Zelensky ashobora gutumirwa mu mubonano wa Trump na Putin, ariko Ubulaya buracugaraniwe hanze

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, James Waterhouse
- Igikorwa, Umunyamakuru muri Ukraine
- Yakoze inkuru ari, Brussels
Ni umubonano hagati y'impande zibiri buri mutegetsi wese wa Bulaya yipfuza kuba arimwo.
Kandi ni imvo yumvikana. Ku wa gatanu, vyitezwe ko Donald Trump abonana na Vladimir Putin i Alaska kugira ngo bavugane ingene intambara yo muri Ukraine yorangira.
Ivyo guheberanira ubutaka bishobora kuba biri mu vyo bazovuganako, kandi Ubulaya (tubaye turihoza Ukraine) ntibwerekwa ivyo guhindura imbibe ku nguvu.
Ariko, uko ibintu ibintu bimeze, igihugu catewe, ni ukuvuga Ukraine, nta butumire kiraronka, eka n'umugabane cegukira ni ko kw'uko.
Lord Simon McDonald yahoze ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe imigenderanire, agabisha ati: "Twitegurire ibintu biteye agahinda Uburusiya busaba".
Yongerako ati: "Bizoba ari ibikino. Putin azosaba ibintu ata muntu n'umwe ashobora kwemera – kiretse kumbure Donald Trump."
Perezida Zelensky amaze kuvuga ko atarota yemera guheba ubutaka na butoya, canke ngo yemere ko intambara ihagararira aho imbibe z'urwasiro zigarukira.
Asigura ko ibi bidashobora gucuvya Uburusiya mu ntambara yabwo imaze imyaka itanu n'igice. Kubuhebera ubutaka, nk'uko abivuga, kwotuma ahubwo bwongereza umurindi.
Kaja Kallas ajejwe imigenderanire hagati y'Ubumwe bwa Bulaya n'amakungu, agira ati: "Biragaragara ko Putin ashaka kwifotozanya n'abategetsi ba mbere b'ijunja kw'isi, Perezida Trump akaba ari umwe muri bo, kandi akaba agomba ko ibihano vyunguruzwa, ikintu ashobora kuronka".
"Ikibazo ni, ni igiki Amerika ishaka kubona nk'intsinzi?" niko abaza. "Perezida Zelensky aramutse yitavye, izoba ari intsinzi igaragara".
Ariko kandi, ari nka hamwe uno mukuru w'igihugu ca Ukraine atoba ari muri uwo mubonano w'i Alaska, ni nde yoshobora kurwanya ibisabwa na Putin?
"Arashobora kujayo", niko Trump avuga, ariko Ukraine n'incuti za Bulaya bigasaba ko ibi biva muri "kumbure" bikaba "ego".
Iciyongera ku mwikomo wabo ni uko Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) yemeye icipfuzo ca Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu cUburusiya) c'umubonano amaso mu yandi hagati y'aba bategetsi babiri gusa.
Urugamba rw'Ubulaya
Icicaro c'Ubumwe bwa Bulaya, Bruxelles, nticari kimenyereye kwakira ibikorwa vyinshi vya poritike mu kwezi kwa Myandagaro (8), ariko ibi biganiro hagati ya Amerika n'Uburusiya vyahinduye ibintu.
Ejo ku wa mbere, Kallas yarayoboye inama y'abashikiranganji b'imigenderanire hakoreshejwe ubuhinga bwa none, aho basavye ko intambara ibanza guhagarara ata kirinze gusabwa imbere y'uko haba amasezerano ayo ari yo yose. Ni muri iyo nama nyene haciye hatangazwa ibihano bishasha ku Burusiya.
Kallas yabajijwe ico yibaza ku nsiguro y'amajambo ya Donald Trump avuga ko hashobora kuba uguheberanira ubutaka.
Agira ati: "Ivyo ni ukubibaza Perezida Trump. Ariko ikizwi ni uko uwateje intambara adashobora guhabwa agashirukabute ku ntambara yatanguje. Ahandi hoho ibi vyotuma tubona n'ibindi bitero nk'ivyo kw'isi yose".
Ubulaya buriko bugerageza gukora ibintu bibiri: kwiyunga na Ukraine mu kuyishigikira, hamwe no kugerageza kugira ijambo mu mugambi w'amahoro urongowe na Amerika.
Zelensky yagenda canke atagenda, Ubulaya ntibwigeze bwugururirwa imiryango muri uno mugambi w'amahoro kuva Trump asubiye ku butegetsi mu ntango z'uno mwaka.
Ico gihe, intumwa yiwe muri Ukraine, Keith Kellogg, yavuze ko urunani rw'ibihugu vya Bulaya rudashobora kugira uruhara mu biganiro vy'amahoro ivyo ari vyo vyose. Ni ikintu Abanyabulaya batarashobora guhindura murwego rw'imigenderanire.
Ubucuti bafitaniye na Amerika bwarateye imbere, cane cane inyuma yo kwemera kuduza amafaranga agenewe igisata co kwivuna abansi. Ariko Radoslaw Sikorski, umushikiranganji wa Pologne ajejwe imigenderanire, abona ko bakeneye uruhara nyarwo kuruta.
Asigura ati: "Iki ni ikibazo c'ugupfa n'ugukira mu bijanye n'umutekano wa Bulaya.
"Turashima utwigoro twa Trump ariko kandi n'i Bulaya tuzotegerezwa gufata ingingo zacu bwite.
"Ihagarikwa ry'intambara ryonyene ntirishobora gutorera umuti ikibazo".
Umukuru wa reta y'Ubudagi Friedrich Merz yashoboye gutegura inama yo guhuza abategetsi ba Buraya, hamwe na Volodymyr Zelensky, Umukuru w'igihugu ca Ukraine, hamwe na Perezida Donald Trump wa Amerika kuri uyu wa gatatu, hifashishijwe ubuhinga bwa none.
Bizeye ko bazogishwa inama ku mugambi wa Amerika wo kurangiza intambara y'Uburusiya, ariko Lord McDonald avuga ko bizomutangaza ari nka hamwe Ubulaya bwotumirwa ku munota wa nyuma muri uno mubonano wo ku wa gatanu.
Agabisha ati: "Kurangiza iyi ntambara bizofata igihe kirekire nk'uko na yo nyene imaze igihe kirekire.
"Uno mubonano ni ikintu gihambaye, ariko ibi ntibisigura ko hari aho uzoshika".













