Vatican yahinduye amategeko mu ntumbero yo guhasha ihohotera rishingiye ku gitsina

Papa Francis

Ahavuye isanamu, Getty Images

Papa Francis yahinduye amategeko ya Ekleziya Katorika kugira ngo ahashe mu buryo bweruye ihohoterwa rishingiye ku gitsina.

Izi mpinduka mu mategeko mpanavyaha nizo za mbere zikomeye mu kiringo c'imyaka hafi 40.

Aya mategeko mashasha ategeka ko ihohoterwa rishingiye ku gitsina, kwosha abana bato mu ntumbero yo kugira imibonano mpuzabitsina nabo, gutunga amareresi y'ubusambanyi bukoresha abana hamwe no guhishirira ihohotera rishingiye ku gitsina ko ari ivyaha bihanwa n'amategeko ya Vaticano.

Papa avuga ko imwe mu ntumbero ari "kugabanya igitigiri c'ibi vyaha aho... igihano wasanga kigizwe ibanga ry'abategetsi".

Integuro y'izi mpinduka mu mategeko ya Ekleziya yafashe imyaka 11 mu baziteguye hakaba harimwo abahinga mu mategeko ya Ekleziya hamwe no mu mategeko mpanavyaha.

Kuva mu myaka ya vuba, Ekleziya Katorika irahanzwe n'ibibazo indiri n'indiri vy'abapatiri bagirizwa ihohotera rishingiye ku gitsina muri kahise mu mpande zitandukanye z'isi, abategetsi bakuru b'Ekleziya nabo bakabakingira ikibaba.

Abakorewe ibi vyaha hamwe n'abanegura Ekleziya bamaze imyaka mirongo bidoga, bavuga ko amategeko yahahora yari yataye igihe, ko yari yakozwe mu ntumbero yo gukingira ababikora kandi ko atari atomoye.

Aya mategeko mashasha aje gusubirira impinduka za nyuma zikomeye zari zakozwe na Papa Yohani Paulo wa II (Jean-Paul II) mu 1983.

Ashizweho kugira ngo yerekane neza ingingo nyazo kandi zihariye zitegerezwa gufatwa, akanategeka abasenyeri gufata ingingo hagize uwubitura.

Aya mategeko azotangura gushirwa mu ngiro kuva ku wa 08 z'ukwa cumi na kabiri uno mwaka. Abuza kandi ukwatira abagore mw'ibanga ry'ubusaserdoti, gufata amajwi y'abirega hamwe na ruswa.

None ni ibiki vyahindutse neza na neza?

Itegeko rya Vaticano ubu riremera ko abakuze co kimwe n'abana bashobora gukorerwa amabi n'abapatiri bakoresha ububasha bafise.

Imbere y'aho, Ekleziya yemera ko abantu bakuze bashobora kwemera canke bakanka kubera imyaka y'abo, ntiyigeze yiyumvira ko n'abakuze nabo nyene bashobora gukorerwa ayo mabi, cane cane iyo abashaka kuyabakorera babafiseko ububasha.

Iri tegeko rivuga ko umupatiri ashobora gukurwa ku mabanga mu gihe akoresheje "inguvu, iterabwoba, canke ububasha bwiwe" mu kwishora mu busambanyi.

Ku ncuro ya mbere, abalayike (laïcs/laypeople) bafise amabanga muri Ekleziya, na bo nyene barashobora guhanwa ku vyaha vy'ihohotera, nk'akarorero kwirukanwa mu kazi, kurihishwa ihadabu canke bakavanwa mu miryango y'abihebeye Imana begukira.

Amategeko mashasha afata nk'icaha "ukwosha" abana canke abakuze batishoboye mu ntumbero yo kubashuhurira mu mareresi y'ibiterasoni ku gitsure.

Nibwo bwa mbere Ekleziya yemeye ku mugaragaro ko "ukwosha" (grooming/manipulation sexuelle) ari inzira ikoreshwa n'abasambanyi mu kurondera guhohotera no gusambanya abantu.

Iri tegeko kandi ryakuyeho ububasha bwahora buhabwa abategetsi bakuru ba Ekleziya bwo gukingira ikibaba abapatiri bagirijwe ico caha. Ubu, uwo ari we wese azokora ibi azoshobora kwagirizwa urwangara kubera yananiwe no gukora amatohoza hamwe no guhana abasambanya abandi.

Musenyeri Filippo Iannone arongoye igisata ca Vaticano gihagarariye izi mpinduka, avuga ko habaye "ugufata minenerwe birengeje urugero amategeko mpanavyaha", aho rimwe na rimwe impuhwe ari zo zashirwa hejuru y'amategeko.

Kuva atanguye amabanga mu 2013, Papa Francis yakoze ibishoboka vyose kugira ngo ahangane n'ibirego vy'ihohotera rishingiye ku gitsina vyagirizwa abapatiri

Mu ntumbero yo gukorera ku mugaragaro gusumba, yarayoboye inama ikomeye mu 2019 yiga ihohotera rishingiye ku gitsina ryagirizwa abapadiri, anakuraho itegeko ritabonwa kumwe ryategeka abarongoye Ekleziya kugumya ibanga.

Imbere y'aha, muri Ekleziya ivyaha vy'ihohotera rishingiye ku gitsina vyagumijwe mw'ibanga, mu vyafatwa nk'utwigoro two kugumiriza ibanga ababikorewe, no gukingira icubahiro c'abagirizwa kubikora.

Abayinegura bavuga ko bamwe mu bakuru ba Ekleziya bakoresheje nabi iryo tegeko kugira ngo bakwepe gukorana n'igiporisi mu manza zijanye n'ivyaha vy'ihohotera.