Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Susie Wiles: Umugore wa mbere abaye umuyobozi mwishikira mu biro vy'umukuru w'igihugu muri Amerika
- Umwanditsi, Max Matza
- Igikorwa, BBC News
Prezida aherutse gutorwa muri Amerika Donald Trump yamenyesheje ko uwari arongoye ibikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza, Susan Summerall Wiles ari we azoba umuyobozi mwishikira mu biro vyiwe igihe azoba amaze gushikira ubutegetsi mu mwaka uza.
Mw'itangazo, Trump yavuze ati Wiles "yaramfashije gushika kuri imwe mu ntsinzi zikomeye cane za poritike muri kahise ka Amerika" kandi "aarakara, arakerebutse, yama afise ivyiyumviro bishasha, [umugore] w'igitangaza hose kw'isi kandi yubashwe".
Yabandanije agira ati: "Ni agateka kugira Susie nk'umugore wa mbere abaye umuyobozi mwishikira muri kahise ka Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Nta nkeka ko azotuma igihugu cacu kigira ivyishimo."
Wiles w'imyaka 67, ni we mugore wa mbere agenywe kuba umuyobozi mwishikira mu biro vy'umukuru w'igihugu.
Umugwi wa Trump w'ikiringo mfatakibanza ubu uriko urarondera abategetsi bakuru bazoja mu butegetsi bwimirije bw'aba 'Republicains', harimwo abarongoye ibisata 15 vy'ubutegetsi, nk'abashikiranganji b'imigenderanire n'uwo kwivuna abansi, kuva itariki 20 z'ukwezi kwa Nzero(1).
Trump avuga ko Wiles ari umugore kenshi na kenshi akora "atagaragara", ariko azwi nk'umwe mu banyeporitike batinyitse cane muri Amerika.
Mw'ijambo ryiwe ryo ku musi wa kane, asubiramwo icivugo ciwe co kwiyamamaza, yongeyeko ati: "Susie azobandanya gukora yivuye inyuma kugira Amerika ikomere."
Susie Wiles ni nde?
Umwirondoro wiwe wanditswe n'ikinyamakuru Politico mu ntango z'uyu mwaka, werekana ko Susie ari umuntu atinyitse ariko azwi buke buke.
Mu kiringo kidashika umwaka Wiles atanguye gukora muri poritike, yaragiye mu myiyamamazo ya Ronald Reagan imbere y'uko atorwa mu 1980.
Yagiye aragira uruhara mu guhindura poritike mu ntara ya Florida, aho asanzwe aba.
Mu 2010, yarafashije Rick Scott, uwari ico gihe umugwizatunga ata bintu vyinshi azi muri poritike, kuba umukuru w'intara ya Florida mu mezi indwi gusa. Ubu Scott ni umukenguzamateka.
Wiles yahuye na Trump mu matora ya prezida y'ibanze y'aba 'Republicains' mu 2015, aca aba icegera c'uwujejwe imyiyamamazo yiwe mu ntara ya Florida. Yaciye atsinda Hilary Clinton muri iyo ntara mu 2016.
Umukuru w'intara ya Florida Ron DeSantis, yamushinze ibikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza vyamushikanye ku ntsinzi mu myaka ibiri yakurikiye, avuga Wiles "nk'umuhinga muri poritike."
Wiles yakoze mu myiyamamazo ya Trump ari kumwe na LaCivita, umuhumure muri poritike y'aba 'Republicains' afise uburambe bw'imyaka mirongo.
Abo babiri barakoranye na Trump mu gushiraho umukenyuro watumye Trump atsinda amatora y'ibanze.
Mu mwirondoro wiwe wo mu kinyamakuru Politico, uwo mugore w'imyaka 67 amaze kugira abuzukuru - umukobwa w'uwahoze ari rurangiranwa mu mupira w'amaguru yapfuye yari n'umumenyeshamakuru Pat Summerall - yavuze ko ava mu muryango wa poritike ushimikiye "ku vyiyumviro vya kera."
Asigura ingene umugambwe w'aba 'Republicains' utandukanye cane n'ingene wari umeze mu myaka mirongo iheze, yagize ati: "Mu ntango y'akazi ka nje, inyifato nziza yari ifise ikibanza kinini kandi hari hitezwe urugero rw'inyifato."
Avuga umugambwe w'aba 'Republicains', uzwi kandi kw'izina rya Grand Old Party (GOP), yagize ati: "Ndatahura ko GOP y'ubu itandukanye.
"Hari ivyahindutse dutegerezwa gukurikiza kugira dushobore gushika ku bintu tugerageza gukora."
Umuyobozi mwishikira afatwa nk'umuntu wa mbere yegereye prezida, kandi afise uruhara runini mu bikorwa vyose vya prezida.
Bakora ahanini nk'abagenduzi b'ibikorerwa muri White House/Maison Blanche kandi banajejwe kugena abakozi ba perezida. Umuyobozi mwishikira arongora abakozi biciye mu biro nshingwabikorwa vya perezida, akagenzura ibikorwa vyo ku musi ku musi n'ibikorwa vy'abakozi bose.
Barahanura kandi abakuru b'ibihugu ku bibazo vya poritike kandi ni bo bajejwe gutanga intumbero n'ishirwa mu ngiro rya politike.