Jenoside-Rwanda: 'Ntibahemukiye Abanyarwanda gusa, bahemukiye kiremwamuntu kw’isi yose’ - Umushikirizamanza

Umushikirizamanza ashimangira ko Twahirwa (i bubamfu) na Basabose (i buryo) bagirwa n’ivyaha vy'agahomerabunwa, akabasabira igihano c'akarorero

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Umushikirizamanza ashimangira ko Twahirwa (i bubamfu) na Basabose (i buryo) bagirwa n’ivyaha vy'agahomerabunwa, akabasabira igihano c'akarorero
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Ku musi ugira 32 w’urubanza rw’Abanyarwanda Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994 rwarabandanije ejo ku wa mbere, aho sentare yibanze ku mushikirizamanza kizigenza w'Ububiligi, Kathleen Grosjean.

Mu masaha atatu yahawe, umushikirizamanza Grosjean yasavye abashingantahe/inyankamugayo 12 zatowe kugira zizoce urubanza kuzofata ingingo izovamwo ico yise guhoza amarira y’abahuye n'amabi ya jenoside mu Rwanda.

Mu gacerere karangwa muri sentare yagize ati: “Aba bagabo babiri Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose mubona imbere yanyu barafashe iya mbere mu guhonya ibihumbi vy'abantu babaziza uko bavutse; mwarumvirije ivyabona vyababa 100, abahinga n'amatohoza,mwararavye amareresi y'ivyabaye.

“Bafashe iya mbere mu gukokeza kwica abantu babahora ko ari Abatutsi, ndabasabe mukoreshe umutima nama mu kubacira igihano kibakwiye, kurya kw’abakoze ivyaha vya jenoside y’Abayahudi.

“Bakwiye igihano c'akarorero kugira dutuze burundu ivyaha vya jenoside kw’isi”.

Abaregwa uko ari babiri bari muri sentare vyaboneka ko batemeranya n’ivyo umushirizamanza yavuga.

Bamwe mu baryango babo bari muri sentare vyanse ko bihangana, batangura kwimyoza gushika aho biba ngombwa ko abajejwe umutekano babakebura mu kubabwira ko muri sentare ata wuvuga atari umuburanyi.

Umushikirazamanza yabandandanije yemeza ko ababuranyi bagirwa n’ivyaha ata gushidikanya.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: “Ibi ndababwira si ivyo nkura mu mutwe ni ivyo mwiyumviye mwebwe nyene, ni ivyo mwabwiwe n’abavyiboneye; mwarumvise amanama bateguye yo guhonya abantu, mwarumvise ivyo abacitse kw’icumu n'ababuze ababo bababwiye, mwarumvirije ivyo abo bakoranye muri ayo mabi bababwiye.

“Twahirwa yarishe, n’abo babikoranye baravyemeza, yarafashe abagore ku nguvu, yaratumye Interahamwe kumara Abatutsi, si agaseseshwarumuri yaratanze ibirwanisho vyo kumara Abatusi”.

Avuga kuri Basabose, yabwiye sentare ko “yari afise imitahe 120 muri Radio Télévision Libre des Mille Collines [RTLM] yabiba urwanko rwo kwanka Abatutsi”, kandi ko umwana wiwe wese yari yamuhaye umutahe muri ico kinyamakuru.

Ati: “Yarahaye uburyo Interahamwe zariko ziramara abantu, kandi mwariyumviye ko yashimira ababa bavuye kwica mu kubaha indya n'inzoga”.

Yagirije aba bagabo bompi ko bamaze abantu bitwaje umugambwe MRND bari bahurikiyemwo, hanyuma “bahungira mu Bubiligi, basaba ubuhungiro bazi ko binyegeje ubutungane”.

Ati: “Ndabasabe abo bantu bakoze ivyaha vy’agahomerabunwa ntibabandanye bidegemvya, kuko vyotuma ukudahana bisasirwa indava.

“Mu gukora jenoside, ntibayikoreye Abanyarwanda gusa ahubwo bahemukiye ikiremwa muntu kw'isi yose”.

Bitegekanijwe ko kuri uno wa kabiri sentare iha ijambo rya nyuma abunganira Twahirwa, ku wa gatatu yumvirize abunganira Basabose, hanyuma abunganira abasaba indishi n'ababuze ababo nabo bumvirizwe ku munsi wa kane igenekerezo rya 7 ukwezi kwa Kigarama(11).

Bitegekanijwe ko abaregwa bazohabwa ijambo rya nyuma ku wa 11 Kigarama, umusi wa nyuma wo gusozera urubanza, nk’uko bitegekanijwe.