Abanya-Kenya baharanira agateka ka muntu bazimiriye muri Uganda babonetse ari bazima inyuma y'indwi zitanu

    • Umwanditsi, Tiffany Wertheimer

Amashirahamwe arwanira uburenganzira bwa muntu muri Kenya avuga ko abaharanira agateka ka muntu babiri bari baburiwe irengero muri Uganda mu mezi atanu aheze bahavuye baboneka ari bazima kandi bameze neza.

Ababibonye bavuga ko Bob Njagi na Nicholas Oyoo burijwe imodoka ku nguvu n'abantu bari bambaye umwambaro w'abajejwe umutekano kandi biyoberanije inyuma yo kwifatanya n'umunyaporitike wa Uganda atavuga rumwe n'ubutegetsi, Bobi Wine, mw'ikoraniro rya poritike.

Kuno uno wa gatandatu, niho ishirahamwe Vocal Africa ryemeza ko aba bagabo bameze neza kandi ko bariko bavanwa mu karere ka Busia kari ku rubibe rwa Uganda na Kenya bajanwa ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

"Aka kanya katubere ikimenyetso c'ihinduka rikomeye mu guharanira agateka ka muntu k'Abanyafrika y'Ubuseruko aho bari hose mu Muryango wa Afrika y'Ubuseruko," ni ko iryo shirahamwe ryanditse ku rubuga rwa Instagram.

Igipolisi ca Uganda kirahakana ko aba bantu batari mu minwe yaco, ariko abaharanira uburenganzira bwa muntu muri Kenya ni bo bavuganye n'abategetsi ba Uganda kugira ngo aba bantu barekurwe.

Mw'itangazo rusangi, amashirahamwe Vocal Africa, Law Society of Kenya hamwe na Amnesty International yashimiye reta za Uganda na Kenya, abaharanira uburenganzira bwa muntu, abamenyeshamakuru, abakora mu buserukizi bw'ibihugu vyabo hamwe "n'abenegihugu b'intwari batigeze bahengeshanya gutera akamo".

Bobi Wine yahoze ari umunyamuziki wo mu mudiho wa pop ariko yitegurira kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ca Uganda mu matora ategekanijwe mu mwaka uza, aho azohangana na Perezida Yoweri Museveni, w'imyaka 80 arongoye iki gihugu kuva mu 1986.

Wine yagiriza reta ya Uganda ko ari yo yafashe aba bagabo kubera bifatanije na we.

Inzego z'umutekano za Uganda zirakunze kwagirizwa guhagarika abanyaporitike batavuga rumwe n'ubutegetsi n'abanywanyi babo, kenshi batari mu mwambaro ubaranga. Bamwe mu bahagarikwa baza kwisanga imbere y'ubutungane bagirizwa ivyaha.

Ibura ry'aba bantu ryibukije ivyagiye biba muri kahise, birimwo abanyaporitike n'abaharanira uburenganzira bwa muntu mu karere kose ka Afrika y'Ubuseruko.

Mu mwaka uheze, Njagi yarafashwe muri Kenya n'abagabo bari biyoberanije mu mupfunda w'inyuruzwa ryari rizwi ko rikorerwa abanegura reta muri ico gihugu.

Yagiye kuboneka haciye ukwezi, inyuma y'uko sentare itegetse igipolisi kumwerekana. Mu nyuma yavuze ku marorerwa yaboneye mu gasho, aho yavuze ko yari ukwiwe kandi adahabwa indya.

Mu ntango z'uno mwaka, Boniface Mwangi aharanira agateka ka muntu na mugenziwe w'Umugandakazi Agather Atuhaire barahagaritswe muri Tanzania bapfugirwa ahantu hatazwi imbere yo gutabwa ku mbibe z'ibihugu vyabo.

Mu nyuma bavuze ingene bafashwe bunyamaswa, harimwo ihohotera rishingiye ku gitsina bari mu minwe y'abategetsi ba Tanzania – ibirego abapolisi bavuga ko vyari "ibihuha".

Mu mwaka uheze, uwundi munyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda, Kizza Besigye, yaraburiwe irengero mu buryo bw'igitangaza ari i Nairobi aza kuboneka inyuma y'imisi ine muri sentare ya gisirikare, aburanishwa ku vyaha vy'ubuhemu.

Kuva ico gihe, ibi bintu vyariyamirijwe hose binateza impungenge ko ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko vyoba biriko bikorera hamwe mu gutuza abanegura amareta yavyo.