Dele Alli wa Everton avuga ko yakorewe amabi ashingiye ku gitsina afise imyaka 6

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi wo hagati wa Everton Dele Alli avuga ko yakorewe amabi ashingiye ku gitsina igihe yari afise imyaka itandatu.
Mu kiganiro caranzwemwo ibigumbagumba yagiranye na Gary Neville yahoze akina muri Manchester United no mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza, Alli yavuze ko yabonye amahano nk’umwana imbere y’uko atorwa n’umuryango wamureze afise imyaka 12.
Avuga ko “yahumbishijwe” afise imyaka itandatu, atangura kunywa itabi afise imyaka indwi kandi ko yadandaje ibiyayuramutwe afise imyaka umunani.
Alli w’imyaka 27 ubu, aherutse kumara amayinga atandatu ariko aravurwa ubumara kubera yari yariziziwe n’ibinini vyo gusinziriza n’ibibazo vy’ubuzima bwo mu mutwe.
Nk’umwe mu rwaruka rufise ubuhinga budasanzwe mu mupira w’amaguru, Alli yari mu bakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza washitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c’igikombe c’isi yose, akaba yaranafashije Tottenham gushika mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League/Ligue des champions).
Hagati aho, yahavuye asubira inyuma mu rukino rw’umupira w’amaguru biba ngombwa ko ava muri Tottenham akinjira muri Everton mu kwa kabiri 2022 imbere y’uko atizwa mu murwi Besiktas wo muri Turukiya mu mwaka w’inkino uheze.
Muri ico kiganiro, yishuye ati: "Maze kugaruka mvuye muri Turukiya, nasanze nkeneye kubagwa kandi mu mutwe ntivyari bimeze neza.
"Naciye mfata ingingo yo kwitura ikigo ngororamutwe ca none kubera ibibazo bijanye n’ubuzima bwo mu mutwe. Bavura abafise ibibazo vyo kuba bariziziwe n’ibiyayuramutwe, ibibazo vyo mu mutwe hamwe n’ihahamuka.
"Numva ko kuri jewe hari hageze. Mu bintu nk’ibi, nta muntu ashobora kukubwira ngo genda hariya. Utegerezwa kuvyiyumvamwo ukifatira ingingo wewe nyene, ahandi hoho ntibikunda. Nari ngeze habi. Nishinga ibintu vyariko biranyicira ubuzima.
"Nama mvyuka imisi yose kandi nkihagararako, nkaja mu myimenyerezo, ntwengatwenga, nerekana ko nari ndyohewe kumbe mu mutima nariko ndaherengetera. Hari hageze ko mpinduka”.
Mw’itangazo, Everton ivuga iti: "Bose muri Everton barubaha kandi barashima ubutwari bwa Dele bwo kwubahuka kuvuga ingorane yahuye nazo, ndetse n’ingene yarondeye ubufasha".
Alli avuga ko haciye indwi zitatu avuye mu kibanza ngororamutwe, kandi ko atabona ingene yari kubivamwo kuko “ivyambayeko nkiri umwana ni vyinshi cane ku buryo ntabitahura canke ngo ndavyibaze”, akemeza ko ubu buvuzi bwamufashije cane.
Mu nyuma yabanje guhagarika, akorora amosozi ubwo yavuga ingene yahumbishijwe n’umuntu atari uwo mu muryango.
Niho mu nyuma yavuga ingene "yahumbishijwe" afise imyaka itandatu imbere yo kurungikwa muri Afrika kwiga indero runtu”.
Avuga ati: "Mama yari yariziziwe n’inzoga. Narungitswe muri Afrika [kugumana na se wiwe] kugira ngo nige indero runtu, hanyuma ndagarukanwa".
Ati: "Mfise imyaka indwi, natanguye kunywa itabi, ku myaka umunani ntangura kudandaza ibiyayuramutwe”.
"Ku myaka 12, natowe n’umuryango wandeze. Kuva ico gihe, wambereye umuryango w’igitangaza nk’uko nabivuze, bambereye abantu b’intore ku buryo ivyiza bankoreye bigoye gusigura. Nimba Imana yararemye abantu, ni abo”.
Dele avuga ko atavugana n’abavyeyi b’amaraso, akavuga kandi ko yumva ko yahemukiwe kandi yatawe, inyuma y’aho bavugiye mu 2018 ko umuryango wamureze wariko uramwungukiramwo.
Avuga ko ata na kimwe yagiriza nyina wiwe inyuma yo kuronka ubufasha ngororamutwe bwamufashije “kumutahura n’amakuba yariko aracamwo”, ariko ko “umubabaro” yatewe n’ayo majambo usigura ko ata bucuti amukeneyeko.
Avuga kuri se wiwe aheruka kubonana nawe igihe yakinira Ubwongereza, Dele yongerako ati: "Eka na we nyene nta bucuti ndamukeneyeko".
Mu 2016, yarahinduye izina ryo ku mpuzu yiwe, ico gihe akaba yavuga ko yumva “ata sano” yari afitaniye n’izina Alli.










