New Zealand: Igitero cishe abantu imbere y’amasaha make y’ihiganwa ryigikombe c’isi ry’abagore

Ahavuye isanamu, TVNZ
- Umwanditsi, Na Neil Johnston i Auckland na Emily McGarvey i Londres
- Igikorwa, BBC Sport & BBC News
Mu gihe hari hasigaye amasaha makeya ngo ihiganwa ry’igikombe c’isi yose ry’abagore ritanguremuri Nouvelle-Zélande/New Zealand, hiyadukije umugabo yitwaje inkoho ararasa abantu mu gisagara ca Auckland yica abantu babiri.
Abandi batandatu bakomeretse, harimwo abapolisi, umugabo yakoze iki gitero mu nzu icubakwa hagati mu gisagara akaba yarashwe arapfa.
Umushikiranganji wa mbere Chris Hipkins avuga ko iki gitero ata wogifata nk’ic’iterabwoba.
Amenyesha ko iri higanwa ritegerezwa kubandanya ukuri kwamye.
Ahumuriza abanyagihugu ko igipolisi catesheje aka kabi kandi ko ata kintu kibi cabandanije inyuma y’iki gitero kw’ibarabara Queen Street.
Nta mvo n’imwe ya poritike canke y’amarangamutima yabonetse ko ari yo yoba yateje iki gitero, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji wa mbere.
Hipkins yashimiye "abagabo n’abagore bo mu gipolisi ca Nouvelle-Zélande bemeye kwita mu muriro kugira ngo barokore ubuzima bw’abandi”.
Yongerako ati: "Ibintu nk’ibi bigenda ku murindi udasanzwe ku buryo ibikorwa vy’aba bantu bashira mu kaga ubuzima bwabo kugira barokore abandi ata kundi twobita atari ukubafata ko ari intwari”.
Nk’uko bivugwa n’umukuru w’igisagara ca Auckland Wayne Brown, abakozi bose ba FIFA hamwe n’abakinyi b’imirwi yose bari mu mutekano kandi bahumurijwe.
Yacishije ubutumwa ku rubuga rwa Twitter avuga ati: " Sinshobora kwibuka ibintu nk’ibi igihe vyoba vyarigeze bibera mu gisagara cacu ciza. Ivyabaye muri aka gatondo birababaje kandi birateye agahinda ku banyagihugu bose ba Auckland, kuko ibi ni ibintu tutamenyereye”.
FIFA yahojeje imiryango y’ababuze ababo, ikamenyesha ko iriko iravugana n’abategetsi ba Nouvelle-Zélande.
Ivuga ko imirwi iri hafi y’aho iki gitero cabereye iriko irashigikirwa ku bijanye n’ingaruka zishobora kuba zababayeko.
Urukino rwo kwugurura hagati ya Norvège na Nouvelle-Zélande rwabaye kuri uno wa kane mu gisagara ca Eden Park, tukaba rwarangiye ku ntsinzi ya Nouvelle-Zélande 1-0 .
Umushikiranganji ajejwe inkino Grant Robertson avuga ko abapolisi baza kwongerezwa muri ako karere kugira ngo abantu batekanirwe.
Iri higanwa ry’igikombe c’isi yose ry’abagore rigira icenda ribera mu gihugu bibiri, Nouvelle-Zélande na Australia.
Igipolisi kivuga ko caronse amakuru y’umuntu yariko ararasa muri ico kibanza kiriko cubakwamwo inzu, uwo yitwaje inkoho akaba yagumye azunguruka muri iyo nyubakwa abandanya arasa.
Niho uyo mugabo yitera ahazokwubakwa ca cuma kirerura (ascenseur/lift) maze abapolisi bagerageza guhangana nawe.
Yarashe n’ayandi masasu, mu nyuma akaba yahavuye atorwa yapfuye, nk’uko igipolisi kibivuga.
Abapolisi benshi cane bafise ibirwanisho baciye barungikwa hagati mu gisagara kubera iki gitero.
Tatjana Haenni, umukuru w’igisata kijejwe kwinonora imitsi mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’abagore muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ari hafi y’ahabereye iki gitero.
Yabwiye BBC ko yavyuwe n’induru z’imodoka z’igipolisi zariko zirashika mu micungararo y’ahabereye iki gitero, aca abwirwa kuguma mu nzu. Avuga ati: "Gushika ubu turi mu mutekano”.











