa.
Kuva kera, Haïti yamye iri mu bihugu vya mbere vyahabwa amafaranga y'igisata ca Amerika kijejwe imfashanyo y'iterambere kw'isi (USAID) Perezida Donald Trump aherutse kugabanya, avuga ko ari "ugusesagura" umutungo wa Amerika.
Igihe twari muri uru rugendo muri Ruheshi (6), umupfasoni Castro yavuze ko PAM yariko iratanga imfashanyo za nyuma zaguzwe mu mafaranga ya Amerika.
Yasiguye ko imfashanyo y'imfungurwa ikingira abagore, kuko ibatuma bataja gusegerereza canke kurondera imfungurwa mu mabarabara.
Abajejwe ubutabazi na bo nyene bafise ubwoba ko igabanuka ry'amafaranga vuba rishobora kugira ingaruka mbi ku mfashanyo zigenewe abakorewe amabi ashingiye ku gitsina mu bigo nk'iki Helena abamwo.
Umupfasoni Manilla Arroyo wa MSF avuga kandi ko amafaranga agenewe kugura uburyo bwo kwirinda imbanyi na yo nyene yagabanutse.
Ati: "Benshi mu bo dufasha bafise abana. Benshi muri bo bari musi y'imyaka 18 kandi baramaze kuvyara. Imbanyi kuri bo ni ikintu kindi giteje ngorane nyinshi".
Helena n'abandi bagore bari muri ico kigo kenshi bicara hamwe ku rubaraza ruhanamiye Port-au-Prince baganira, ariko benshi muri bo ni abatinya cane kuva muri iki kigo.
Ntabona ingene azoshobora gutunga umukobwa wiwe akiri muto uko azogenda akura.
"Namye mfise indoto yo kuja kw'ishure, kwiga no kuzogira ico nkoze mu buzima bwanje", niko avuga. "Nari nzi ko nzovyara abana, ariko ntari muto nk'uku".