Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Museveni ariyamiriza ‘ubwiyorobetsi” bw’ Uburaya ku mahangiro y’ihindagurika ry’ibihe
Prezida Yoweli Museveni wa Uganda yavuze ko kubona Uburaya bwasubiye kwijukira amahinguriro akoreshwa n’inguvu zituruka ku bizuku mu gihe hari ubukene bw’inguvu ari agashinyaguro ku mahangiro bwari bwarihaye ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe.
Uwo mukambwe amaze imyaka myinshi ku butegetsi yaneguye kandi ibishasha bisabwa kugira ibihugu vy’iburengerazuba bizane imitaje mu masoko ntanganguvu yimbwa mu kuzimu – ari uko gusa ibitoro na gaz biheza bikagurishwa i Buraya.
Yavuze ko ubwo ari ubwiyorobetsi bweruye.
Ku rubuga rwiwe [rwa internet], Museveni yanditse ati : ‘Ntituzokwemera itegeko rimwe kuri bo, irindi naryo kuri twebwe. Ntituzokwemera ko iterambere rya Afrika riburizwamwo n’ukunanirwa kw’abanya-Buraya mu kwubahiriza amahangiro bihaye ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe”.
Yavuze ko kwijukira amasoko ntanganguvu adahumanya ikirere bituma ibihugu vya Afrika bibura umuyagankuba iyo ata muyaga uvuze canke iyo ata zuba ryatse.
Museveni yongeye agira ati: “Abanyaburaya bananiwe no gushika ku vyo biyemeje ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe ntigikwiye kuba ikibazo ca Afrika.