Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umujenerali yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere muri Madagascar kugira ngo ahagarike imyiyerekano y'aba Gen Z
- Umwanditsi, Sammy Awami
- Igikorwa, BBC Africa
- Yakoze inkuru ari, Antananarivo
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Umwanditsi, Omega Rakotomalala
- Igikorwa, BBC Monitoring
Perezida wa Madagascar, Andry Rajoelina, yagenye umusirikare afise ipete rya jenerali ngo abe umushikiranganji wa mbere mushasha, mu ntumbero yo guhagarika imyiyerekano y'urwaruka yo kurwanya ubutegetsi bwiwe.
Yavuze ko igihugu gikeneye umushikiranganji wa mbere "ashobora kugarukana urutonde n'ukwizigira abantu" imbere y'uko ashinga amabanga Gen Ruphin Fortunat Zafisambo.
Igenwa mu mabanga ry'uwo mujenerali ni ikimenyetso gikomeye c'uko leta ikoresha igisirikare kandi bisa n'uko ari ukugerageza kwa Rajoelina kwiyegereza ingabo ngo zizomufashe mu bihe vy'indyane zikomeye. Haraciye imisi mikeyi umukuru w'igihugu aseruye ubwoba bw'uko hoba hari ugushaka guhirika ubutegetsi,
Umugwi uri muri iyo myiyerekano uzwi nka Gen Z Mada, wariyamirije igenwa rya Gen Zafisambo, riha Rajoelina amasaha 48 ngo akinjure ku butegetsi.
Mw'itangazo rya Gen Z Mada bavuze bati: «Igihe cose Rajoelina azoguma ku butegetsi tuzobandanya urugamba».
Iyo myiyerekano yatanguye ku wa 25 mu kwezi kwa Nyakanga(9), yatewe n'agashavu kubera kubura amazi n'amatara vy'agasakisaki. Iyo myiyerekano yahavuye ihindura intumbero, icika iyo kwiyamiriza ibiturire, ubushomeri bwinshi n'ingorane z'ibiciro vy'ubuzima.
Mu ndwi iheze, Rajoelina yirukanye umushikiranganji wa mbere Christian Ntsay, umusivile, n'abashikiranganji biwe bose kugira ngo agerageze guhosha abari mu myiyerekano.
Mw'itangazo yashikirije ku kirimba ku musi wa mbere mu gicugu, Rajoelina yamenyesheje ko Gen Zafisambo yashinzwe amabanga, avuga ko umushikiranganji wa mbere akwiye kuba umuntu ataco yagirizwa kandi "yiteguriye kurokora Madagascar".
Gen Zafisambo ni we yari umuyobozi w'inama y'igisirikare mu biro vy'umushikiranganji wa mbere gushika agenwe mu mabanga mashasha.
Mu ndwi iheze, ONU yavuze ko abantu bababa 22 bishwe, abandi barenga 100 barakomereka muri iyo myiyerekano, ariko leta yarahakanye ivyo bitigiri, ivuga ko bishingiye ku "bihuha n'amakuru atari ayo ukuri".
Ku wa mbere, inzego z'umutekano zarashamiranye n'abanyagihugu bari mu myiyerekano mu bisagara vyinshi, mu gihe imigumuko iri muri iryo zinga ry'ibahari Indiyana yinjiye mu ndwi yayo ya gatatu.
Abakiri bato baharugwa mu majana, benshi muri bo bakaba bari abanyeshure bo muri kaminuza, baragiye mu mabarabara bava ku nkengera z'umurwa mukuru Antananarivo baja hagati mu gisagara.
Umusore umwe yarakomerekejwe, ajanwa mu bitaro inyuma y'imishamirano n'abajejwe umutekano bari bazibiye amabarabara, nk'uko ikinyamakuru AFP kibivuga.
Imishamirano kandi yarabaye mu gisagara co mu bumanuko ca Toliara no mu gisagara co mu buraruko ca Diego Suarez.
Uwahoze ari umukuru w'igihugu Marc Ravalomanana yaragiye gushigikira abari mu myirekano, abwira BBC ko ingorane nini Rajoelina afise ari uko "atumviriza".
Ravalomanana yongeyeko ko gutorwa kwa Gen Zafisambo "ataco bizomara", kuko yakora mu biro vy'umushikiranganji wa mbere, kandi ntazoshobora gutorera umuti ingorane ziri muri Madagascar.
Yavuze ko adashigikiye ko igisirikare kibizamwo, kandi ko yiteguriye gusubira ku butegetsi abantu niba bamushaka.
Madagascar yaratabagajwe n'imigumuko myinshi kuva ironka ukwikukira mu 1960, harimwo n'imyiyerekano ikomeye yabaye mu 2009 yatumye Ravalomanana ava ku butegetsi, Rajoelina na we abujako.
Rajoelina yatwaye imyaka ine, hanyuma asubira ku butegetsi inyuma y'amatora yo mu 2018. Iyo myiyerekano ni ingorane ikomeye cane yahuye na yo kuva asubira gutorwa mu 2023.
N'aho Madagascar ifise ubutunzi kama, ni kimwe mu bihugu bikenye kw'isi, aho abantu 75% baba munsi y'umurongo w'ubukene, nk'uko Banki y'isi yose ibivuga.
Nk'ica gatatu gusa c'abantu imiliyoni 30 bo muri Madagascar ni bo bafise umuyagankuba, nk'uko bivugwa n'Ikigega Mpuzamakungu (FMI).