Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzaniya: Magufuli yahagaritse impusha zatanzwe zo gucukura amabuye y'agaciro
Prezida wa Tanzaniya John Magufuli yahagaritse impusha zari zihasanzwe zo gucukura amabuye y'agaciro mw'itangazo ryarungitswe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu.
Iryo tangazo rivuga ko impusha zarangije igihe ko zitazosubira kwemegwa.
Iryo tegeko risohotse mu gihe hari ukutumvikana hagati ya leta n'amashirahamwe acukura amabuye y'agaciro.
Inama nshingamateka iherutse kwemeza amategeko abiri aha uburenganzira leta gusubira kuvugana ku masezerano yapfundikanye n'amashirahamwe mpuzamakungu acukura ayo mabuye.
Bwana Magufuli yagiriza menshi muri ayo mashirahamwe kutariha ikori, ibirego ayo mashirahamwe aterera kure.