Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Lionel Messi: PSG yamuhagaritse indwi zibiri kubera urugendo yakoze muri Saudi Arabia
- Umwanditsi, Simon Stone
- Igikorwa, BBC Sport
Kizigenza w’umurwi nserukiragihugu wa Argentina Lionel Messi yahagaritswe na Paris St-Germain mu kiringo c’indwi zibiri inyuma y’urugendo yagize muri Arabie Saoudite muri ino ndwi ata ruhusha yahawe n’umurwi wiwe.
Yakoze uru rugendo inyuma y’urukino uyu murwi wo mu Bufaransa watsindiwemwo ku kibuga cawo na Lorient ku wa Mungu, urukino Messi yakinye iminota 90 yose.
Messi nta rukino canke imyimenyerezo azokorana na PSG muri iki kiringo yahagaritswemwo.
Bivugwa ko uyu musatirizi w’imyaka 35 yasavye uruhusha rwo kuja muri uru rugendo mu bikorwa vyiwe bijanye n’urudandaza ariko akaba yarankiwe.
Messi – akaba amaze gucibwa ihadabu n’uyu murwi – afise inshingano zo kuba umuserukizi w’ubukerarugendo wa Arabia Saoudite.
Amasezerano y’imyaka ibiri uno mukinyi aherutse gutsindira igikombe c’isi yose afitaniye na PSG azorangira mu ci riza.
Mu kwa gatatu, icegera c’umukuru wa Barcelona Rafael Yuste yavuze ko uyu murwi wo muri Espagne wagiriraniye ibiganiro vy’ukungene yosubira i Nou Camp (ikibuga ca Barcelona).
Messi amaze gutsindira PSG ibitsindo 31 yongera atanga imipira 34 yavuyemo ibitsindo mu nkino zose 71, akaba kandi yatsindiye n’ihiganwa ry’Ubufaransa, Ligue 1 mu mwaka w’inkino uheze.
Vyitezwe ko asiba inkino zizohuza umurwi wiwe na Troyes hamwe na Ajaccio, mu gihe PSG, n’amanota atanu isumvya umurwi uyikurikira, iriko irarondera gutsindira ihiganwa ku ncuro y’icenda mu myaka y’inkino 11.
'Akazi ka Messi muri PSG karangiye neza neza' – Umwihwezo
Lionel Messi yafashe ingingo irangiza neza neza akazi kiwe muri Paris St-Germain.
Ni vyo, bafise inkino zitatu inyuma y’iki gihano, kandi haracari igikorwa kugira ngo bizere gutahukana Ligue 1, ariko PSG yoyo ifise iyindi ntumbero, kandi ataho ihuriye na Messi aherutse gushika kw’iteka ridasanzwe mu mwuga wiwe, mu gutsindira igikombe c’isi yose, haraciye amezi adashika atanu.
PSG nta kintu na kimwe ibona kidasanzwe mu vyo yakoze. Mu mitwe yabo, bahanye umukozi wabo yigiriye mu vyiwe kure cane y’aho yategerezwa kuba ari.
Ariko babona ko ari ubutumwa ku bijanye na kazoza k’uyu murwi, aho bemeza ko uzoba wubakiye ku bakiri bato. Ni icemezo kandi ko badashobora kwihanganira na gato umuntu atagendera kuri disipirine (discipline).
Abafana ba PSG ntibagishaka Messi. Aha nta nkeka, amasezerano yiwe ntazokwongerezwa ikiringo.