Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Itohoza rya BBC ryerekanye kompanyi yo mu Buhindi igurisha imiti y'ikiyayuramutwe muri Afrika y'Uburengero
- Umwanditsi, BBC Eye Investigations
- Igikorwa, BBC World Service
Ikompanyi y'imiti yo mu Buhindi iriko ikora imiti itemerewe gukoreshwa, ikaba ari imiti yigarurira umuntu, hanyuma ikayirungika muri Afrika y'Uburengero kuri magendo, aho iriko iratera ibibazo bikomeye mu bijanye n'amagara y'abantu mu bihugu nka Ghana, Nigeria, na Cote d'Ivoire, nk'uko itohoza ryakozwe na BBC Eye ribishira ahabona.
Ikompanyi y'imiti Aveo Pharmaceuticals ifise icicaro i Mumbai, ikora imiti itandukanye ifise amazina atandukanye kandi igapakirwa ku buryo iboneka ko ari imiti yemewe.
Ariko yose igizwe n'uruvangatirane rw'ibikoresho biteza ingaruka mbi: tapentadol, umuti w'ububabare ukomeye cane, na carisoprodol, umuti utuma umuntu yoroherwa mu mitsi, ariko igatuma umuntu yigarurirwa akaba umuja wayo ku buryo ubu utemewe i Bulaya.
Iyi miti y'uruvangatirane nta ruhusha ifise rwo gukoreshwa ahantu na hamwe kw'isi kandi ishobora guteza ibibazo vyo guhema mbere no kudadarara. Iyi miti irashobora no kwica iyo umuntu afashe iyirenze urugero.
Nubwo iteza izi ngorane zose, iyi miti iragurishwa cane ku mabarabara mu bihugu vyinshi vyo muri Afrika y'Uburengero, kuko izimbutse cane kandi iboneka ku bwinshi.
BBC yaratoye amapaki y'iyi miti, afise ikimenyetso ca Aveo, agurishwa mu mabarabara yo mu bisagara vya Ghana, Nigeria na Cote d'Ivoire.
BBC imaze gukurikirana iyi miti gushika mu ruganda rwa Aveo mu Buhindi, yaciye irungika umunyamakuru mu kinyegero muri urwo ruganda, yigira umucuruzi w'Umunyafrika ariko arangura imiti yo kugurisha muri Nigeria.
Ikoresheje kamera (camera) yihishije, BBC yafashe amashusho y'umwe mu barongoye Aveo, Vinod Sharma, yerekana ya miti nyene y'inkorabara BBC yasanze iriko igurishwa muri Afrika y'Uburengero.
Mu mashusho yafashwe mu mpisho, uno mukozi abwira Sharma ko umugambi wiwe ari uwo kugurisha iyo miti ku bantu b'imiyabaga muri Nigeria "bose basanzwe bayikunda".
Sharma ntaco yinona. "Nta kibazo", niko yishura imbere yo gusigura ko iyo abayikoresha bafashe ibinini bibiri canke bitatu ica rimwe, bashobora "kwumva baruhutse", mbere akanemera ko bashobora guca "bumva binjiye mu munezero urenze".
Bariko bararangiza ikiyago cabo, Sharma avuga ati: "Iyi ni mibi cane ku magara", yongerako ko bayikora kuko ubu bari mu "bucuruzi".
Ni ubucuruzi buriko burica amagara kandi bwonona kazoza k'amamiriyoni y'urwaruka muri Afrika y'Uburengero bwose.
Mu gisagara ca Tamale, mu buraruko bwa Ghana, benshi cane mu rwaruka bariko baranywa iyi miti itemewe n'amategeko ku buryo umwe mu barongoye iki gisagara, Alhassan Maham, yashinze umugwi w'abakorerabushake w'abantu bababa 100 bo muri ako karere, umugambi wabo ukaba ari ugutera aba bacuruza iyi miti no gukura ibi binini mu mabarabara.
Maham avuga ati: "Ivyo biyayuramutwe vyica nabi ubwenge bw'ababikoresha", nk'uko Maham abivuga, "nka kurya umuriro ururumba iyo uwusutseko ipeteroli". Umwe mu bacitse umuja wayo muri Tamale abivuga mu buryo bworoshe gusumba. Ibi biyayuramutwe, nk'uko abivuga "vyaratwiciye ubuzima".
Umurwi w'abanyamakuru ba BBC warakurikiye aba bakorerabushake igihe bari buriye amapikipiki inyuma y'aho baherewe amakuru y'ahantu hariko hagurishwa ibiyayuramutwe, maze bakora igitero muri kamwe mu duce dutuwemwo na ba nyarucari muri Tamale.
Bari mu nzira baciye ku musore yari yataye ubwenge, abanyagihugu baho bakavuga ko yari yafashe ibi biyayuramutwe.
Igihe uno mucuruzi yafatwa, yari afise isashe yuzuye ibinini vy'icatsi kibisi vyanditsweko Tafrodol. Udupake vyarimwo twari dufise ikidodo c'ikompanyi Aveo Pharmaceuticals.
