"Ikibanza cacu si mu gasho, mu buhungiro canke mw’itongo ry’abapfuye" - Abahuza ibitsina n'abo babisangiye

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bruxelles
Twebwe Duhuza ibitsina n'abo tubisangiye turi abantu nk’abandi.
Mu gihe kuwa 17 rusama uko umwaka utashe amakungu ahimbaza umunsi wahariwe kurwanya ikumirwa ry’abahuza ibitsina n'abo babisangiye, abamuka mukarere k’ibiyaga binini bavuga ko igitigiri c’abahunga ikumirwa batera biyongera muri ako karere.
Nick Arnaud Giriyuja, umusore w’umurundi w’imyaka 25, aba i Buruseri mu Bubirigi , yabwiye BBC Gahuzamiryango ko yahunze igihugu c’Uburundi mu 2018 kubera guhuza ibitsina n'abo babisangiye.
Uwo musore yemanga ko ahuza ibitsina nuwo babisangiye avuga ko mu Burundi hari abagirirwa nabi ariko bitategerezwa kumera uko.
Yagize ati:« Kurya umugore n’umugabo bakundana ni na ko twebwe abahuza ibitsina dukundana tukabirana.
"Dufise uburenganzira bumwe kuko twese turakunda, tugakundana tukipfuzanya, nta wari akwiye kuzira uko yaremwe canke akazira urukundo na burya urukundo rudahitamwo »
Nick Arnaud Giriyuja anegura ko hari abicwa, abandi bagapfungwa bazira ko bahuza ibitsina n'abo babisangiye.
Ati:« Abahuza ibitsina babisangiye baremwe n’Imana ntibari bakwiye kubizira kuko ntaruhara babigizemwo. Ni na co gituma abaturongoye botureka kuko ni uburenganzira bwacu.
"Turi abenegihugu nk’abandi, ikibanza cacu si mu gasho, mu buhungiro canke mw’itongo ry’abapfuye, ahubwo ni mu gihugu iwacu guharanira iterambere ryaho tuvuka.»
Ivyo abihurijeko na Christian ari mu mashirahamwe y’abarwanira agateka k’abahuza ibitsina n'abo babisangiye mu karere k’ibiyaga binini.
Inyuma y'imyaka 30 aba mu buhungiro ku mugabane wa Bulaya, na we nyene avuga ko bakumirwa.
Agira ati:« Uburundi, tanzaniya na Uganda baradutoteza ariko ntituzocika intege mu kurwanira uburenganzira bwacu vyanka bikunda »
Na yo uwase Martine, umunyarwandakazi w’imyaka 28 aba i Paris mu Bufaransa, avuga ko n'aho mu Rwanda bitavugirwa hejuru abahuza ibitsina babisangiye bakumirwa cane cane mubuzi.
Mu kwezi kwa Kigarama(12) 2023, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yavuze ko abahuza ibitsina babisangiye ata kibanza bafise mu Burundi, na yo mu Buganda hakaba hatowe itegeko rikumira uwo murwi.
Amashirahamwe mpuzamakungu n'ayaharanira agateka ka zina muntu hamwe na bimwe mu bihugu vya Buraya vyaranebaguye iyo nyifato, bahamagarira ivyo bihugu kwubahiriza agateka ka zina muntu harimwo n'ako abahuza ibitsina n'abo babisangiye.
Italiki 17 ukwezi kwa Rusama(5) yo kwibuka amabi akorerwa abahuza ibitsina n'abo babisangiye yashinzwe mu mwana wa 2000 mu gihugu c’Ubufaransa, inyuma y'aho ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu kw’isi OMS ritangarije ko guhuza ibitsina n'uwo mu bisangiye atari indwara ahubwo ari ndemanwa.
Mu guhimbaza uwo munsi ku munsi kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 18 Rusama (5), hategekanijwe ikarashishi ndende ihuza abahuza ibitsina n'abo babisangiye bava kw'isi mu mu gisagara c'i Buruseri mu Bubiligi, izohuza abashika ibihumbi n'ibihumbi bava hirya no hino k’w’isi, harimwo n’abababa 50 bava mu karere k’ibiyaga binini.













