Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ishirahamwe ALUCHOTO risaba umugwi wigenga utohoza ku manyanga yabaye mw'irekurwa ry'abanyororo mu Burundi
Ishirahamwe ALUCHOTO rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu risaba umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, gushiraho umugwi wigenga utohoza, mu buryo bwimbitse, ku makosa n'amanyanga yabaye mu gikorwa co gutezurira abanyororo cabaye mu mpera z'umwaka uheze.
Vianney Ndayisaba, umuhuzabikorwa muri iryo shirahamwe, abivuze inyuma y'aho kuri uyu wa kane umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye afuse mu kazi zimwe mu ndondozi nkuru nkuru zikora mu biro iwe kubera amanyanga zakoze muri ico gikorwa.
Evariste Ndayishimiye yatanze ikigongwe kw'igenekerezo rya 14 ukwezi kwa 11 umwaka wa 2024. Vyari bitegekanijwe ko hatezurirwa abanyororo 5.442 mu kiringo c'indwi zibiri.
Ubu rero amezi abiri agiye kwuzura hamaze kurekurwa abagera ku 4.011 gusa nk'uko ibiharuro bitangwa na ALUCHOTO bivyerekana. Ni ukuvuga ko abarenga 1400 bataratezurirwa.
Mu babogojwe harimwo Jean Baptiste Baribonekeza yahora arongoye igisata kiraba ibijanye n'amategeko n'uburongozi mu biro vy'umukuru w'igihugu, Cyrille Sibomana yari arongoye igisata kiraba ibijanye no gutegura inyandiko zijanye n'amategeko hamwe na Arcade Harerimana umuhanuzi yari ajejwe gukurikirana ivy'amatati.
Nk'uko bigaragara mw'itegeko ry'umukuru w'igihugu, abo bafuswe mu kazi bagirizwa icaha co « guhemuka » kubera « batezuriye abagizi ba nabi kandi batari ku rutonde rw'abategerezwa guhabwa ikigongwe c'umukuru w'igihugu ».
Vianney Ndayisaba, umuhuzabikorwa muri ALUCHOTO, asaba umukuru w'igihugu kutagarukira ku bo yahanye mu biro iwe gusa.
Agira ati:"Mu bari bagize umugwi ujejwe gutezurira abanyororo harimwo n'abandi bagize uruhara mu manyanga yabaye."
Atunga urutoke abo mu butungane kuva muri parake nkuru ya repubulika gushika mu ma parake akukira sentare zisubiramwo imanza z'intara.
Ndayisaba yemeza ko mu gikorwa co gutezurira abanyororo hagaragaye ingendo yo kurya ibiturire.
Ku bwiwe, vyatumye bamwe mu bategerezwa kurekurwa batarekurwa canke ngo hakarekurwa abatabifitiye uburenganzira. Aremeza "hari n'abarekurwa mu bibanza vy'abandi."
Nko mw'ibohero rikuru rya Rumonge avuga "mu barekuwe harimwo abantu 7 batari ku rutonde kubera bagirizwa ivyaha vyo kwica no gufata ku nguvu.
"I Bururi harekuwe abantu 11 batari babifitiye uburenganzira. I Gitega harekuwe 3. I Bubanza na ho harekuwe 7."
Vianney Ndayisaba abona kandi ko amanyanga yabaye ari mu vyatumye ikigongwe c'umukuru w'igihugu kitaja mu ngiro ijana kw'ijana.
Ikindi giteye umutima uhagaze umuhuzabikorwa muri ALUCHOTO, ni uko ngo hari n'abejejwe mu butungane canke abarangije umunyororo ariko bagumye mu mvuto.
Mu burorero atanga harimwo ibohero rikuru rya Mpimba (Bujumbura mairie) yemeza ko hariyo abantu 101 barangije umunyororo canke bejejwe ariko bagumye bapfunzwe.
Mw'ibohero rikuru rya Rumonge avuga ko hariyo abantu 37. Gitega abantu 63. Muramvya 13. Bubanza 13 nyene.
Ndayisaba asaba umukuru w'iguhugu gushiraho umugwi wigenga ugizwe n'abo mu biro iwe hamwe n'abo muri CNIDH (umugwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu) kugira ugire amatohoza yimbitse ku vyabaye maze abagize uruhara bose mu vyabaye bahanwe bimwe vy'akarorero.
Asaba kandi ko abari bakwije ibisabwa kugira bashirwe ku rutonde rw'abatezurirwa ariko batarushizweko n'abarangije umunyororo canke abejejwe bagipfunzwe borekurwa ata gisabwe.