Mu munsi umwe abantu barenga 700 bashitse bazanywe n'ubwato buto buto

Abantu bari mu bwato buto buto

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muri uyu mwaka, abantu 8,278 barinjiye mu Bwongereza bazanywe n'ubwato butoyi
    • Umwanditsi, Amy Walker na PA Media BBC
    • Igikorwa, BBC News, mu bumanuko bushira ubuseruko

Abantu 711 nibo bamenyekanye ko baciye mu kiyaga ca Manche/English Channel ku wa gatatu, kikaba ari co gitigiri ca mbere kinini c'abinjiye kitari bwaboneke ku munsi umwe muri uyu mwaka.

Ibitigiri vy'imfatakibanza vyatanzwe n'amasoko atari ayo mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu vyerekana ko abaza kurondera ubuhungiro baza mu bwato butobuto gushika ubu muri uyu mwaka bagera ku 8.278.

Ibi bitigiri biri hejuru ya 34% kurusha ibitigiri vy'abinjiye mu mwaka uheze (abantu 6,192) na 19% kurusha abinjiye nk'iki gihe mu 2022 (6,945).

Ku wa gatatu, harabonetse ubwato14 bivugwa ko bumwe bumwe bwari butwaye abantu 51 ugereranije.

Abarondera ubuhungiro 29.437 bashikiye ku nkengera za Kent bazananye mu Bufaransa bajabukanywe n'ubwato mu mwaka wose wa 2023 - hafi ica gatatu hasi y'ico mu mwaka w'imbere y'aho.

Abantu 5, barimwo umwana w'umukobwa w'imyaka 7, barapfiriye mu mpanuka y'ubwato bwariko burajabukana ikiyaga ca Manche.

Ku wa gatatu, hari amakuru avuga ko uwa mbere mu bimwe ubuhungiro yarungitswe mu Rwanda ku bushake bwiwe mu mugambi wa reta yavuze ko izofata mu guca intege abaza kurondera ubuhungiro baciye muri Manche.

Haraheze umwaka umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak yiyemeje "guhagarika ubwato" nk'imwe mu ngingo 5 zikomeye yafashe.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ati: "Igitigiri kinini cane c'abantu babandanya binjira baciye mu kiyaga Manche kirerekana neza ko dutegerezwa kuburiza indege zija mu Rwanda vuba cane hashoboka".

Bavuze kandi ko babandanya "bakorana vya hafi" n'igiporisi c'Ubufaransa kijejwe kuzibira "ingendo zishira mu kaga ubuzima bw'abantu, zitemewe n'amategeko kandi zidakenewe".