Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abajejwe umutekano barashe ku bantu bimba ubutare muri Kongo
Abaharanira agateka ka zina muntu muri Republika ya Democrasi ya Kongo bavuga ko abantu bimba amabuye y'agaciro bidaciye mu mategeko bari myiyerekano baja ku biro bikuru vy'intara , bongera biba ibiri mu mazu yo kudandarizamwo mu gisagara kiri mu bumanuko ca Kolwezi.
Bavuga kandi ko inzego zijejwe umutekano zarekuriye umuriro w'amasasu ku bantu bimba ubutare igihe bari mu myiyerekano banka gukugwa mu kibanza bimbamwo amabuye y'agaciro harimwo ayo umujumbu na kobalt.
Ikibanza kiri mu minwe y'ishirahamwe ryimba ubutare n'ayandi mabuye y'agaciro ry'u Bwongereza n'u Buswise.
Ntibiramenyekana neza ko bakoresheje amasasu yica canke ayo kwimyenyererezako.
Abo bimba amabuye y'agaciro bategetswe kuva mu kibanza c'ikigo cimbisha ubutare Glencore , inyuma yo kutubahiriza ingingo yatanzwe na Leta yo kuva muri ico kibanza.
Ingingo yo kubavanayo yafashwe inyuma y'aho abandi barenga 40 bagwa mu kibanza co kwimbamwo ubutare n'ayandi mabuye y'agaciro bidaciye mu mategeko mu kwezi guheze.
Hafi abantu 2000 bimba amabuye y'agaciro hadakurikijwe amategeko barinjira mu bibanza vyo bimbamwo amabuye y'agaciro ku musi ku musi , nk'uko ikigo Glencore kijejwe kwimbisha amabuye y'agaciro kibimenyesha.
Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko kubirukana muri ivyo bibanza vyo kwimbamwo amabuye y'agaciro ataco bizofasha mu bukene barimwo mugihe aribwo bwabatumye baja kwimba ayo mabuye y'agaciro bidaciye mu mategeko.
Republika ya Democrasi ya Kongo yimbura ibirenga 50 kw'ijana vya kobalt iva kw'isi hose .
Kobalt ni ibuye ry'agaciro ryankenerwa cane mu gukora amabateri hamwe n'ibindi vyuma bikoresha ubuhinga bwa internet.