OTAN yemeye kuduza amafaranga mu vyo kwivuna abansi, Trump ati 'ni itsinzi ikomeye'

Perezida Donald Trump wa Amerika (i bubamfu) amaze igihe atera igitsure ibihugu vya OTAN kuduza amahera bishira mu gisata co kwivuna abansi

Ahavuye isanamu, JOHN THYS/AFP

Insiguro y'isanamu, Perezida Donald Trump wa Amerika (i bubamfu) amaze igihe atera igitsure ibihugu vya OTAN kuduza amahera bishira mu gisata co kwivuna abansi
    • Umwanditsi, Paul Kirby

Abategetsi b'ibihugu bihurikiye mu runani OTAN/NATO bemeranije kuduza amahera agenewe igisata co kwivuna abansi kugeza ku bice 5% vy'umutungo w'ibihugu gushika mu 2035, inyuma y'amezi atari make Donald Trump yari amaze abatera igitsure.

Uno mukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko iyi ngingo yafatiwe mu nama yariko ibera i La Haye ari "intsinzi ikomeye ku Bulaya … no ku Burengero".

Mw'itangazo rusangi, aba bategetsi b'ibihugu bihurikiye muri uru runani rwo kwivunira umwansi hamwe bavuga ko bashize hamwe mu guhangana n'ibibazo vy'umutekano "bikomeye", cane cane "akaga k'igihe kirekire gatewe n'Uburusiya", hamwe n'iterabwoba.

Abategetsi ba OTAN basubiye kwiyemeza bashimitse ku ngingo ngenderwako yabo ko igitero ku gihugu kimwe kiri muri OTAN kizokwishurwa n'uru runani rwose.

Hagati aho, iri tangazo nta kirimwo co kwiyamiriza igitero c'Uburusiya kuri Ukraine, nk'uko vyagenze mu mwaka uheze.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Mark Rutte, agira ati: "Nta n'umwe akwiye gukekeranya ku bushobozi bwacu canke ku co twiyemeje mu gihe umutekano wacu wobangamirwa. Uru ni urunani rukomeye, rubereye kandi rufise inguvu zidasanzwe abarongozi bacu batanguye kwubaka".

Imbere y'aha, Perezida Trump yasa n'uwerekana impungenge ku bibazo ku bijanye n'umutekano, afatiye ku "nsiguro zitandukanye z'Ingingo ya Gatanu". Ariko inyuma y'iyi nama, yagize ati: "Ndashigikiye [Ingingo ya Gatanu], ni co gituma ndi hano".

Iyi nama y'i La Haye ifatwa n'abategetsi batari bake ko ari iy'akataraboneka, Rutte akavuga ko ingingo zafashwe ejo ku wa gatatu zirimwo kubandanya bashigikira Ukraine mu gihe babandanya bahimiriza ibiganiro vy'amahoro.

Umushikiranganji wa mbere wa Espagne Pedro Sánchez (hirya i buryo kuri iyi foto) yasa n'uwushaka kwitaramura ahagaze wenyene

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Espagne Pedro Sánchez (hirya i buryo kuri iyi foto) yasa n'uwushaka kwitaramura ahagaze wenyene
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Perezida Trump wa Amerika arishimira cane iyi nama – ari na yo ya mbere yitavye kuva mu 2019 – ko ari " intsinzi ikomeye".

Imbere y'aha, yari yavuze ko ari nka hamwe amahera akoreshwa mu gisata co kwivuna abansi yoduzwa, yoba ari "intsinzi ikomeye kuri bose, nk'uko ndavyibaza. Twese turaza kungana mu kanya, kandi uko niko ibintu bitegerezwa kugenda".

Espange ni yo cane cane yari yiyamirije ivyo kuduza aya mahera gushika ku bice 5% imbere y'iyi nama. Umushikiranganji ajejwe ubutunzi Carlos Cuerpo yavuga ko Madrid (ubutegetsi bwa Espagne) yariko "igerageza mu buryo budasanzwe" kugira ishike ku ntego ya 2.1% kandi ko "ibiganiro ku bijanye n'uru rugero bikorwa mu nzira itari yo".

