Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyaka ibiri iraheze Uburusiya butanguje intambara kuri Ukraine, ariko n'ubwo irushe ntirota irekura
Imyaka ibiri irarumanye neza Perezida Vladimir Putin agomoreye ingabo z’Uburusiya kuri Ukraine, mu ntambara yibaza ko yari kumara umwanya urume rumara kuko yabona ko yari gufata iki gihugu mu kanya isase.
Inyuma y’imyaka ibiri, Ukraine iracihagazeko, nubwo uturere tutari duto two mu buseruko twigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya, mbere buratwiyegurira.
Vita, umunyagihugu aba hafi y’abavyeyi ba Perezida Volodymyr Zelensky, agira ati: “Ndipfuza ko intambara yorangira vuba. Ni umuntu w’intore ameze neza arwanira abandi banyagihugu. Ndipfuza ko ino ntambara hamwe n’inzamba zo kugabisha birangira vuba”.
Ariko mu gihe ingabo za Ukraine ata ntambwe nini zitera Uburusiya nabwo bukagenda butsimbatara, ivyo guhera kw’ino ntambara ntibiri hafi.
Mu nama y’umutekano aherukamwo i Munich mu Budagi, Perezida Zelensky yabwiye intumwa zari muri yo ko zitobaza Ukraine igihe intambara izorangirira, ahubwo ko zobaza “igituma Putin agishoboye kubandanya intambara”.
Mu gihe imfashanyo ya gisirikare yazibiwe ubu ikaba iriko ituma ingabo ziwe ata ntambwe zishobora gutera ku rubuga rw’intambara, iryo jambo ryiwe ryari nk’ikofe kuri abo bariko bazibira irungikwa ry’amasasu n’ibirwanisho ingabo ziwe zari zikeneye cane.
"Si ndi umunyaporitike", bivugwa na Valeriy, umugabo ari mu myaka 80 ahagaze hanze y’iduka ridandaza imfungurwa. "Ntidushobora kubaza igihe intambara izongera guhagarara.
"Dutegerezwa kurwana; nta kindi kintu tuzosubira kwemera. Ubu abantu bararakaye cane".
Iki gishika co kurwanira igihugu nticigeze kigabanuka kuva mu gitondo co ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022. Batazi ingene umwansi yabateye ameze, n’inguvu bagiye guhangana nazo, ibihumbi n’ibihumbi baritanze binjira mu rugamba rwa Ukraine.
Kuva ico gihe, amaso yose y’amakungu yahindukiriye Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine).
Izina rya Zelensky ryabaye rurangiranwa igihe yanka ubufasha yari yemerewe bwo kumuhungisha ariko akaguma i Kyiv.
Mw’ijambo ubu ryabaye rurangiranwa, yavuze ati: "Nkeneye amasasu, si nkeneye kwunguruzwa”.
Gushika ubu, iki cipfuzo ciwe ntikirahinduka, ariko akariro karagabanutse mu ncuti ziwe.
Inyuma y’aho igitero co kwivuna umwansi kitagenze neza nk’uko cari citezwe mu 2023, vyatumye benshi batangura kwibaza nimba koko Ukraine izoshobora kubohoza ubutaka bwayo.
Abarepubulika mu nama nshingamateka ya Amerika baraburijwemwo uburyo bwa Ukraine bwo kurwana mu kuzibira amamiriyaridi y’amadorari yari agenewe imfashanyo ya gisirikare ya Ukraine. Kyiv ivuga ko abasirikare bari ku rugamba bariko barapfa kubera ubukene bw’ibirwanisho n’amasasu ariko arahera.
Ni mu gihe Uburusiya bwobwo butadohoka ku ntambara yabwo, kandi incuti zabwo, Korea ya Ruguru na Irani, zikabandanya zibuha ibindi bisasu vya misire vyo gucucagira ku bisagara vya Ukraine.
Hari abatari bake bamaze kuruhishwa n’ino ntambara, mbere abagabo benshi baratinya kwinjira mu gisirikare, ariko babandanya bavuga ko ino ntambara ari iyo gupfa no gukira.
Iciyumviro co kwumvikana canke guhebera Uburusiya gifatwa nko gutsindwa.
Umunyamakuru wa BBC yashitse mu karere ka Kryvyi Rih, akarere Perezida Zelensky yavukiyemwo, aho yahuye na Yuriy ariko akorora amosozi igihe yariko yihweza ingene igorofa yiwe yabamwo yari yasenyutse itewe igisasu ca misire mu mwaka uheze.
"Nta n’umwe akeneye iyi ntambara, none ni iy’iki mu vy’ukuri?" ni ko abaza. "Abantu benshi bariko baragandagurwa".
None yoba yibaza ko Ukraine ikwiye guheba ubutaka bwayo kugira ironke amahoro?
"Ico ni ikizira", niko yishura atarya umunwa. "Abantu benshi cane barapfuye barwanira ubu butaka. Nta vyo kubuheba”.
Agatotezo Uburusiya bumaze imyaka cumi bukorera Ukraine katanguye igihe bwihagira akarere ka Crimée/Crimea mu 2024, mu nyuma bikavamwo intambara ibica bigacika mu buseruko bw’igihugu.
Ku musi ugira 731 kuva habaye igitero ceruye, ino ntambara amaherezo yayo ntaboneka. Nubwo Ukraine ibandanya yihagararako mbere ikubita n’amato y’intambara y’Uburusiya, ntirashobora gufata ibintu mu minwe.