Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanya Afrika y'Epfo bemerewe ubuhungiro na Trump batanguye kuja muri Amerika
- Umwanditsi, Cecilia Macaulay
- Igikorwa, BBC News
Abazungu ba mbere 49 mu bemerewe ubuhungiro n'ubutegetsi bwa Trump bari mu nzira bava muri Afrika y'Epfo baja muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.
Ku munsi w'Imana, buriye indege iva Johannesburg berekeza Washington aho bari bitezwe ku mugoroba wo kuri uno wa mbere.
Imigenderanire hagati ya Afrika y'Epfo na Leta zunze Ubumwe za Amerika, imaze amezi irimwo icuka kibi kuva mu kwezi kwa kabiri, aho perezida Trump yasinya ingingo (executive order) yemeza ko abazungu bo muri Afrika y'Epfo bariko bakoregwa "ivangura rifatiye kw'ibara ry'urukoba".
Ibi vyariyamirijwe n'umushikiranganji wa Afrika y'Epfo ajejwe imigenderanire, Ronald Lamoa, yavuze ko ata ba Afrikaners bariko barahamwa, kandi ko n'ivyegeranyo vya polisi bibeshuza ayo majambo ya perezida Trump.
Leta zunze Ubumwe za Amerika zaraneguye politike ya leta ya Afrika y'Epfo, ziyagiriza gufata amatongo y'abarimyi b'abazungu itanabahaye umuzibukiro- ikintu Leta ya Afrika y'Epfo ihakana ko cigeze kiba.
Perezida Trump yaremeje kandi ko hari ubwicanyi bwakwiragiye "muri Afrika y'epfo" buhama abarimyi b'abazungu.
Umwe mu bajanama ba perezida Trump, umunya Afrika y'Epfo Elon Musk, yaheruka kuvuga ko hariko haraba "ihonyabwoko (genocide) ry'abazungu" muri Afrika y'Epfo, yagiriza iyo leta ko yatoye "amategeko y'ivangura agenga ubutaka".
Ayo majambo y'uko hariko haraba ihonyabwoko ry'abazungu yiyamirijwe na benshi.
Ibiharuro bitangwa n'igipolisi ca Afrika y'epfo, vyerekana ko mu 2024, habaye ubwicanyi 44 mu matongo manini na matoya, kandi muri abo bishwe 8 ni bo bari bene amatongo.
Afrika y'epfo ntikunda gutangaza ibiharuro vy'ubwicanyi bufatiye kw'ivangura, ariko abenshi mu bafise amatongo ni abazungu, ariko abandi baba kuri ayo matongo nk'abakozi baho, usanga benshi ari abirabure.
Umwanditsi w'umu Afrikaner Max du Preez yabwiye BBC ko ivyo kuvuga ko abazungu bo muri Afrika y'Epfo bahamwa "ari amazimwe ata kintu na kimwe bishingiyeko".
Yongeyeko ko abanyafrika y'Epfo batangajwe n'iyo ngingo yo kwimura abanyagihugu baho mu kubaha ubuhungiro, kandi ko ifitanye isano n'ibibazo biri muri Leta zunze Ubumwe za Amerika imbere mu gihugu kuruta muri Afrika y'Epfo.
Mw'itangazo ryasohotse ku munsi wa gatanu, umushikiranganji w'imigenderanire wa Afrika y'epfo yavuze ko ivyo leta yiwe iregwa ko iriko irakumira abanzungu "ata shingiro bifise" kandi ko ingingo ya Leta zunze Ubumwe za Amerika yo guha ubuhungiro abazungu ba Afrika y'Epfo ari ugushaka kuburizamwo demokarasi ishingiye kw'ibwirizwa- nshingiro muri Afrika Y'Epfo.
Iryo tangazo ryongerako ko igihugu cakoze ubudahumeka mu kurwanya ivangura, gifatiye kuri kahise kaco karanzwe n'agacinyizo gashingiye kw'ivangura rifatiye ku rukoba mu gihe c'intwaro ya 'apartheid'.
Icuka kibi hagati y'ivyo bihugu vyompi cakomeje kuduga kuva aho ashingiye bamwe mu butegetsi bwiwe, igikorwa co gutegura umugambi wo guha ubuhungiro aba Afrikaners, umugwi ugizwe n'abantu bafise ba sekuruza bakomoka mu bu Hollande bagiye muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.
Mu kwezi kwa gatatu, uwuserukira Afrika y'Epfo muri Amerika, Ebrahim Rasool, yarirukanywe ahorwa ko yagirije perezida Trump kwitwaza kuvugira abazungu yise ko barenganijwe kubera urukoba, kugira ngo yikundwakaze, ivyatumye Amerika yagiriza Rasool ko ashaka gukokeza urwanko rufatiye ku ruhu.
Amerika kandi yagiriza Afrika y'epfo gufata ingendo y'agasotoro kuri Israel, muri sentare mpuzamakungu y'i La Haye -ICJ, aho ubutegetsi bwa Pretoria bwagirije ubutegetsi bw'umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu gukora ihonyabwoko ku banyagihugu bo muri Gaza, ikirego abanya Israel bahakana bivuye inyuma.
Umugwi wa mbere w'abazungu bavuye muri Afrika y'Epfo ugizwe n'abantu 49, bitezwe i Washington ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere, aho baca babandanya Texas.
Kwemerera aba Afrikaners guhabwa ubuhungiro muri Amerika kwa Perezida Trump kuje mu gihe Amerika imaze igihe ihasha abimukira n'impunzi baturuka mu bindi bihugu, irondera kubakura ku butaka bwayo.