Kwimba ahahora haca uruzi muri Zimbabwe urondera amazi

    • Umwanditsi, Shingai Nyoka
    • Igikorwa, BBC News, Ikigwati ca Kurima

Uruzuba rwa mbere rubi mu vyo abantu bibuka rurageramiye Afrika y'ubumanuko aho rutuma abantu bashika hafi miriyoni 70 batagira amazi n'ivyo kurya bikwiye.

Muri district ya Mudzi muri Zimbabwe y'uburaruko, abanyagihugu b'aho n'ibitungwa vyabo bakoraniye ku hahora haca uruzi ubu hagadutse hasigaye harangwa amabuye gusa. Uruzi Vombozi ku bisanzwe rwatemba umwaka wose ariko ubu, aho rwaca hasa n'igikugutwa kandi gushika aho amaso agarukira kubona.

Bitwaje amasipiri n'indobo, abagabo barimba aho uruzi rwahora ruca, barondera ko bokurayo amama ya nyuma y'amazi yoba asigayeyo.

Inzuzi n'ingomero zarakamye no mu bindi bice vy'iyo district bigatuma abantu barushiriza kuba benshi mu kumanuka aho hahora haca uruzi mu kigwati ca Kurima, ivyo navyo bigatuma iryo soko ry'amazi rishobora naryo gukama vuba.

Aho hahora haca uruzi ubu hari ibinogo vyinshi, vyagutse ku buryo bishobora gukwirwamwo indobo imwe,

Abana bariko baroga, abagore bariko baramesa bongera baha amazi ibitungwa vyabo.

Gracious Phiri, umuvyeyi w'abana batanu, ahagaze muri abo bagore. Uwo mugore w'imyaka 43 yabwiye BBC ko ubu asigaye ashika kure kuruta uko vyahora, aho akoresha amasaha atatu buri munsi agiye kuvoma amazi.

Phiri aramanuye indobo yiwe muri ico kinogo c'ubwaguke bw'imetero n'inusu aho avomye amazi asa n'inginagina. Afise ubwoba ko ashobora gutera indwara umuryango wiwe.

Iyo vyagenze neza Malachi avuga ko ku bisanzwe yashorera ivyo kurya ku murwa mukuru, Harare, ariko ubu ari mu banya-Zimbabwe imiriyoni bahanze amaso imfashanyo.

Mu gihe umugambi wo kugaburira utanga ivyo kurya umunsi umwe mw'iyinga, abana biwe bakeneye kurya buri munsi.

Aho yicaye mu kazu k'ivyatsi, atetse ingano kugira ashobora guha abana biwe ivyo kurya vyo mu gitondo. Izo ngano yazihawe n'umubanyi w'umugiraneza.

''Twavuye aho twahora turya ico dushaka n'igihe dushakiye none ubu tugeze aho tugabanya ako turya ku munsi.'' niko Mahachi avuga.

''Umukobwa mukuru arumva ko rimwe na rimwe turonka ubuyi gusa. Ariko rimwe na rimwe ndabona ko uwukiri muto ashonje.''

Imvura ahenshi yaranse kugwa muri Afrika y'ubumanuko uyu mwaka, ku mugabane aho uburinyi buhagaze ku mvura kurusha kuvomera.

Urwo ruruzuba rwatumye ica gatatu c'ibihugu vy'ako karere bitangaza ibihe vy'akaga. Abantu miriyoni 68 muri ako karere bakeneye imfashanyo y'ivyo kurya.

''Nk'uko ubibona, ibitungwa binywa ku kinogo kimwe na twebwe. Amaganga yavyo ari muri ayo mazi...si meza cane,'' niko avuga.

''Nta na rimwe nari bwigere mbona ibintu nk'ibi.''

N'ivyo kurya ni bike cane muri Zimbabwe aho abantu miriyoni 7,7 bugarijwe n'inzara. Muri Mudzi igitigiri c'imiryango ishobora kuronka ivyo kurya bikwiye kandi bashobobora kugura n'uburyo bwabo, yaragabanutse gushika ku ca kabiri ugereranije no mu myaka iheze, nk'uko bivugwa n'uwujejwe amagara y'abantu muri ako karere.