Mu gihe aba bategetsi bari biyegeranije kugira ngo bifotoreze hamwe "mw'ifoto y'umuryango" nk'uko bisanzwe, umushikiranganji wa mbere wa Espagne Pedro Sánchez yasa n'uwushaka kwitaramura ahagaze wenyene hirya y'uno murwi w'aba bategetsi.

Ariko vyahavuye birangira Sánchez ateye igikumu kuri iri tangazo rya OTAN, avuga ko "ryikwije, ryumvikana kandi rijanye n'ibihe" kugira ngo Madrid ishobore gushitsa ivyo yiyemeje mu gihe iriha amahera make.

Reta y'Ububirigi na yo nyene yari yerekanye impungenge ariko umushikiranganji wa mbere Bart de Wever yabwiye abanyamakuru ko nubwo bitazoroha, ari intego yumvikana.

Eka na Slovakia na yo nyene yari yerekanye impungenge kw'iduzwa ry'aya mafaranga asabwa mu gisata co kwivuna abansi, ariko Perezida Peter Pellegrini yavuze ko Bratislava (ubutegetsi bw'iki gihugu) idashobora kuba intambamyi.

Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yariyamirije intambara y'amakori hagati ya Trump n'Ubumwe bwa Bulaya aca asaba ko haba amasezerano.

Ati: "Ntidushobora kubwirana, mu bihugu bigize urunani, ko dukeneye kwongereza amahera…hanyuma ngo tuje mu ntambara hagati yacu, ntivyumvikana".

Rutte yabwiye aba bategeTsi ba OTAN ko bakoranye "mu gihe kigoye", kandi ko kubona ibihugu bihurikiye muri uru runani vyiyemeje gutabarana ari "ubutumwa bukomeye cane".

Rutte yashimiye kandi Trump ku kungene yafashe intambara ya Irani na Israel, atafiye ku majambo yakoresheje mu kwerekana ko yari ababajwe n'ibimenyetso vyerekana ko umwumvikano wo guhagarika intambara washobora kuba uri mu kaga ku wa kabiri.

Mw'ijambo ryiwe muri iyo nama, Trump yavuze ko ibi bihugu bibiri vyarwanye "nk'abana babiri barwanira mu kigo c'ishure", Rutte na we agaca avuga ati: "Ni co gituma se wabo nawe rimwe na rimwe ari ngombwa ko akoresha amajambo akomeye".

Trump kandi yaravuganye na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine inyuma y'iyi nama. Mu kiganiro n'abanyamakuru inyuma y'aho, Trump yavuze ko gushika ku masezerano yo guhagarika intambara muri Ukraine biriko "biragorana cane" gusumba uko yari avyiteze, aca avuga ko bishobora kuba ngombwa guha Ukraine ubundi buryo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

"Zelensky aracahanganye n'ikibazo gitoya, ariko ni umuntu mwiza," niko Trump yavuze. "Maze kuvugana na Putin incuro nyinshi... yaremeye gufasha ku kibazo c'Irani. Gusa naramubwiye nti: mfasha, dufashe ku bijanye n'Uburusiya, aho kudufasha kuri Irani".

Mw'itangazo ryabo rirangiza iyi nama, aba bategetsi b'ibihugu vya OTAN bashimangiye ko biyemeje kubandanya bashigikiye Ukraine, "kuko umutekano wayo ufasha uwacu", bakavuga kandi ko intererano zitaziguye mu bijanye kwivuna abansi zihabwa Kyiv zizoba ziri mu mwihwezo w'uru runani ku mafaranga akoreshwa mu gisata co kwivuna abansi.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer avuga ko OTAN ari kirumara kandi nkenerwa gusumba ibindi bihe vyose: "Tuba mw'isi mahindagu, rero uno musi ni ukwerekana ubu bumwe bwa OTAN, ukwerekana ubu bukomezi. Ubu twaragutse kurusha uko twari imbere y'aha, kandi ubu turi n'inkomezi nyinshi gusumba uko twari tumeze imbere y'aha".