Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
South africa: Umudari wa Nobel w'uwahoze ari prezida FW de Klerk waribwe
Umudari wa Nobel w'uwahoze ari prezida wa Afrika y'Epfo FW de Klerk wibwe mu nzu iwe mu kwezi kwa kane, nk'uko ikigo (Fondation) ciwe cabibwiye BBC.
Nta do n'ido catanze, ariko ikinyamakuru co muri ico gihugu cavuze ko wibwe ku muhana wiwe i Cape Town.
De Klerk yatsindiye ako gashimwe ari kumwe na Nelson Mandela mu 1993 kubera utwigoro two kurangiza intwaro ya karyanishamiryango.
Ibinyamakuru vyo muri Afrika y'Epfo bivuga ko igipolisi ata muntu n'umwe kirafata canke ngo gitore uwo mudari.
Avugana n'urubuga rw'amakuru rwo muri ico gihugu, News24, umupfakazi wa De Klerk, Elita, yavuze ko yagarutse muhira avuye mu rugendo hanze y'igihugu asanga isandugu itamenwa yo mu nzu yiwe "isa n'iyigaragara".
Yagize ati:"Nabonye ko twibwe mu kwezi kwa kane k'uyu mwaka. Itariki 5 z'ukwezi kwa kane, nagiye kuraba isandugu itamenwa nsanga iruguruye. Nari navuye mu rugendo hanze y'igihugu itariki zine, urumva ndibuka amatariki. Kubwo imana mbi, iyo sandugu yasa n'iyigaragara."
Yongeyeko ati:"Ibisharizo vyose vyanje nambara barabitwaye - Biragoye kuvuga agaciro kavyo, kubera ivyo batwaye nari nabihawe haraheze imyaka 50 ku bihe bitandukanye, ikindi kandi harimwo ivyo nari narazwe na mama."
Yavuze ko ata cizere afise ko ivyibwe bizosubira kuboneka.
Ari kumwe na Mandela, umukuru w'igihugu wa mbere wa Afrika y'Epfo w'umwirabure, De Klerk, yapfuye mu 2021, yahawe ako gashimwe n'umudari w'inzahabu ufise uburemere bwa kara 18 mu 1993.
De Klerk yabaye prezida mu 1989 ariko aza guhereza ubutegetsi Mandela inyuma y'imyaka itanu, haba harangiye intwaro y'abazungu bari ku rushi muri Afrika y'Epfo, ica iba intango y'intwaro ya dempkarasi.
Yapfuye haraheze nk'umwaka afise imyaka 85 inyuma yo kumusangana ingwara ya mesothelioma - kansere yo mu mahaha.