Reta ihakana kuba itazi ahari abashobora kurungikwa mu Rwanda

Indege EC-LZO Boeing 767 itashoboye guhaguruka mw’ikambi y’indege ya Boscombe, ku wa 14 Ruheshi mu 2022 i Boscombe Down. Iyo ndege yari kujana mu Rwanda abarondera ubuhungiro mu Bwongereza yagumijwe hasi ku munota wa nyuma bigiwemwo na Sentare ya Buraya yubahiriza Uburenganzira bwa muntu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Indege ya mbere yari kujana mu Rwanda abarondera ubuhungiro ntiyahagurutse mu Ruheshi mu 2022
    • Umwanditsi, Harry Farley, Paul Seddon na Dominic Casciani
    • Igikorwa, BBC News

Benshi mu barondera ubuhungiro bari bamaze kugenwa ko bazorungikwa mu Rwanda ntibizwi aho bari ubwo nyene, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu buravyemera.

Inyandiko zo muri ubwo bushikiranganji zerekana ko ku barondera ubuhungiro 5.700 bari bagenywe mu mugwi wa mbere, reta idafise amakuru ya 3.557 muri bo.

''2.143 ni bo bonyene babandanya kwitaba ubushikiranganji kandi bashobora gutorwa aho bari kugira bafatwe'', nk'uko izo nyandiko zivuga.

Isoko ryo muri reta rirahakana ko uwo mugwi w'abantu batazwi iyo bari.

Amategeko yo kuja baritaba yari yoroshe kandi ntibaba mu buraro bwa reta, nk'uko iryo soko rivuga, rigashimika mu kwemeza ko ubushikiranganji bushobora gutora umwe wese mu gihe hageze kubarungika mu Rwanda bibaye ngombwa.

Benshi mu barondera ubuhungiro ntibaba mu buraro bw'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu kandi hari inzira zitandukanye zo kwitaba ubushikiranganji.

Bamwe bategerezwa kwitaba imbona nkubone mu gihe abandi bashobora kwimenyekanisha mu buryo bwa none gutyo amategeko yo kwitaba akaba yorohejewe.

Isoko ryo muri reta ryemeye ko bamwe bashobora kunyika imbere y'uko bafatwa.

Umwe mu bategetsi bigeze kuba bajejwe abacungera umupaka yavuze ko abarondera ubuhungiro bagize ''igikorwa co kunyika'' ubu bazi ko bashobora kwirukanwa.

Kevin Saunders, yahoze ari umukuru mu gisata c'abajejwe abasohoka n'abanjira ku mbibe, Border Force, kuva mu 2001 gushika mu 2016, yavuze ko atatangajwe ''na gato'' no kuba ubushikiranganji ata makuru bufise y'abarondera ubuhungiro.

Saunders yabwiye imwe ku maradiyo yo mu Bwongereza ko abarondera ubuhungiro bari ''barirengagije'' umugambi wo mu Rwanda kuko bari babwiwe ko utazokwigera ubaho.

Yagirije ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati ''kuvuga ibinyoma'' mu kwemeza ko ata barondera ubuhingiro batazwi iyo bari.

Ariko kuba abarondera ubuhungiro ''baja batanguye kunyika'' vyerekana ko umugambi wo mu Rwanda watanguye gukora nk'ikintu co guca intege, nk'uko yongeko.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu mategeko, abarondera ubuhungiro badafise uruhusha ryo kuguma mu Bwongereza bapfungwa gusa iyo indege yabo iri hafi [yo kubajana].

Ivyo bisigura ko hafi abajabutse Manche bose ubu bari mu buraro bahawe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati.

Barahabwa terefone kugira bagume bavugana n'abategetsi, bafise n'amategeko yo kuja baritaba kuri bimwe mu biro 13 vy'ubwo bushikiranganji, canke ku gituro c'igiporisi kibegereye - ariko ayo mategeko arashobora kworoshwa.

Abari mu mugwi w'abantu bashobora kurungikwa mu Rwanda ku bisanzwe bategerezwa kwitaba buri ndwi zibiri - ariko iryo tegeko ntirisa n'aho ari ntabanduka.

Mu kwezi kwa Kigarama (12), ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwarahagaritse umugambi wariko urageragezwa wo kumenya buri igihe aho abarondera ubuhungiro 600 bari mu kubambika umuringa ku kuguru ukorana n'ubuhinga bwa GPS (Global Positioning System).