Si muri Tamale gusa ibi binini vya Aveo biriko birakora ibara. BBC yarabonye imiti nk'iyi yahinguwe na Aveo, yafashwe n'abapolisi ahandi muri Ghana.
Twarabonye kandi ivyemezo vy'uko ibinini vya Aveo bigurishwa mu mabarabara yo muri Nigeria na Cote d'Ivoire, aho abana b'imiyabaga babishira mu nzoga itanga inguvu kugira ngo bongereze uburemere bwayo.
Amakuru yashizwe ahabona avuga ibijanye n'ibidandazwa bishorwa hanze yerekana ko Aveo Pharmaceuticals, iri kumwe n'ikompanyi bikorana yitwa Westfin International, irungika amamiriyoni y'ibi binini muri Ghana no mu bindi bihugu vyo muri Afrika y'Uburengero.
Nigeria, igihugu gifise abantu imiriyoni 225, ni yo soko rya mbere rinini ry'ibi binini.
Bivugwa ko Abanya-Nigeria bababa imiriyoni zine bafata imiti imwe imwe y'ububabare, nk'uko bivugwa n'Ibiro vy'Igihugu vyegeranya ibiharuro muri Nigeria.
Umukuru w'igisata ca Nigeria kijejwe kugenzura imiti NDLEA, Birigadiye Jenerali Mohammed Buba Marwa, yabwiye BBC ko imiti y'ububabare iriko "irakora ibara mu rwaruka rwacu, mu miryango yacu, iri hose muri Nigeria".
Muri 2018, inyuma y'itohoza ryakozwe na BBC Africa Eye kw'igurishwa ry'imiti y'ububabare igurishwa ku mabarabara, abategetsi ba Nigeria baragerageje gufata umuti w'ububabare witwa tramadol ukoreshwa nabi cane.
Reta yarabujije igurishwa rya tramadol ku muntu atawandikiwe na muganga, yongera ishinga urugero ntarengwa umuntu ashobora gufata, inahagarika kandi iyinjizwa ry'imiti itemewe n'amategeko mu gihugu. Muri ico gihe nyene, abategetsi b'Ubuhindi barakomeje amategeko agenga ivy'ugushora tramadol hanze.
Ata n'igihe kinini kihaciye inyuma y'izi ngingo, Aveo Pharmaceuticals yaciye itangura kugurisha hanze ikinini gishasha citwa tapentadol, umuti w'ububabare ukaze cane, uvanze na carisoprodol, umuti utuma imitsi yirekura.
Abategetsi bo muri Afrika y'uburengero bariko bagabisha ko abakura imiti hanze basa n'uko bariko bakoresha ibi binini bishasha vy'uruvangatirane mu kibanza ca tramadol kugira ngo bakwepe aya mategeko.
Mu ruganda rwa Aveo hari amakarato y'iyi miti y'uruvangatirane agerekeranye gushika hafi ku gisenge. Ku meza ya Vinod Sharma hagerekeranye amapaki y'ibi binini vy'uruvangatirane tapentadol-carisoprodol iyi kompanyi igurisha ku mazina atandukanye harimwo Tafrodol, umuti uzwi cane gusumba iyindi, co kimwe kandi na TimaKing na Super Royal-225.
Yabwiye aba banyamakuru b'ibanga ba BBC ko "abahinga" bakora mw'ihinguriro ryiwe bashobora kuvanga imiti itandukanye kugira ngo "bakore umuti mushasha".
Uno muti mushasha wa Aveo ni wo mbere mubi cane gusumba tramadol wasubiriye, nk'uko bivugwa na Dr Lekhansh Shukla, umwigisha ku kigo c'igihugu kijejwe indwara zo mu mutwe, National Institute of Mental Health and Neuro Sciences i Bengaluru mu Buhindi, tapentadol "igira ingaruka z'imiti y'ububabare" harimwo no gusinziriza cane rwose.
Asigura ati: "Itiro rishobora kuba ryinshi cane gushika n'aho abantu vyanka ko bahema, ibi navyo bikaba vyerekana ko umuntu yafashe umuti urenze urugero. Kandi hamwe n'ivyo, uba watanze uwundi muti, carisoprodol, nawo ugatuma umuntu agira itiro rirenze urugero, akaruhuka. Vyumvikana ko ari uruvangatirane rubi cane".
Carisoprodol yarabujijwe i Bulaya kubera ituma umuntu aba umuja wayo. Iremerewe gukoreshwa muri Amerika ariko mu bihe bigufi gusa, gushika ku ndwi zitatu. Ibimenyetso ku muntu yahagaritse kuyifata birimwo kwiganyira, kubura itiro no kubona ibintu bitari vyo.
Iyo ivanze na tapentadol, uwuyihevye arakomererwa "birenze urugero" ugereranije n'imiti y'ububabare isanzwe, nk'uko Dr Shukla abivuga. "Ni ibihe bigoye cane".
