Kubera iki igitero ca Ukraine kidatangura, Uburusiya buriko bwitegura gute?

Ibihuha vy’igitero ca Ukraine co kwikura umwansi kw’izosi bimaze imisi bizunguruka mu binyamakuru no ku mbuga hwaniro, ariko muri ino misi ya vuba, hari amakuru atari make ariko aravugwa kuri iki gitero. BBC irihweza amakuru ahari ku bijanye n’ingabo za Ukraine n’ingene ziteguriye guhindura ibintu muri ino ntambara.

Baba abahinga ba gisirikare n’abanyamakuru, baba abategetsi, bose baravuga ivy’iki gitero kirindiriwe gukorwa n’ingabo za Ukraine.

Umusi wa nyuma Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine aheruka kuvuga ivy’iki gitero hari ku wa 25 z’ukwa gatatu, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru co mu Buyapani Yomiuri Shimbun.

Ico gihe, yavuze ko iki gitero cari citezwe muri kino gihe c’inyuma y’ubukonje bwinshi cariko kirunguruzwa kubera ata bikoresho vya gisirikare n’amasasu bikwiye vyari bihari – ariko nta gihe yatanze. Kumbure iyi ishobora kuba atari yo mvo yonyene.

Hari ibivugwa ko igitero c’ingabo za Ukraine kizotangura igihe c’ubukonje bwinshi kirangiye neza muri Ukrane kugira ngo imodoka z’intambara zishobore kurengana ku butaka bugoye, hamwe kandi n’igihe Ukraine izoba ishoboye kwegeranya ingabo zikwiye.

Ibi biboneka ko ari vyo abakuru ba gisirikare bashingirako mu gufata ingingo ku gihe no ku kibanza iki gitero gishobora gutangurirako, ariko hampande y’ibi hari n’ibindi: ingene ingabo ziteguye, ingene ingabo z’Uburusiya zimeze, ubushobozi bwa Ukraine bwo gushikana ingabo zayo ku rubuga, n’ibindi.

Gusa ikintu nyamukuru co kuvuga ni uko Ukraine yipfuza gutangura igitero rurangiza, bibaye ngombwa kigahera mu bice bitandukanye.

Kubera iki igitero ca Ukraine ari ngombwa?

Nimba intego y’intambara y’Uburusiya itashizwe ahagaragara ku buryo butomoye neza, Kyiv yoyo si uko – ni ukubohoza ubutaka bwose bwigaruriwe n’Uburusiya kuva mu 2014.

Rero dufatiye kuri iyi ntego, umuntu arashobora kubona neza ko abakuru b’igisirikare ca Ukraine, impera n’imperuka bazoruhira gukora igitero rurangiza.

Inyuma y’aho bunaniriwe no gufata umugwa mukuru Kyiv, umwaka uraheze, Uburusiya bwaciye buhindura umukenyuro: intambara yo gusambura, intumbero nyamukuru ikaba ari ukubabaza igisirikare ca Ukraine.

Ico gihe, Uburusiya bwaharura ko busumvya cane uburyo Ukraine mu bijanye n’ibirwanisho, ibikoresho vya gisirikare n’amasasu. Gushika n’ubu niko bikimeze.

N’aho Uburusiya bwari bwashoboye kwigarurira uturere tutari duto mu ntara za Lugansk na Kharkiv gushika mu ci rya 2022, ibintu vyarahindutse kuva mu kw’icenda aho ingabo za Ukraine zitanguriye ibitero vyo kwivuna, maze zibohoza Izyum, Liman, zongera zirukana ingabo z’Uburusiya ku ruhande rw’uburengero bw’uruzi Dnieper zari zinjiriyemwo mu ntango y’intambara.

Kuva ico gihe, ibitero vyo gusatira vyaciye bihagarara maze ingabo z’Uburusiya zitangura gusunika buke buke ingabo za Ukraine mu ntara ya Bakhmut, hamwe no mu tundi turere - hafi ya Avdiivka na Vuhledar mu ntara ya Kremennaya-Svatovo.

