Umukuru wa Hamas Ismail Haniyeh yiciwe muri Irani – niko uno muhari utangaza

Umuhari Hamas utangaza ko umukuru wawo Ismail Haniyeh yiciwe i Tehran muri Irani “mu gitero c’ubuhemu” ca Israel.

Mw’itangazo ryasohowe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu, Hamas ivuga ko Haniyeh yiciwe aho yari ari i Tehran mu rugendo yarimwo aho yari yitavye ibirori vyo kurahiza Perezida Masoud Pezeshkian ejo ku wa kabiri.

Iri tangazo rivuga riti: "Umuhari wa Kisilamu wo kwirwanako, Hamas, urababaye imbere y’abanyagihugu bacu ba Palestina …hamwe no ku banyagihugu barangwa n’ubwigenge kw’isi yose”.

Mu mwanya waheze, imirwi ya Hamas ku rubuga rwa Telegram yasohoye videwo itagira itariki yerekana Ismail Haniyeh ariko aravuga mu gisa n’ikiganiro yagiranye n’imboneshakure Al-Jazeera.

Yari iherekejwe n’amajambo afatwa ko ari aya Haniyeh aho avuga ati: "Turumva uburemere bw’inshingano” z’ikibazo ca Palestina kandi “turiteguriye ibi vyose bizokenerwa…kwitanga ku bw’inyungu za Palestina”.

Umutegetsi wo hejuru wa Hamas ararahira akarengwa ko uno muhari uzotegerezwa kwihora kw’igandagurwa rya Haniyeh.

Moussa Abu Marzouk avuga ko iki gitero ari "igikorwa c’ubuhemu kidashobora kwijana", nk’uko bitangazwa n’imboneshakure ya Hamas, Al-Aqsa.

Israel ntaco iravuga canke ngo isohore itangazo ku rupfu rwa Haniyeh.

Igisirikare ca Israel cabwiye ibinyamakuru bitari bike - harimwo CNN n’itororokanirizo ry’amakuru Agence France-Presse – ko kidashobora kwishura ibinyamakuru vyo hanze ku bijanye n’urupfu rwa Haniyeh.

Hagati aho, bamwe mu banyaporitike ba Israel bagize ico bavuga, harimwo na Amichay Eliyahu, umushikiranganji w’iragi, akaba n’umwe mu banya-Israel batsimbataye ku mico ya kera.

Yanditse ku rubuga rwa X ko urupfu rwa Haniyeh "rutumye isi iba nyabagendwa".

Eliyahu atangura ubutumwa bwiwe agira ati: "Iyi ni yo nzira nyayo yo gukura ubucafu kw’isi”, imbere y’uko abandanya avuga ati "nta yandi masezerano y’amahoro/yo kwishikana, nta zindi mpuhwe kuri aba bicanyi”.

Avuga kandi ko “ukuboko kw’icuma kuzobakubita kandi kuzotsimbataza amahirwe yacu yo kubana mu mahoro n’abo bose bipfuza amahoro”.

Nader Hashemi, yigisha ivyigwa bijanye n’Ubuseruko bwo Hagati kuri kaminuza ya Georgetown, yabwiye BBC ko igandagurwa ry’uno mutegetsi wa Hamas Ismail Haniyeh yegereje akarere ku ntambara yeruye umwana n’umwanya.

Ati: "Iki ni ikintu gikomeye. Nibaza ko kizogira n’ingaruka ku biriko bibera muri Libani kubera amasaha makeya imbere y’aha, Israel yagerageje kwica umutegetsi wo hejuru wa Hezbollah mu bumanko bwa Beirut, kandi vyafatwa ko Irani na Hezbollah batashaka ko ibintu vyunyuka”.

Ariko igandagurwa rya Haniyeh rirabitovye, nk’uko abandanya abivuga.

"Ubu Irani ifise ibituma vyose vyo kugerageza kwunyura ibintu muri iyi mishamirano”.

Uburusiya na Turukiya biriyamiriza iki gitero, bikavuga ko ari ikije kwunyura ibintu.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire buvuga ko igandagurwa rya Haniyeh ari "ubwicanyi bwa poritike budashobora kwihanganirwa", nk’uko bivugwa n’ikimenyeshamakuru ca reta RIA.

Icegera c’umushikiranganji w’iki gihugu ajejwe imigenderanire, Mikhail Bogdanov, avuga ko urupfu rw’uno mukuru wa Hamas "ruzotuma ibintu vyunyuka muri iki cuka kibi".

Ku ruhande rwwabwo, ubushikiranganji bwa Turukiya bujejwe imigenderanire buriyamiriza “iri gandagurwa riteye isoni i Tehran", itororokanirizo ry’amakuru Reuters rigasubiramwo itangazo ryabwo aho buvuga ko "iki gitero gifise kandi intumbero yo gukwirakwiza intambara ya Gaza mu karere kose".

Abategetsi hafi bose ba Hamas basanzwe batibonekeza ku mugaragaro, mu gihe abandi nabo bamaze hafi ubuzima bwabo bwose bakwepa kugandagurwa na Israel.

Ismail Haniyeh yari azwi cane nk’umutegetsi w’ikirenga wa Hamas gushika uno muhari utangaje uru rupfu kuri uno wa 31 Mukakaro (7) 2024.

Ismail Haniyeh yabonetse ubwa nyuma ku mugaragaro ejo ku wa kabiri muri ivyo birori vyo kurahiza Perezida Pezeshkian. Yarabonanye n’uno mukuru w’igihugu mushasha yongera abonana n’umutegetsi w’ikirenga wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei.

Amakuru avuga ko muri uwo mubonano, umukuru w’igihugu ca Irani yabwiye uno mukuru wa Hamas ko Irani “izokwifatanya n’abanyagihugu ba Palestina”, mu gihe Haniyeh na we yashimiye Irani ku kungene ifashe mu mugongo Abanyapalestina.

Umukuru w’ubutegetsi bwa Palestina Mahmoud Abbas ariyamiriza igandagurwa rya Haniyeh akavuga ko ari "igikorwa c’ubuhemu kandi c’akaga kabi”.

Atera akamo kandi Abanyapalestina “kwunga urunani, kwihangana no kudacika intege imbere ya Israel yihagiye ubutaka”, hari mw’itangazo ryacishijwe mw’itororokanirizo ry’amakuru ry’igihugu Wafa.