'Turarushe' - Uko abanya Iran biyumva inyuma yo kwumvikana ku gahengwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Taraneh Fathalian
- Igikorwa, BBC Persian
"Abantu bato bato baracumukuye," ivyo bivugwa na Sirous, umunya Iran yasavye ko izina ryiwe rihindurwa kubera umutekano wiwe.
Avugana na BBC ari muhira iwe ku mugwa mukuru Tehran, yagize ati:"Nemeza ko iyi ntambara yose yateguwe.
"Israel na Amerika vyaraje bisambura ibibanza vya gisirikare na nikreyere, Iran itera misire zike, ku birindiro vya Amerika, ubu impande zose zikaba zumva ko zimerewe neza".
Ariko yongerako ko ari abanyagihugu ba Iran bahababariye.
Sirous ni umwe mu mamiriyoni y'abanya Iran bafise ivyiyumviro bitandukanye kuva hatangajwe agahengwe hagati ya Iran na Israel.
Ako gahengwe kemejwe inyuma y'imisi 12 y'ibitero hagati y'izo mpande zibiri. Ku musi wa kabiri, umushikiranganji wa Iran ajejwe amagara y'abantu yavuze ko abantu 606 ari bo bishwe, n'aho imigwi yigenga igereranya ko abahasize ubuzima bashobora kuba basumba abo incuro zibiri.
Iyo ntambara yatumye abanya Iran bagira ubwoba buvanze n'umwiheburo, abandi bamwe muri bo intango y'icizere. Bamwe batinyirira umutekano wabo na kazoza k'igihugu cabo, mu gihe abandi bibaza nimba iyo ntambara ishobora kuzana impinduka za poritike.
Co kimwe na Sirous, Minoo - si izina ryiwe bwite - aratinya ingaruka ku banyagihugu ba Iran.
Agira ati:"N'ikihe vy'ukuri kinteye ubwoba? N'intambara itema igatongora ivanze n'ibihano hamwe n'ubutunzi bwifashe nabi cane, vyose vyakwezwe n'intwaro yikunda.
"Turamaze kwishura ikiguzi n'amahera yacu hamwe n'ubuzima bwacu, kandi tuzoguma tuvyishura.
"Twebwe abanya Iran, turacumukuye. Nta ntambara dushaka, nta bihano dukeneye, kandi mbere nta na gahengwe dukeneye. Dukeneye kubaho mu mahoro mu gihugu dukunda.."
Yongeyeko ati:"Ikintera ubwoba cane gusumba intambara canke ihagarikwa ry'intambara n'ibikomere hamwe n'isuzugurwa rya Republika ya k'Islamu. Ntibashoboye gutsinda Amerika, ubu rero abanyagihugu ba Iran bashobora gushikira, bagiye kubandanya kubica no kubasinzikariza ubuzima.."
Abategetsi ba Iran bamaze igihe kirekire bahiga buhongo abo batavuga rumwe, bikaba vyariyongereye cane inyuma y'imyiyerekano yakwiye henshi mu 2022. N'imiburiburi abantu 901 barishwe muri Iran mu mwaka uheze, nk'uko bivugwa n'uwurongoye ishami rya Onu rijejwe agateka ka zina muntu.
Abamenyeshamakuru ba BBC ntibashoboye gutanga amakuru bari imbere mu gihugu ca Iran, kubera reta y'ico gihugu yavyanse. Igisata ca BBC gitangaza amakuru mu rurimi rw' igi Perse nta biro gifiseyo, kikaba kivugana b'abanya Iran babicishije ku mihora ya WhatsApp na Telegram.
Mehdi yabwiye kandi BBC ko atinya ko ikiguzi c'iyo ntambara kizorihwa n'abanyagihugu hakubazwa ubutegetsi.
Agira ati:"Reta izoshira imbere gusubira kwubaka ibigo vya gisirikare na nikreyere hakwitaho inyubako z'abanyagihugu.
"Kandi barazi kuvyaza umusaruro abapfuye cane gusumba ibindi bintu, mu gukoresha izo mpfu mu gucecekesha abatavuga rumwe na bo."
Yongeyeko ati:"Bashobora kureka abantu bakidegemvya akanya gato, ariko ntibishobora kumara umwanya munini."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ihagarikwa ry'intambara - ryatangajwe na Donald Trump - ryagiye mu ngiro ku musi wa kabiri mu gitondo, ariko ubwo nyene impande zose zaciye zagirizanya kurenga ku masezerano.
Ibiturika vyarumvikanye mu ntara ya Mazandaran iri mu buraruko bwa Iran, ku musi wa kabiri.
Sara, na we nyene atari izina ryiwe, avuga ko yiyumvisemwo amaganya n'amadidane igihe ako gahengwe katangura kuja mu bikorwa.
Yagize ati:" Sinemera ako gahengwe, ndabafiseko amakenga."
Abandi bavuganye na BBC na bo nyene bafise amakenga ko ako gahengwe gashoboka.
Arman - si izina ryiwe bwite - agira ati:"Ako gahengwe ntikazomara kabiri. Israel ntirashika kuvyo yashaka vyose... ubu butegetsi butegerezwa gutembagara."
Kian, n'iri rikaba ari iritazirano, yongeyeko ati :"Aka gahengwe n'umutego ku mutegetsi w'ikirenga Khamenei kugira anyeguruke.
"Nta gihe na kimwe Israel na Amerika bafata ingingo badafise ico bashaka gushikako."
Yongeyeko ko, atibaza ko ako gahengwe kazomara kabiri kandi ko kazorangira impera n'imperuka:"Iyi ntambara ntizorangizwa nagahengwa, izorangizwa n'itembagara ry'ubu butegetsi. Kandi ubu butegetsi nta mahirwe bufise."
Inyuma gato y'aho hatangarijwe ako gahengwe, igisirikare ca Israel cavuze ko catangiriye ibitero vya misire bivuye hagati mu gihugu ca Iran, ivyo Iran yahakanye.
Israel yavuze ko yarashe ku vyuma bicungera ikirere [Radar] ariko "yirinda gukora ibindi bitero" inyuma y'aho umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu avuganiye na Trump.
Mu gihe ako gahengwe kakigoyagoya, amaso yose arangamije ikirere araba ko ako gahengwe gashobora kumara kabiri.