Nk’uko bivugwa na benshi, Ukraine ikeneye intsinzi ku mvo za poritike – Kyiv ikeneye kwerekana ko ishoboye gutsinda ku rubuga rw’intambara kugira ngo ibihugu vy’Uburengero bibandanye biyiha imfashanyo za gisirikare ari nazo igisirikare ca Ukraine kigenderako muri kino gihe.

Ikinyamakuru The Washington Post co muri Amerika canditse ko ubutegetsi bwa Amerika bwabwiye amenya abategetsi ba Ukraine ko intambara igeze ahagoye, ko rero bategerezwa gukora uko bashoboye kwose bagashika ku ntambwe ishimishije kuko bahabwa imfashanyo zo ku rwego rwo hejuru.

Mu nyuma, canditse kandi ko muri kazoza ibintu bishobora kutoroha kuko bamwe mu ba Repubulikani bashaka kugabanya imfashanyo ihabwa Ukraine, kandi bikaba bidatomoye neza nimba ibindi bihugu vy’uburengero bizobandanya bifasha Ukraine ku rugero rumwe.

Aho nyene ni mu gihe Uburusiya bushobora kuba nabwo butegura igitero gikomeye – ahandi ho ntivyokwumvikana ingene bwomara amayinga mbere n’amezi butakariza abantu n’uburyo ku gasagara gato nka Bakhmut.

Agahengwe ku rubuga

Inyuma y’aho igisirikare kiviriye ku ruhande rw’uburengero bw’uruzi Dnieper hafi ya Kherson, ibintu vyaciye bisa n’uko ingabo zirwanira gutsimbataza ibirindiro vyazo.

N’aho ingabo z’Uburusiya – cane cane abarwanyi ba wa murwi w’abacangero "Wagner" – zashoboye kugota igisagara ca Bakhmut bagafata n’igice gito, nta wovuga ko hari ikintu kinini Abarusiya bashitseko, n’aho ari ho vyabonetse ko ari ho bateye intambwe iboneka.

Hafi ya Vuhledar na Avdiivka, Abarusiya baragerageje gutera intambwe mu kwa gatatu, ariko ntaco bashitseko kubera ingabo za Ukraine zihagarayeko. Aho nyene, ingabo z’Uburusiya zaratakaje bikomeye hafi ya Ugledar.

Intara za Svatovo-Kremennaya na Zaporozhye na zo nyene nta ntambara z’urutavanako zirangwayo.

Ni igiki kizibiye Ukraine?

Mu kw’icenda, igihe ingabo za Ukraine zikora igitero ku muvuduko munini hafi ya Izyum, zashoboye kunesha ingabo z’Uburusiya nkeya zari zicunze akarere.

Hagati aho, Uburusiya bwaciye bwinjiza mu gisirikare abantu bagera 300.000. Nk’uko bivugwa n’abahinga, ibi vyabaye mu ntumbero nyamukuru yo kwongereza igitigiri c’ingabo ku rwasiro rusanzwe ari rurerure.

Ubu, bivugwa ko ingabo 400.000 z’Uburusiya zishobora kuba ziri ku rubuga n’aho bitarashirwa ku mugaragaro.

Eka n’ingabo za Ukraine ziri ku rubuga ntizizwi neza igitigiri, ariko abihweza ibintu n’ibindi batari bake bavuga ko igitigiri cazo kikiri hasi ugereranije n’iz’Uburusiya, bakavuga ariko ko mu turere tumwe tumwe zidashoboye kurengera iza Ukraine.

Ingorane ya kabiri Perezida Zelensky avuga ni uko ata bikoresho vya gisirikare bikwiye bafise. Mu kiganiro na Yomiuri Shimbun yavuze ati: "Ntiharagera ko dutangura igitero. Tudafise ama-chars, vya muzinga n’ama-HIMARS, ntidushobora kuroha ingabo zacu ku rugamba”.

Ubu, Abarusiya nibo bafise ibikoresho bikwiye, vyaba inkoho ntonto canke niniya, ariko cane cane indege z’intambara.

Iyindi ngorane ni uko ivy’iki gitero bimaze amezi atari make bivugwa, Uburusiya bukaba buriko buritegura neza kwivuna aho igitero coba kivuye hose.

Abarusiya bariko barubaka ibirindiro, imyobo n’imitego yo kuzibira ama-chars.

