Indege z'abigenga zaje COP27 ni zingahe?

Ku mbuga ngurukanabumenyi, harabaye ukunegura abaserukiye ibihugu n’amashirahamwe bagiye mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU igira 27 kw'ihindagurika ry'ibihe, COP 27, iriko irabera i Sharm el -Sheikh mu Misiri.

Umusi umwe imbere y’uko iyo nama itangura, abaharanira ibidukikije baharurwa mu majana babujije indege z’abazigenderamwo ku giti cabo kuguruka ziva ku kibuga c’indege Schiphol i Amsterdam. Mu bikora bicaye ku makinga yabo imbere y'izo ndege hanyuma baguma bazunguruka mu kibuga c'indege bari kuri ayo makinga yabo.

Sharm el-Sheikh hagiye indege z'abigenga zingahe?

Ibiharuro bitangwa n'ishirahamwe FlightRadar24 vyerekana ko indege 36 z’abigenga zaguye i Sharm- el -Sheikh hagati y’italiki 4 na 6 z’ukwezi kwa 11, umunsi inama yatanguriyeko.

Izindi 64 zaguye i CairKo, 24 muri zo zivuye i Sharm-el-Sheikh.

Urubuga rwa COP27 rwabwiye abitaba abitaba iryo ko bashobora gukoresha kimwe canke ikindi muri vyo bibuga.

Indege 9 zavuye mu Bwongereza , izindi ziva mu bihugu vya Bulaya harimwo Ubutaliyano, Ubufransa, n’Ubuholande.

Zibiri zavuye muri Amerika zija i Cairo – imwe muri izo yavuye Atlanta , iyindi i Washington DC.

Ishirahamwe FlightRadar24 rivuga ko bishoboka ko hari hategekanijwe indege z’abigenga nyinshi gusumba ariko ritashoboye kumenya kuko ridakorera cane muri ako karere.

Indege z'abigenga zaje Cairo na Sharm el Sheikh zavuye mu bibuga vy'indege birenga 40.

Ariko indege z’abigenga zabaye nke muri iyi nama mpuzamakungu yitaho ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe igira 27, COP 27 ugereranije n’izagiye i Glasgow muri COP26.

Imwe mu mvo zabitumye ishobora kuba ari uko abategetsi bakomeye kw’isi , gushika ico gihe bari bakiri bake ugereranije n'abitavye Glasgow.

Urugendo mu ndege yigenga rurekura imyuka ingana gute?

Indege ziri mu kirere zirekura imyuka yonona igisenge c'isi – na cane Dioxide de Carbone, CO2- iva mu gitoro zikoresha. Iyo myuka ifise uruhara mu gushuha kw'isi.

Imyuka zirekura ku kirometero k c'urugendo yica igisenge cane kurusha ubundi buhinga bwose bwo kwiyunguruza.

Ivyo birahindagurika bivanye na:

  • ubinini bw'Ingene
  • ubuhinga bw'imoteri z'iyo ndege
  • igitigiri c’abantu iba itwaye.

Ariko indege z’abigenga zirekura imyuka myinshi ku muntu umwe ayigenderemwo ugereranije n'indege za rusangi.

Hari indege z’abigenga z’ubwoko bwinshi ariko imwe mu zakoreshejwe cane mu kuj mu Misiri muri COP27 yabaye iyo mu bwoko bwa Gulfstream G650 ikoresha amalitiro 1.893 y’igitoro kw'isaha imwe.

Hamwe ingede y’uwigenga yoba yaravuye Amsterdan- naho hari imyiyerekano- yari kuba yakoresheje amasaha amasaha nk’atanu kugira ishike Sharm el-Sheikh, igakoresha amalitiro 9.465 y’igitoro .

Igisata kijejwe urudandazwa, inguvu n’imikenyuro y'amahinguriro ((BEIS), kivuga ko kuri litiro imwe y’igitoro gikoreshwa n'indege, irekura 2,5kg za CO2. Iyo ndege yarekuye amatoni 23.9 ya CO2.

Ariko kugira tubone neza uruhara rwose rw’ingendo z’indege kw’ihindagurika ry’ibihe, BEIS ivuga ko imyuka isohoka yoca igwzwa na 1,9 - kugira haharurwe n'imyuka itari CO2 irekurwa n'indege iyo ziri hejuru cane mu kirerek, imyuka abahinga bavuga ko igira uruhara mu gushusha isi.

Gutyo rero, imyuka yose yasohowe n'iyo ndege yanganye n'amatoni 45,3 ya CO2- kandi niba iyo ndege yujuje ibibanza vyayo uko ari 15 , umuntu umwe umwe aharurwako toni zitatu (3) kuri urwo rugendo [toni 1=1.000kg).

Ibihauro vy'iyi myuka n'ivyo kugereranya ushingiye kuri izo ngendo gusa, ntiharimwo iyo zisohora mu gihe ziba ziriko zirakorwa mu mahinguriro.

Iyo abo bafashe indege z'abigenga bafata indege rusangi mu kuva Amsterdam baja mu Misiri, dufashe ku bari kugendera mu bibanza vy'iteka, umwe umwe yari guharurwako imyuka ingna n'inusu y'itoni, nk'uko bigeranywa n'ishirahamwe riraba indege zisanzwe (International Civil Avition Orginisation, ICAO.

Naho indege ya rusangi koresha igitoro cinshi kw'isaha, ishobora gutwara abantu benshi kurusha indege y’abigenga bigatuma irekura imyuka mike ku muntu umwe.