Avuga ko atazi ibikorwa vy'igeragezwa ry'iyi miti y'uruvangatirane kugira ngo barabe ko ikora neza. Ko ibintu bitandukanye kuri tramadol, umuti wemewe gukoreshwa ku ngero nto, uruvangatirane rwa tapentadol na carisoprodol "ruboneka ko atari rwiza. Uwu si umuti wemewe gukoreshwa mu gihugu cacu".
Mu Buhindi, amakompanyi ntashobora guhingura no gutanga imiti itemewe mu buryo butegekanijwe n'amategeko, kiretse iyo miti ihinguwe hakurikijwe ingingo mfatirwako z'igihugu kiyigura.
Aveo irungika Tafrodol n'iyindi isa na yo muri Ghana, aho iyi miti y'uruvangatirane rwa tapentadol na carisoprodol idafise uruhusha kandi itemewe n'amategeko, nk'uko ikigo c'igihugu kijejwe kugenzura imiti muri Ghana kibivuga. Mu kurungika Tafrodol muri Ghana, Aveo iriko ihonyanga amategeko y'Ubuhindi.
Twarabajije Vinod Sharma na Aveo Pharmaceuticals kuri ibi birego, ariko ntibishuye.
Ikigo c'Ubuhingi kijejwe gucungera imiti, CDSCO, catubwiye ko reta y'Ubuhindi yemera inshingano ifise ku magara y'abantu kw'isi yose kandi ko yiyemeje gukora uko ishoboye kugira ngo Ubuhindi bugire uburyo bwiza kandi bukomeye bwo gucungera imiti.
Congerako y'uko ivyo Ubuhindi bushora mu bindi bihugu bikurikiranirwa hagufi, kandi ko amategeko aherutse gukomezwa akurikizwa cane. Casavye kandi ibihugu vyinjiza imiti ivuye hanze gushigikira utwigoro tw'Ubuhindi mu gukora uko bishoboye kugira ngo na vyo nyene bigire amategeko akomeye yo gucungera.
Ikigo CDSCO kivuga ko cashikirije iki kibazo ibindi bihugu, harimwo n'ivyo muri Afrika y'uburengero, kandi ko ciyemeje gukorana navyo kugira ngo ntihagire amakosa akorwa. Iki kigo kivuga ko kizofata ingingo vuba na vuba hagize ikompanyi iyo ari yo yose y'imiti izogira uruhara mu bikorwa bibi.
Aveo si yo kompanyi yonyene yo mu Buhindi ihingura ikanarungika hanze imiti y'ububabare itemewe. Amakuru yerekeye ibidandazwa bishorwa hanze yashizwe ahabona yerekana ko hari ayandi makompanyi y'imiti ahingura iyisa n'iyi, kandi ko imiti ifise amazina atandukanye igurishwa cane muri Afrika y'Uburengero.
Aya makompanyi ariko aracafuza izina ry'igisata c'Ubuhindi kijejwe imiti kiriko kiratera imbere ku muvuduko udasanzwe, kikaba gisanzwe gihingura imiti y'agaciro kanini ikoreshwa n'amamiriyoni y'abantu kw'isi, kandi kikaba kinahingura n'incanco zirokora ubuzima bw'amamiriyoni y'abantu. Ivyo iki gisata gishora hanze bifise agaciro k'imiriyaridi 28 z'amadorari y'Abanyamerika ku mwaka.
Avuga ku bijanye n'ikiyago yagiranye na Sharma, uno munyamakuru w'ibanga wa BBC – umwidondoro wiwe ukaba utegerezwa kuguma mw'ibanga ku mvo z'umutekano wiwe - avuga ati: "Abanyamakuru bo muri Nigeria bamaze imyaka irenga 20 bavuga kuri iki kibazo c'imiti y'ububabare ariko amaherezo, nabonanye amaso mu yandi...n'umwe mu bagabo bari ku muzi w'iki kibazo c'imiti y'ububabare muri Afrika. Arazi akaga itera ariko bisa nk'aho ataco bimubwiye...akivugira gusa ko ari urudandazwa nk'urundi".
Basubiye i Tamale muri Ghana, aba banyamakuru ba BBC barakurikiye wa murwi w'abakorerabushake bo muri ako karere mu gitero kimwe ca nyuma catumye hafatwa n'ibindi binini vya Tafrodol vy'ikompanyi Aveo. Kuri uwo mugoroba barakoraniye mu kibanza c'iruhukiro muri ako karere kugira ngo baturire iyi miti bari bafashe.
Igihe amapaki y'ino miti yariko asukwako igitoro kugira ngo aturirwe, Zickay, umwe mu bayobozi, yagize ati: "Turiko turayiturira ku mugaragaro kugira ngo bose babibone, gutyo bibe ikimenyetso ku bayigurisha n'abayitanga: nibagufata, imiti yawe bazoca bayiturira".
Ariko rero, no mu gihe amajana n'amajana y'amapaki ya Tafrodol yariko araturirwa, "abayigurisha n'abayiranguza", ku bilometero ibihumbi n'ibihumbi mu Buhindi, bariko basohora amamiriyoni n'amamiriyoni yayo – bungukira ku marusha bariko bateza abandi bantu.