Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kuki Ubushinwa buriko bwimba umwobo w’ibirometero 11 uja mu kuzimu?
- Umwanditsi, Atahualpa Amerise
- Igikorwa, BBC Mundo
Ubushinwa bwatanguye kwimba umwobo munini cane w’imetero zirenga 11.100 uja mu kuzimu.
Ibikorwa vyatanguye mu ndwi iheze ahitwa Taklamakan, ubugaragwa buri mu ntara yigenga ya Xinjiang mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu.
Uwu mwobo uzoca mu bice birenga cumi vy’ubutaka (strates continentales) kandi ugere ku gice c’ubutaka ca kera cane c’uyu mubumbe, kimaze imyaka imiriyoni hagati ya 145 na 66, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta, Xinhua.
Abarongoye iki gikorwa co kwimba ikinogo kinini ca mbere kuva muri kahise k’igihugu bavuga ko gifise intego zibiri, iy’ubuhinga n’ubutunzi.
Bitegekanijwe ko uwu mugambi uzomara imisi 457, aho abari muri wo bazokoresha ibikoresho n’ibimashini bipima amatoni arenga 2000.
Umugambi ukomeye
Uwu ni wo mugambi wa mbere munini wo kwimba mu Bushinwa, uzorenga uburebure bw’imetero 10.000 ku ncuro ya mbere.
Hagati aho, iki kinogo c’Ubushinwa ntikizoba ari co ca mbere kirekire cimbwe n’umuntu.
Umwobo wa mbere muremure kw’isi gushika ubu ni uw’ahitwa Kola, mu Burusiya, wimbwe mu myaka igera hafi kuri 20 kugira bashike ku metero 12.262 mu 1989.
Uwu mugambi w’Ubushinwa uje mu gihe iki gihugu giteye intambwe zikomeye mu rugamba rwo kwiganza ku rubuga mpuzamakungu nk’igihugu rutura mu bijanye n’ubuhinga (technologie) n’ubumenyi (science) kw’isi.
Ni nkenerwa kumenyesha ko umusi nyene ibikorwa bitangura, Pékin/Beijing yarungitse abahinga bayo mu vy’ikirere batatu, mu rwego rw’umugambi wayo wo gushika ku kwezi bitareze mu 2030.
Ariko none kubera iki bokwimba umwobo w’uburebure busumba umusozi wa Everest, kandi buhakwa gushikira ubw’indege yunguruza abantu mu kirere.
Intumbero zibiri
Ikompanyi y’igihugu ihingura igitoro Sinopec, ari nayo ihagarariye uno mugambi, ivuga ko ishaka "kurenga imipaka njakuzimu" mu bijanye no kwihweza ibigize uno mubumbe w’isi.
Iciyumviro co kwimba uwu mwobo wa mbere muremure w’Ubushinwa catanguye mu myaka ibiri iheze, igihe Perezida Xi Jinping w’iki gihugu, asabiye umuryango w’abahinga bo mu gihugu kubandanya ubushakashatsi bwabo ku bijanye n’uno mubumbe.
"Kwimba iki kinogo bifise intumbero zibiri: ubushakashatsi mu vya siyanse (Science) hamwe no kurondera igitoro na gaze", nk’uko bivugwa na Lyu Xiaogang, aserukira ikigo c’igitoro c'Ubushinwa, China National Petroleum Corporation (CNPC), kompanyi ya mbere nini y’igitoro na gaze muri iki gihugu, ikaba kandi n’imwe mu makompanyi banini kw’isi.
Mu butumwa bwa videwo bwo gusigura uno mugambi, avuga ko uwu mugambi uzofasha mu gukomeza ubuhinga bwa PetroChina (ikompanyi rutura igenzurwa na CNPC) mu bijanye no kwimba no guhingura amamashini mashasha.
"Mu kwiga iki gice gipima ibirometero cumi biri hafi y’ubuso bw’isi, mu bisanzwe dukoresha ubundi buhinga, nk’ikizwi nka sismique, be n’ubundi buhinga bwo gufata amasanamu y’imbere (tomographie).
"Imigambi nk’iyi ni nkenerwa kuko itanga ivyemezo bifadika biza bishigikira ubu bushakashatsi", niko umuhinga ndondasi akaba akora kw’ishure kaminuza ya Temuco, Cristian Farías, yabibwiye BBC Mundo.
Vyongeye, uno mugambi w’Ubushinwa "udufasha kugerageza ubuhinga bwa none", nk’uko abivuga, ibi navyo "bigashobora kwugurura imiryango y’ubushakashatsi ngirakamaro cane bwo mu kuzimu".
Gaze n’igitoro
Ku bijanye n’intego ya kabiri, CNPC ivuga ko iriko irarondera ibindi bitoro na gaze biri kure cane mu kuzimu mu buraruko bushira uburengero bw’Ubushinwa.
Ubutare bw’igitoro buri kure cane mu kuzimu - mu bisazwe ku ntera iri musi y’imetero 5.000 – bukunze gutorwa mu turere tw’amazi, nko mu mabahari, ariko kandi no mu turere tw’ubutaka, nko mu myaba miremire.
Umwaba wa Tarim, ari nawo urimwo ubugaragwa bwa Taklamakan, ushobora kuba utunze igitoro cinshi na gaze nyinshi.
Hagati aho, abahinga bavuga ko ubucukuzi bw’ubu bugaragwa burimwo inzitizi zikomeye mu bijanye n’uburyo be n’ubuhinga, kubera ikirere kibi n’ubushuhe burenze urugero.
Farias avuga kandi ati: "Ikindi kibazo gikomeye ni uko uwu mwobo utizigiwe ko utohava usenyuka".
N’aho icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti cashoboye gushika ku burebure bw’ibirometero 12 uja mu kuzimu, abahinga bemeza ko bikigoye cane uno musi gushika ku ntera zo hasi cane mu kuzimu.
Sun Jinsheng, umuhinga mu kigo c’igihugu kijejwe ubufundi (ingénierie) mu Bushinwa, yabwiye Xinhua News ati: "Ingorane muri uno mugambi wo kwimba ni co kimwe no kugendesha ikamyo nini uyicisha ku ntsinga ntonto zibiri".
Vyongeye, ubugaragwa bwa Taklamakan bufatwa ko ari akarere kagoye gukoreramwo, aho ubukonje bushobora kumanuka gushika kuri -20°C mu gihe c’ubukonje, ubushuhe nabwo bugashobora gushika kuri 40°C mu gihe c’ici.