Urwego rw'Ubwongereza rwo gukingira imyidondoro rwavuze ko uwo mugambi wari umaze amezi 18 uriko urageragezwa wari uteye kubiri n'amategeko.

Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu Victoria Atkins yavuze ko ''ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bumenyereye'' ivyo kutagira amakuru y'abarondera ubuhungiro bamwe bamwe.

Yabwiye Sky News ati: ''Abajejwe kwubahiriza amategeko bafise ingingo zitandukanye zo gutora abantu, bazotorwa kandi bazokwirukanwa.

''Dushaka ko ubu butumwa busohoka kandi bukumvikana neza ko niba umuntu atitavye nk'uko ategerezwa, ntiyibaze ko hari aho azodusigira.''

Umushingamateka akurikirana ivy'ubushikiranganji bujejwe abinjira n'abasohoka mu mugambwe wa Labour utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, Stephen Kinnock, yavuze ati: ''Ibi bigaragaje ingene aba Conservative [bari ku butegetsi] batagenzura neza ibijanye n'abarondera ubuhungiro vyose hamwe n'akajagari kari mu mugambi wo mu Rwanda.

''Umushikiranganji wa mbere yemeye ko azofata hanyuma akirukana abo bose bajabutse Manche. None ubu ntazi n'iyo abategerezwa kwirukanwa bari.

''Bigenda gute ngo ubushikiranganji bw'aba Conservative bukomeze kubura abantu iyo bagiye? ''

Umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere Sunak yemeye ko indege za mbere zizohaguruka muri Mukakaro inyuma y'aho itegeko rirekura kwirukana rigiriye mu ngiro muri iyi ndwi.

Inyandiko y'uwo mugambi igaragaza ido n'ido ry'abantu 5.700 ku ''bisanzwe'' Urwanda rwamaze kwemera kwakira. Abagenywe muri uwo mugwi wa mbere bose bashitse mu Bwongereza mu nzira zinyuranye n'amategeko hagati ya Nzero (1) na Ruheshi (6) mu 2023.

Bari bamaze kumenyeshwa ko dosiye zabo zo gusaba ubuhungiro zitashobora kwemerwa kandi ko bari mu bariko barihwezwa kurungikwa mu Rwanda imbere y'uko ku wa 29 Ruheshi mu 2023 sentare isubiramwo imanza ica urubanza ko uwo mugambi wari uteye kubiri n'amategeko.

Bisigura ko mu bashitse baje mu bwato buto buto mu ci riheze ata n'umwe azorungikwa mu Rwanda mu ndege za mbere.

Biranashoboka ko abashingametaka batangura kurondera ko hari icohinduka [kw'izina ry'abirukanwa] gutyo bigatevya ivy'uko uwurondera ubuhungiro yirukanwa.

Inyandiko ivuga ko ari ''ibisanzwe bimenyerewe mu mategeko agenga abashingamateka ko umushingametaka atanguye gukurikirana ikibazo biheza bigahagarika ivyo kwirukana umuntu gushika dosiye yiwe yizwe uwo mushingamateka agahabwa inyishu''.

Yongerako ko kubera umugambi wo mu Rwanda ari mushasha, dosiye imwe imwe ishobora kuronka abashingamateka benshi bashaka kumenya ivyayo neza, gutyo abajejwe ama dosiye bagashobora kurengerwa n'ubwinshi bigatuma ivyo kwirukana biteba canke bihagarikwa gushika inyishu ibonetse.

Ariko ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati buvuga ko bwarondeye ababikora kugira abashingamateka bahabwe inyishu vyihuta.

Umushikiranganji wa mbere Sunak yemeye ko indege za mbere zizohaguruka muri Mukakaro (7), inyuma y'aho itegeko rirekura kwirukana rigiriye mu ngiro muri iyi ndwi.

Reta ntiyigeze itangaza igitigiri c'abantu bose barondera ubuhungiro bazokwirukanwa, ishimika ivuga ko uwo mugambi ata gitigiri ntarengwa wahawe.

Kujabuka Manche vyarabandanije ku wa mbere inyuma y'aho ata abarondera ubuhungiro bari bashitse ku wa mungu. Abarondera ubuhungiro barenga 7.000 baramaze gushika mu Bwongereza uyu mwaka gushika ubu, nk'uko ibitigiri vy'ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu buvyerekana.