Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Ukraine: 'Nsubiye ku rugamba n’ukuboko kw’uguterano'
Umusi umwe inyuma y’aho Vitalii aciriwe ukuboko, yarunamye araba ahahoze ukuboko kwiwe. Yariyemeje kwiyambika ishati we nyene, n’aho abagenzi ari bo bamufasha.
Uyu musirikare w’imyaka 24 avuga ati: "Je sinkeneye abamfasha ntabibisabiye. Nimba bishitse nkabona ntavyishoboje, nzobisaba. Jewe sinifata nk’ikimuga, ndishoboye”.
Ariko kwiyambika ishati ni kimwe, gusubira ku rugamba rwa Ukraine ni ikindi.
Nico gituma yashize icizere ku kuboko gushasha kw’uguterano – kwakorewe mu Bwongereza akaguhabwa n’ikigo c’abagiraneza kidasanzwe c’ubuvuzi cari gihejeje kwugururwa i Lviv.
Vitalii ava mu ntara ya Zhytomyr muri Ukraine. Kuva afise imyaka 15, yamye yipfuza kuba umusirikare no kurwanira igihugu ciwe.
Yari muri Pologne igihe yumva amakuru yavuga ko Uburusiya bwateye igihugu ciwe aca asubira iwabo kugira yinjire mu gisirikare vuba bishoboka.
Ni mu gihe haba igitero c’ikimodoka ntamenwa (char) hafi ya Bakhmut ari naho yacikiye ukuboko kwiwe kw’i bubamfu. Aravuga ingene yumva Abarusiya bariko baregereza, bari ku metero 200 gusa y’aho yari ari.
"Nafashe inkoho irasa grenade nca mfata ingingo yo kubarindirira inyuma y’ibisaka gushika baje, ariko natakaje umwanya wa nyawo”.
Vitalii avuga ko atibuka neza na neza ivyakurikiye, ariko mu ntambara zakurikiye, yarakomeretse bibi cane ku kuboko.
"Naciye nja ku ruhande nsaba umugenzi kumboha kugira ndeke kuvirirana”. Bagenziwe baciye basaba ko ahungishwa.
Vitalii ni umwe gusa mu banya Ukraine ibihumbi n'ibihumbi, abasirikare n’abasivire, batakaje ibihimba vy’umubiri kubera ibikomere vyo mu ntambara, nk’uko bivugwa n’ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS/WHO.
Ubu we n’uwundi munya-Ukraine, Andrii Hidzun, babaye abasirikare ba mbere bahawe amaboko y’amaterano n’ishirahamwe ryo muri Ukraine, Superhumans, rifasha abahuye n’ibikomere bikomeye muri iyo ntambara.
Ku wa gatanu, niho iri shirahamwe ryugurura ikigo ca mbere co gutangiramwo ubufasha nk’ubu – mu ntumbero yo guha abantu nka Vitalii na Andrii ubuvuzi nkenerwa inyuma yo gucibwa ibihimba vy’umubiri wabo.
Iri shirahamwe rishigikiwe na Viktor Liashko, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe amagara y’abantu, mu gihe umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Olena Zelenska, ari mu barirongoye.
Superhumans si ishirahamwe ryo kudandaza. Uburyo rikoreshwa butangwa n’ibigo n’amashirahamwe mpuzamakungu y’abagiraneza.
Umuyobozi nshingwabikorwa w’iki kigo, Olga Rudnieva, ashaka gufasha ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu batakaje ibihimba vyabo muri ino ntambara mu kubafasha kugira ngo imibiri yabo isubirane no mu kubaha ibihimba vy’ibiterano (ikizwi nka prothèse/prothesis) .
Ati: "Turiko turagerageza guha ubufasha bwose abakomerekeye muri ino ntambara.
"Ntibikwiye guha prothèse abantu. Bakeneye gushigikirwa no kwigishwa ingene bakoresha prothèses zabo. Barakeneye kwiyubaka”.
Olga avuga ko Ukraine ikenye cane ibi bikoresho muri kino gihe. Ikorana n’ikompanyi yo mu Bwongereza, Open Bionics, izokora izi prothèses nyinshi.
Avuga ati: "Dushaka gufasha abantu mu kubongerera ubushobozi no kubafasha kwumva ko batekaniwe”.
Inkovu, ntabwo ari ibikomere
Vitalii avuga ko uku kuboko gushasha gusigura ko ashobora gusubira gufasha abandi, guserukira abanyagihugu biwe. Kuri we ni ugusubira kw’isi.
"Igihe banshirako prothèse, sinashaka kuyikura, nari ndyohewe cane. Umunezero utagira urugero! Wobisigura gute? Raba, wahora ata kuboko ufise, ariko raba uragufise!”
N’akamwemwe kenshi, aribuka ico gihe.
"Ikintu ca mbere nashaka gukoresha n’uku kuboko kwari ufutata isigareti n’igikombe c’ikawa”.
N’agatwengo, yerekana ko n’aho biri uku, uku kuboko kw’uguterano kuzatomushoboza kunywa no gukwega itabi umwanya umwe.
Biragaragara ko uku kuboko kw’uguterano kuterekana uruhombo ku muntu nka Vitalii, ahubwo kwerekana ukwivyukiranya n’ukudahemukira igihugu ciwe.
N’aho yakomeretse cane, ariyemeza gusubira ku rubuga rw’intambara akabandanya urugamba.
Asubiye ku kigo ca Superhumans, Olga avuga ko afise icizere muri kazoza.
Ari: "Aba basirikare bafise inkovu, ntabwo ari ibikomere.
Arazi ingene abantu bazobona igihugu ciwe mu gihe intambara izoba irangiye, ariko avuga ko yipfuza guhindura iyi shusho.
"Turazi ko kwubaka igihugu c’abarokotse intambara, aho kuba ic’abazize intambara, bizohindura kazoza ka Ukraine”.