Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
"Ntameze neza" - Umuvukanyi wa Dolly Parton asaba abakunzi biwe kumusengera
- Umwanditsi, Chris Graham
Umuvukanyi wa Dolly Parton atera akamo abakunzi b'uno munyamuziki wo mu mudiho wa country kumusengera, inyuma y'aho mu ndwi iheze yungururije urukurikirane rw'ibiteramo yategekanya kuremesha mu gisagara ca Las Vegas kubera ibibazo vy'amagara bitamenyeshejwe.
Uno munyamuziki ubu afise imyaka 79 yarunguruje ibiteramo yategekanya muri Kigarama (12), akaba yabwiye abafana ko hari "ibintu bikeya" akeneye gukora kugira ngo abanze ahangane "n'ibibazo vy'amagara".
Freida Parton, mwenewabo wa Dolly, yanditse kuri Facebook ati: "Mw'ijoro ryakeye, naraye nicaye nsengera mwenewacu, Dolly. Benshi muri mwebwe murazi ko muri ino misi atameze neza.
"Ndizera vy'ukuri ububasha bw'amasengesho, rero vyabaye ngombwa ko nsaba abakunzi biwe bose kuba abarwanyi mu masengesho kugira mwifatanye nanje mu gusenga".
Freida yarangije ubutumwa bwiwe mu majambo y'umwizero.
Yanditse ati: "Arakomeye, arakunzwe, kandi ku bubasha bw'amasengesho, ndazi mu mutima wanje ko azokira.
"Ndakwipfurije amahirwe, mwenewacu Dolly. Twese turagukunda!"
Parton yategekanya kuremesha ibiteramo bitandatu mu kibanza citiriwe The Colosseum at Caesars Palace muri Kigarama, muri ico gisagara ca Las Vegas mu ntara ya Nevada muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ariko yarunguruje ibi biteramo gushika muri Nyakanga (9) umwaka uza, agasigura ko atari kuronka umwanya wo kuvyitegurira.
Parton ntiyashize ahabona ibi bibazo vy'amagara ivy'ari vyo, ariko mu misi iheze vyabaye ngombwa ko ava mu giteramo ca Dollywood inyuma yo gufatwa n'ingwara y'amafyigo yavuze ko yariko imutera "ingorane nyinshi".
Mu ntango z'uno mwaka, yarabuze umugabo wiwe Carl Dean inyuma y'imyaka hafi 60 bari bamaranye.
Mu nyuma yaririmvye indirimbo nshasha, If You Hadn't Been There (twogereranya mu Kirundi na Iyo Utaba Wari Uhari), mu kumwibuka.
Uno munyamuziki azwi cane mu ndirimbo zitari nke za country zabaye rurangiranwa, harimwo 'Coat of Many Colors', 'I Will Always Love You' canke na 'Jolene'.
Urugendo rwiwe i Las Vegas rwari kuba rubaye urwa mbere muri ico gisagara citiriwe ibarabara ryaco rizwi cane, The Strip, kuva mu myaka ya 1990, igihe yaririmbana na Kenny Rogers, indirimbo yabo Islands In The Stream.