Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Barasaba Ubumwe bwa Bulaya gukoresha igihagararo bugahagarika intambara muri R D Congo
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Yakoze inkuru ari, Belgium
Bamwe mu banye Congo baba mu Bubiligi bazindukiye mu myiyerekano imbere y'ahakorera inzego z'Ubumwe bwa Bulaya nk'inama nshingamateka, ibiro vy'uwutwara inama nkuru y'iryo shirahamwe, n'izindi nzego hagati mu muji wa Brussels mu gace (quartier) ka Schaman, ahasanzwe hari ibiro vyinshi n'ivyicaro vy'inzego nka zose zigize Ubumwe bwa Bulaya.
Muri iyo myiyerekano yabaye mu mahoro ku metero nkeyi zahakorera Ursula von der leyen atawara inama nkuru y'Ubumwe bw'ibihugu vya Bulaya, abayitavye basa n'abafise agashavu kenshi basavye ibihugu vya Bulaya kuva mu gacerere bagatera igitsure leta ya Kigali kureka ico bise gusahura umutungo wa Congo bitwaje umuhari wa M23 n'ukwica abanye Congo no kwigarurira ibice atari bike vya Congo.
Abahashitse barenga 50 bari barwiriyemwo abakobwa n'abagore bitwaje ivyapa vyanditse mu gifaransa ibisigura ngo:
"Turiyamirije ihonyabwoko ririko rikorerwa abanye Congo."
Ibindi navyo bikaba vyatyoza ibihugu vya Bulaya hamwe n'Urwanda, aho rimwe na rimwe batera indirimbo zityoza igihugu c'Urwanda n'abategetsi baco.
Iyo myiyerekano yateguwe n'ihuriro ry'amashirahamwe y'abagore n'urwaruka rw'abanye Congo baba mu Bubiligi rwitwa ''Free congo."
Nkuhan n'umwigeme w'imyaka 23 yabwiye BBC ko amahanga yahevye Congo n'abanye Congo ari naco gituma bateguye iyo myoyerekano.
Yagize ati: "ubundi abantu barabeshwa ko ari M23 iriko irarwana; si vyo na gato, Congo yaratewe n'igihugu kibanyi c'Urwanda kugira rusahure amatungo y'agaciro kandi ivyo ntawutabizi. Kandi turazi ko ibihugu vya Bulaya bifitaniye imigenderanire myiza n'Urwanda, nico gituma turi ngaha mu kwibutsa Ubulaya ko Urwanda ruriko rurasahura rwongera rwica abanye Congo, rufata n'uturere twa Congo, ivyo ntidushobora kuvyemera."
Muri iyo myiyerekano banasavye ko amashirahamwe y'indege nka Brussels airlines y'Ububiligi na Air France y'Ubufaransa atawosubira kuyahonyazamwo ikirenge.
Brendo Ondimba, umwe mubari barongoye iyo myiyerekano yagize ati:
"Ububiligi n'Ubufaransa barafashanya cane n'Urwanda ibi rero nta nkeka turafise amakuru akwiye y'imfashanyo ivyo bihugu biha Urwanda, nico gituma dusavye abadashigikiye 'ihonyabwoko' ririko ribera muri Congo baba abakongomani canke abandi kudasubira gukoresha izo ndege mu kwiyunguruza, mu nzira yo kwerekana akababaro."
Ikindi abari muri iyo myiyerekano basavye n'uko atawosubira kugura telephone yo mu bwoko bwa Iphone ikorwa n'ikigo Apple co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika canke imodoka z'uruganda rwa Tesla zikoresha bateri z'umuyagankuba, yegukira umurwizatunga Elon Musk, aho bemeza ko ivyo bigo ata vyemezo bitanga ko bumwe mu butare bikoresha bwoba bwibwa muri Congo bugashorwa n'Urwanda mu kinyegero.
Uretse abanye Congo, hari Abanyarwanda bake bitabiriye iyo myiyerekano nka Brigittte Tuyishime aba mu Bubiligi kuva mu 2005 aho nawe nyene yasabiye iguhugu avamwo ibihano.
Ati: "jewe ndabizi ko irya ngwano yo muri Congo ari Urwanda rwayiteye, bagomba gufata bimwe mu bice vya Congo babishire ku Rwanda, bongere basahure ubutunzi bwa Congo kandi ivyo birazwi kuva kera nico gituma dusavye amahanga kuvyamirira kure"
Icibonekeje n'uko muri iyo myiyerekano umutekano wari ucunzwe bikomeye n'abapolisi benshi bikaba bitegekanijwe ko imyiyerekano nk'iyo izobandaniriza imbere y'ubuserukizi bw'Urwanda I Buruseli mu Bubiligi ku munsi wa gatandatu.
Kubera iyo myiyerekano yo ku munsi wa gatandatu, amwe mu mashirahamwe y'Abarundi b'impunzi mu Bubiligi akaba yaramaze kurungikira ubutumwa abanywanyi babo ko batokwegera ahabera iyo myiyerekano ku gutinya ko hari aborwa mu mporero.