Abana bari mu bagizweko ingaruka cane - kuva mu kwezi kwa gatandatu igitigiri c'abinjira ibitaro mu bana barwaye indwara zo kurya nabi bibayabaye canke bikomeye cigwije na kabiri.

Umugambi wo muri ico kigwati uragerageza guhangana n'ico kibazo. Rimwe mu ndwi abagore bo mu kibano barahura, bazanye umwe wese ico ashobora kuronka kugira aterere mu gukora ubuyi bw'abana bafise munsi y'imyaka itanu.

Ivyamwa vy'igiti ca baobab, iforomaji y'ibiyoba, amata hamwe n'imboga birongerwa muri ubwo buyi kugira intungamubiri zongerekane.

Ariko uko bukeye uko bwije niko utwo two kwongeremwo dugenda turabura - ubushaza n'ibiharage ubu vuba vyarabuze kubera umwimbu wavyo wagenze nabi.

Reta, ifashwe mu mugongo n'abo bikorana nka Unicef, yarashizeho umugabi wo gutanga ingaburo ubu ukaba ukora nibura gatatu mu ndwi.

''Ariko ubu kubera uru ruzuba rwatewe na El Niño ubu dutanga rimwe mu ndwi,'' ivyo bisigurwa na Kudzai Madamombe, umuganga mukuru muri district ya Mudzi.

''Kuko ata nvura yaguye, twatakaje imirima ijana kw'ijana (100%) ku buryo ata na kimwe twimbuye,'' niko yongerako, akavuga ko uwo mugambi ushobora guhagarara wose mu kwezi kuza kuko ivyo kurya biguma bihera mu bubiko.

Amavuriro yitaho abanya-Zimbabwe nuri Mudzi nayo nyene yarakozweko - ibinogo vy'amariba vyatanga ica kane c'amazi ayo mavuriro akoresha vyarumye, nk'uko bivugwa na Madamombe.

Kandi n'urugomero rwa mbere runini muri iyo district rusigaranye amazi atarenza ukwezi kumwe.

Icaciye kiba n'uko imigambi yo kuvomerera imboga, harimwo uwafasha abarimyi bashika 200, ubu yahagaze.

Ubworo buri hose. Tambudzai Mahachi, w'imyaka 36, avuga ko yateye hegitari z'ibigori, ubushaza n'ibiyoba mw'itongo ryiwe.

N'inguvu zose yashizemwo, nta kintu yigeze yimbura, nta n'isahani y'ivyo kurya. N'igiti ciwe ca baobab nta vyamwa caronse.

Ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'ubumanuko SADC mu kwezi kwa gatanu ryasavye miriyaridi 5,5 z'ama dorari y'imfashanyo kugira bagwanye urwo ruzuba. Ariko gushika ubu hamaze kuboneka agace gato cane k'ayo mafaranga.

''Aho ugiye hose muri Afrika y'ubumanuko, ibigega vy'abanyagihugu biri gusa, ibigori navyo, ari vyo bisanzwe biribwa cane mu bitanga inguvu, ubu bigurwa umurengera benshi badashobora kuronka,'' Tomson Phiri, umuvugizi w'ishami rya ONU ryitaho ivyo kurya (PAM) muri Afrika y'ububumanuko niko yabwiye BBC.

''Kandi ibintu bigiye kuba bibi gusumba.''

PAM imaze kuronka ica gatanu conyene ca miriyoni 400 z'ama dorari ikeneye ku mfashanyo yihuta, nk'uko avuga, akongerako ko Afrika y'ubumanuko ari ubwa mbere ibuze umwimbu w'ibigori nk'uko mu myaka 15.

Kandi inzara n'ubukene bw'amazi ntibarishika kw'isonga - Gitugugu (10), ukwezi kugaduka kurusha ayandi yose, kuracasigaje iminsi ngo kuboneke.

Hamwe imvura yogwa muri Munyonyo (11) canke Kigarama (12), ari naho ubundi igihe c'imvura gitangura, abarimyi bazorindira ukwezi kwa Ntwarante (ukwa gatatu) kugira bimbure ibigori.

Ivyo Mahachi arabizi neza aho ariko aramanyura ivyamwa vyo mw'ishamba ngo arabe ko yohenda inzara, atazi uko bigiye kugenda mu mezi ari imbere ku muryango wiwe urimwo abakiri bato.