Tanzania: Patiri imbere y'ubutungane yagirizwa vya mfura mbi yakoreye abana

Uwupfunzwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umupatiri wa Ekleziya Katolika mu buraruko bwa Tanzania yarengukishijwe imbere y’ubutungane yagirizwa ivya mfura mbi yakoreye abana, nk’uko bivugwa n’igipolisi.

Aba bana ni abanyeshure bo kuva mu mwaka wa gatandatu gushika mu mwaka wa mbere w’ishure ryisumbuye bariko bitegurira gusangira, abandi gukomezwa.

Umunyamabanga mukuru w’Inama nkuru y’Abepiskopi muri Tanzania, Patiri Charles Kitima, avuga ko Ekleziya izokorana n’ababijejwe kugira ngo ubutungane bukore muri uru rubanza.

Patiri Kitima ati: “Twavuze ko turindiriye iyo ngingo [ya sentare] kugira ngo izindi ngingo zifatwe...ivyemezo ni bitangwe hanyuma nawe ahabwe akaryo ko kwiregura, ico nico turindiriye.

“Ni ngombwa ko amategeko akora igikorwa cayo kandi Ekleziya izokwifatanya n’ababijejwe kugira ngo abakorewe ikibi batunganirizwe”.

Ekleziya Katorika ihagaze he?

Patiri Kitima yabwiye BBC ko muri rusangi Ekleziya Katorika irwanya ihohotera rishingiye ku gitsina rikorerwa abana kuko isengero ritegerezwa kuba ikibanza c’amahoro kuri bose.

Ati: “Reka twemere ko iki ari ikibazo kijanye na kamere ya nyene kubikora, dufise abapatiri barenga 3.000 muri kino gihugu ariko muri bo harimwo abo usanga bafise utunenge n’intege nke, ivyo bibaho”.

Patiri Kitima avuga ko iki ari akabi kabishe kuko gituma abavyeyi n’abana bagira impungenge nyinshi, abana iyo bagiye mu bikorwa nk’ivyo baba bizeye ko bagiye guhura n’umuntu yari kubarera muri mutima.

Ati: “Rero iyo bakorewe ibitabajanye ni ibintu bibabaza cane.

“Twebwe nka Ekleziya turababazwa n’ingeso mbi z’umuntu umw’umwe ziteye kubiri kubiri n’ico twategerezwa kwubaka, kwubaka umuntu mu mico myiza.

 “Ureste ko iki ari igicumuro kandi kibabaza Imana, gifise n’ingaruka mbi ku bana, rero ni ngombwa ko hafatwa ingingo ruhasha”.

Patiri Kitima avuga ko kw’isi abantu nk’abo bahari, ko rero dutegerezwa gufashanya nk’abanya muryango mu guhindura izo ngeso, kandi tugatanga inkuru iyo hari ikintu nk’iki kibaye.

Avuga ko uburyo bwo gutanga inkuru muri Ekleziya butomoye, kuva hasi gushika hejuru ku Nama nkuru y’abepiskopi, abantu b’abahinga mu gutorera inyishu ibibazo nk’ivyo.