Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Glencore yaciriwe ayarenga miriyoni $300 ku biturire yatanze muri Africa
Ishami ryo mu Bwongereza rya kompanyi y’igihangange mu bitoro no kwimba ubutare canke amabuye y’agaciro, Glencore, ryategetswe kuriha miriyoni zirenga amajana atatu z’ama dorari (miriyaridi zirenga 600 mu mafaranga y’Uburundi) kubera amafaranga ryapfumbatishije abategetsi bo muri Afrika kugira rironke ibitoro.
Iyo kompnayi yahaye miriyoni 26 z’ama dorari, ibicishije ku bantu ituma n’abakozi bayo, abategetsi bo mu bigo vy’ibitoro bitayunguruye muri Nigeria, Cameroun, na Cote d’Ivoire hagati ya 2011 na 2016.
Abashikirizamanza bavuze ko abakozi ba Glencore Energy UK n’abandi bantu yatuma bakoresheje indege z’abantu ku giti cabo (jet prives) kugira bajane ayo mafaranga yo gutanga ibiturire.
Glencore Energy UK mu kwezi kwa Ruheshi (kwa gatandatu) yemeye ivyaha indwi vy’ibiturire.
Yeciriwe kuriha ihadabu rya miriyoni zirenga 205 z’ama dorari n’umucamanza Peter Fraser wo muri sentare ya Crown Court ya Southwark, uwo mucamanza yongera yemeza ko Glencore inyagwa izindi zishika hafi 105 z’ama dorari nyene.
Hamwe n’ivyo vyaha vyo gupfumbatisha, iyo kompanyi yemeye ivyaha yagirizwa vyo kutabuza abakozi bayo gukoresha ipfumbatsisha (bribery) kugira baronke amasezerano (contrats) y’ibitoro muri Guinee Equatoriale na Sudan y’Epfo.
Glencore, yashinzwe mu 1974, n’imwe mu ma kompanyi akomeye cane kw’isi mu bicuruzwa kama (comodity trader) hamwe no mu kwimba ibitoro, ubutare n’amabuye y’agaciro.
Amashami yayo akorera mu bihugu birenga 35, ariko ibiro vya Glencore i Londres bikorera cane cane mu bitoro, igisata cayo kimwe kikaba kijejwe Afrika y’uburengero.
Ivyo birego vyo gupfumbatisha bivuga ko ico iyo kompanyi yashaka kwari uko abategetsi “badakora neza ivyo bajejwe, canke kubahemba kuba babigenjeje uko, mu guha Glencore Energy UK kandi itari ibikwiye ibitoro bitayunguruye”.
Mu 2018, ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Amerika bwatanguje amatohoza ku bijanye n’ingene Glencore yubahiriza amategeko ya Amerika yerekeye amafaranga y’inkomoko mbi n’ibiturire ku kiringo co kuva mu 2007.
Yari yerekeye ibikorwa vy’iyo kompanyi muri Nigeria, Repuburika ya Demokrasi ya Congo na Venezuela.
Mu nyuma urwego rw’Ubwongereza rujejwe ivyaha vy’amanyanga bikomeye (Serious Fraud Office, SFO) narwo rwaciye rukurikira mu 2009, rutohoza kuri rimwe mu mashami ya Glencore ku “bishobora kuba ipfumbatisha” muri Afrika.
SFO imbere y’aho yari yavuze ko amatohoza yayo yari yashize ahagaragara “gupfumbatisha hamwe n’ibiturire bigamije inyungu”.
Clare Montgomery, aserukira Glencore, yavuze ati: “Kompanyi iricuza yivuye inyuma ikibi catewe n’ivyo vyaha kandi iremera ko ikibi cakozwe, haba ku rugero rw’igihugu canke ku rugero rw’abanyagihugu muri ivyo bihugu vyo muri Afrika vyabayemwo, hamwe n’ico vyononeye abandi.”
Umucamanza Fraser yavuze igihe yariko arasoma urwo rubanza ko Glencore yakoze impinduka mu buryo yigenza ubu ikaba isa n’ikompanyi itandukanye n’iyo igihe ivyo vyaha vyakorwa”.
Mu kwezi kwa Rusama (5) , iyo kompanyi yemeye umwumvikano w’amafaranga angana na miriyaridi 1.1 z’ama dorari muri Amerika bivuye ku ngendo yayo yo gupfumbatisha mu bihugu indwi mu kiringo c’imyaka 10.
Ivyo vyari vyerekeye ibikorwa vy’ico gihangange muri Nigeria , RD Congo na Venezuela.