Ibi birindiro biriko birubakwa mu turere twigaruriwe n’Uburusiya, na Crimea irimwo, hamwe kandi no mu turere tw’Uburusiya turi ku rubibe rwa Ukraine.

Hejuru y’ibi, nk’uko bivugwa ku mbuga ngurukanabumenyi, Uburusiya buriko buregeranya ingabo ku rwasiro rwa Kremennaya-Svatovo – kumbure kugira ngo butanguze bwo nyene igitero cabwo.

Burya kwivuna biroroshe gusumba gutera, hanyuma kandi, n’aho ku ruhande rumwe kwiha umwanya ukwiye ari ikintu ciza kuri Ukraine kuko ibandanya ihabwa ibirwanisho n’amasasu biva mu bihugu vy’incuti, bituma Abarusiya baronka umwanya mwiza wo gutegura kwivuna.

Hanyuma kandi, ikirere nticorohereza igitero. Inyuma y’ibarafu iherutse kugwa mu ntara ya Donetsk, ubutaka ntiburumuka, ibi bikaba bitokworosha ibikorwa vyo kwunguruza ibikoresho vya gisirikare.

Izi ngorane ntizorohereza igisirikare ca Ukraine.

Ubwo Ukraine izohava ironka inguvu zikwiye?

Ku wa 05 z’uku kwa kane, Reuters yasohoye urwandiko ruvuga ko Ukraine yashoboye gutegura ingabo 40.000 zizokora iki gitero. Iri tororokanirizo ry’amakuru ryandika iyi nkuru rifatiye ku makuru ryahawe n’umusirikare atavuzwe izina.

Iki gitigiri gisa n’icemezwa n’inzandiko za Pentagon z'ibanga zasohowe, zigatangazwa n’ikinyamakuru New York Times mu ndwi iheze.

Izi nzandiko zirimwo amakuru y’amabrigade icenda y’igisirikare ca Ukraine, hamwe kandi n’ayandi atatu, yose yategerezwa kuba yiteguye imbere y’uko uku kwa kane kurangira.

Ni ukuvuga rero ko ibiharuro vy’ingabo nshasha ukurikije aya makuru bishobora kuba vyababa 50.000 vy’abasirikare baronkejwe inyigisho, ibi bikaba bijanye n’ivyandikwa na Reuters.

Ibi bitigiri vyompi ntibiremezwa ku mugaragaro. Vyongeye, Mikhail Podolyak, umuhanuzi w’umukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Ukraine, avuga ko ibiri muri ano makuru y’ibanga yerekeye ivy’integuro za Amerika na OTAN zo gutegura igitero ca Ukraine co kwivuna ari irementanya rya "photoshop".

Hagati aho, Ukraine imaze amezi atari make mu myimenyerezo y’abasirikare barwanira mu kirere. Imyimenyerezo ibera hagati mu gihugu no hanze, aho ingabo zigishwa n’abasirikare b’ibindi bihugu.

Inyigisho nk’izi kandi zihabwa n’abandi bo mu bindi bisata vyose bishobora gufasha kugira iki gitero kigende neza.

Hanyuma kandi ku bijanye n’ibikoresho, biragoye kumenya uko ibikoresho ingabo za Ukraine zifise bingana. Abategetsi ba reta n’igisirikare ca Ukraine bahoze bidoga ko ata bikoresho bikwiye bahabwa, kiretse ama-chars makeya yavugwa ko Ukraine yari imaze kuronka, ibi bikaba ari bike cane uravye ivyo ikeneye kugira ngo ishobore guhangana n’umwansi.

Gusa ikizwi, ni uko ibihugu bitari bike, nka Pologne, Slovenia, Ubudagi, Ubwongereza, Ubufaransa, n’ibindi, hejuru ya vyose hakaza Amerika, bimaze guha Ukraine ibikoresho vya gisirikare bitari bike kandi vy’ubwoko butandukanye.

Ni hehe Ukraine ishobora gutangurira?

Mu bintu bivugwa ku vyerekeranye n’aho ingabo za Ukraine zishobora gutangurira ibitero vyazo, intara ya Zaporozhye irakunze kuvugwa.

