Sadio Mané: Bayern Munich yahagaritse uno musatirizi inyuma y’aho akubitiye Leroy Sané

Bayern Munich ntiyashize Sadio Mané ku rutonde rw’abakinyi bazokwakira Hoffenheim ku wa gatandatu mw’ihiganwa ry’Ubudagi inyuma y’aho bivugiwe ko yakubise mugenziwe bakinana Leroy Sané.

Amakuru ava mu Budagi avuga ko Mané yakubise Sané urushi mu maso inyuma y’aho batsindiwe 3-0 na Manchester City ku kibuga cayo ca Etihad Stadium mu rukino rwa mbere rwo ku wa kabiri mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League).

Bivugwa ko aba bakinyi babiri babanguranijwe na bagenzi babo inyuma y’imishamirano.

Bayern ivuga ko uyu musatirizi wa Senegal, Mané, yashizwe ku ruhande kubera “inyifato mbi” inemeza kandi ko azotozwa ihadabu.

Mw’itangazo ry’ejo ku wa kane, Bayern yanditse iti: "Sadio Mané w’imyaka 31 ntazoja ku rutonde rw’abakinyi ba FC Bayern mu rukino rwo kuri uno wa gatandatu aho izoba yakira 1899 Hoffenheim".

"Ibi bivuye ku nyifato mbi inyuma y’urukino rwa Bayern na Manchester City muri Champions League. Mané kandi azotozwa ihadabu".

Ikinyamakuru Bild kivuga ko Mané yahoze akinira Liverpool, akaba yaranabaye umukinyi wa mbere wa Afrika incuro zibiri, atishimiye ingene uyo mukinyi wo ku ruhande w’Ubudagi Sané yamuvugishije inyuma y’uru rukino batakaje.

Bamaze gusubira mu Budagi, Mané yavuye ku kibuga c’indege n’imodoka ya wenyene mu gihe Sané yagiye n’imodoka y’uyu murwi.

Mané na Sané bompi barahuriye mu myimenyerezo y’ejo ku wa kane mu gatondo.

Nta n’umwe muri aba bakinyi bompi aragira ico avuze kuri ino mishamirano.

Ku wa gatatu w’indwi iza, Bayern izokwakira City mu rukino rwo gusubiza rw’igice ca kane gishira ica nyuma.

Mané yinjiye muri Bayern mu kwa gatandatu avuye muri Liverpool ku miriyoni 35 z’amapawundi ku masezerano y’imyaka itatu, imbere y’uko umusatirizi wa Pologne Robert Lewandowski ava muri uno murwi watsindiye ihiganwa ry’Ubudagi mu mwaka uheze akaja muri Barcelona.

Yinjirije Bayern ibitsindo bitandatu mu nkino indwi ziwe za mbere ariko ntarigera asubira kwinjiza igitsindo kuva mu kw’icumi, bikaba bitamworoheye kuzibira igihengeri casizwe na Lewandowski .

Mané, umukinyi yatsindiye Liverpool ibitsindo 120 mu nkino 269, ntiyashoboye gukina mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose giheruka kubera muri Qatar kubera imvune yo mw’ivi yanduye mu gihe yariko akinira Bayern mu kw’icumi na rimwe, yamutumye kandi atakaza inkino icenda z’uyu murwi wiwe.

Umwihwezo

Mu kiganiro BBC Radio 5 Live yagiranye n’umunyamakuru mu bijanye n’umupira w’amaguru, Umudagi Raphael Honigstein

Sadio Mané yatanye mu mitwe na Leroy Sané mu cumba co kwihinduriramwo.

Vyatanguriye mu kibuga, bariko bavugana ku bitagenze neza, mu nyuma ibintu bivamwo birashuha.

Abantu babiri babizi neza bambwiye ko Mané yakubise cane urushi Sané aranamukomeretsa bukebuke ku munwa.

Ibi ntibivuga ingene ibintu vyari vyifashe mu cumba co kwihinduriramwo, ariko ni ikintu kibabaje kuri Mané muri Munich.

Yafatwa nk’igihangange, mbere vyaranavuzwe ko yari gushobora gutsindira Balon d’Or (umupira w’Inzahabu) inyuma yo gutsindira igikombe c’ihiganwa ry’ibihugu vya Afrika no gushobora kuja mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose.

Ni vyo, ibi ntivyashobotse kubera imvune hanyuma, aho agarukiye, ntarashobora kwerekana izi nguvu ziwe asanganywe. Za nguvu zidasanzwe, bwa bubangutsi, n’ubwenge bwinshi – ibi vyose biracabuze.

Si bibi cane, rero si ukuvuga ko ubuhinga bwiwe bwasenyutse, ariko ntakiri wa mukinyi bibaza ko bari baguze.

Mu gihe adakinishwa kuva ku ntango, kandi n’umumenyereza Thomas Tuchel akaba akunze kumusubiriza mbere no mu rukino na PSG akaba yamushize ku ntebe y’abasubirizi, ibi ntivyamuryoheye.

Hari ibintu vyinshi biriko biraba ubu uravye ivyo yari yiteze n’ingene ababaye, kandi no mu murwi wiwe ni uko nyene kuko bari bamwitezeko vyinshi.