Kenya iragabisha ko hadutse ikiza ca cholera muri ico gihugu

Cholera

Ahavuye isanamu, Getty Images

Kenya itangaza ko ikiza ca cholera cibonekeje mu turere dutandatu kuri 46 tugize igihugu, inyuma y’aho abantu 61 banduriye iyi ndwara yo gucibwamwo.

13 barwariye mu bitaro mu gihe abandi umunani bamaze gutaha, nayo 40 bavurwa bataha, nk’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bubivuga.

Ubu bushikiranganji buvuga ko uruzuba rurangwa mu bice bitari bike vy’igihugu rushobora gutuma ivy’iki kiza biyangara, bugatera akamo uturere twose kumera magabo.

Abarwayi hafi bose barangwa ku mugwa mukuru Nairobi be no mu karere gahana urubibe nayo ka Kiambu, aho hamaze gutorwa 48 barwaye.

Abasigaye bari mu turere two muri Rift Valley nka Nakuru, Kajiado na Uasin Gishu, uwundi umwe akaba yatowe mu karere ka Muranga kari hagati na hagati mu gihugu.

Ubu bushikiranganji bwarungitse abahinga muri utwo turere tumaze gufatwa kugira ngo bahangane n’iki kiza.

Cholera yandukira biciye mu kurya imfungurwa canke kunywa ibinyobwa vyanduye, ikaba ifitaniye isano rya hafi cane n’isuku rike.