Ibi bisigurwa n’uko uciye aho, uravye ingene hameze, ushobora gusatira vyoroshe amaja ku Nyanja ya Azov – nk’akarorero utera uja i Mariupol canke Berdyansk.

Ubwa mbere, ni akarere koroshe mu gukoreramwo igitero – kagizwe n’ikiyaya, hakabamwo ibisagara bike n’inzuzi nke.

Ubwa kabiri, vyokworohera ingabo za Ukraine guca inzira ifatanya ibirindiro vy’ingabo z’Uburusiya biri ku ruhande rw’ubuseruko bw’uruzi Dnieper n’ibiri ahitwa Kuban. Hejuru y’ibi, uri ku mweha w’injanya ya Azov vyokworoha gusenyura ikiraro ca Crimea, ibi navyo bikaba vyotuma gushikira ingabo ziri muri Crimea na Kherson bitoroha.

Hagati aho, ingorane ihari ni uko abarongoye igisirikare c’Uburusiya bazi neza ko bashobora guterwa kuri uru ruhande, bagashobora kuba bariko baritegura kwivuna bikomeye.

Iyindi nzira igitero gishobora kuzananamwo ni Kherson utera uja mu muhora w’ubutaka ushika muri Crimea.

Ariko aha naho hari ingorane ikomeye – gushobora kujabutsa ingabo uruzi Dnieper. Mu gihe igisirikare ca Ukraine zoramuka zishoboye kujabukana ingabo, n’ubundi ntivyoba biheze kuko zoba zikeneye kuronswa uburyo, ibi navyo ntivyokworoha kuko burya inzira zijabutsa inzuzi zirakunzwe kwizizirwa n’ibitero vya muzinga, za misire n’indege, kandi aha nta nkeka niho hambere hoterwa bikomeye.

Na rirya Uburusiya bufise ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Iskander, hamwe n’ubundi bwoko butandukanye bwa misire zo ku butaka no mu mazi, ni ibintu bigoye, mbere bidashoboka, gucungera iyi nzira yo mu mazi.

Akandi karere gashobora gutanguriramwo igitero ni Bakhmut. Iki gisagara cabaye ikimenyetso c’urugamba rukomeye rwa Ukraine co kwivuna umwansi, mbere n’ingabo zayo zarashoboye kucirukanamwo ingabo z’Uburusiya. Uretse ko ibi vyotuma ibintu bigenda neza ku rubuga rw’intambara, yoba n’intsinzi ya poritike ikomeye.

Ahandi hashobora gutangurira igitero ni mu gisagara ca Svatovo kiri mu minwe y’igisirikare c’Uburusiya. Mu gitero co kwivuna co mu gihe c’iremba giheze, ingabo za Ukraine zagarukiye ku birometero 15 uvuye muri iki gisagara. Ubu, dufatiye ku makuru azunguruka ku mbuga ngurukanabumenyi, Uburusiya bwararundarunze ingabo nyinshi muri aka karere, intego yazo ikaba itaramenyekana neza.

Ku ruhande rumwe, izi ngabo zishobora gukoreshwa mu gitero ku ngabo za Ukraine, ariko ku rundi, zishobora guterwa n’igisirikare ca Ukraine kibanje kuzizunguruka kugira ngo kizugaranireyo.

Igitero cotangurira muri aka karere nta kintu kinini cozana, ariko ubwa mbere cozibira igitero c’ingabo z’Uburusiya ziri mu micungararo ya Svatovo, hanyuma kandi, mu gihe cogenda neza, cotuma Ukraine ishobora kubohoza uturere tutari duto turi mu buraruko bw’intara ya Lugansk.

Utu turere twose tuvugwa ko igisirikare ca Ukraine gishobora gutanguriramwo ibitero turavugwa cane mu binyamakuru no ku mbuga hwaniro. Gusa, akarere k’urwasiro muri Ukraine ni karekare cane ku buryo bigoye kumenya aho igitero ca Ukraine gishobora gutangurira.

Gusa, bisa n’ibiboneka ko muri tuno turere ata na hamwe ingabo za Ukraine zishobora guca zigashika ku kintu kiboneka.