Umunyeshure wo muri Uganda arapfunzwe kubera video ya TikTok ivuga Museveni

    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News

Umunyeshure wo muri Kaminuza muri Uganda yari amaze amezi abiri yaraburiwe irengero mu buryo butangaje, inyuma yo gushira ku rubuga rwiwe ivideo ya TikTok yanegura cane ubutegetsi bwa perezida Yoweri Museveni, yahavuye apfungwa.

Elson Tumwine yazimanganye kuva kuwa 08 Ruheshi (ukwezi kwa 6) bituma haba kuvyiyamiriza mu batavuga rumwe na leta barimwo abakomakomeye, bavuga ko apfunzwe bidakurikije amategeko kandi apfunzwe n'abasirikare.

Inyuma y'urwo rwamo kubera iburirwa irengero ryiwe, vyahavuye bimenyekana ko bamusize ku cicaro ca polisi i Entebbe hagati muri Mukakaro (7), kandi yaciye yagirizwa ivyaha bifatiye ku gukoresha nabi itumanako n'igikoresho ca mudasobwa.

Yahavuye yemera icaha kandi asaba imbabazi. Sentare y'i Entebbe yamuhanishije igipfungo c'amezi abiri ku munsi wa mbere, bafatiye kuko yasavye imbabazi.

Urubanza rwa Tumwine n'inyuruzwa ryiwe vyaratumye haba umwitwarariko cane cane mu baharanira agateka ku bijanye n'uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro imbere y'amatora yimirije mu mwaka uza.

Muri sentare, uyu munyeshure yari ageze mu mwaka wa gatatu wa kaminuza, yaremeye ko yashize ku rubuga rwiwe iyo video, aho bavuga ko intumbero yari iyo "gukekeza umukuru w'igihugu, kumutesha agaciro ndetse no gukokeza urwanko".

Aregwa ko yoba yarahinduye agace k'ijambo ry'umukuru w'inama nshingamateka yishura kw'ijambo rya perezida Museveni asaba imbabazi abo mu 'bwoko' bw'Abaganda muri Rusama, ari nawo muryango munini ugize ubwami bw'Ubuganda.

Mu kiringo c'imyaka irenga 40 perezida Museveni amaze ku butegetsi, imigenderanire yiwe n'uwurongoye ubwami bw'Ubuganda yamye izamwo agatosi. Ubwami nta bubasha bwa politike bufise, ariko abantu baracabwemera barabukunda.

Ubwo butumwa bwa Tumwine kuri TikTok burega uwo mutegetsi w'imyaka 80 ko atasavye ikigongwe ku bindi bintu vyabaye ku butegetsi bwiwe.

Igihe Tumwine yaburirwa irengero muri Ruheshi, kaminuza ya makerere yateye akamo isaba ko uwoba afise amakuru ashobora kuyifasha kumutora yoyatanga.

Yari asanzwe afise igikorwa c'umwimenyerezo mu kazi mu burimyi bwa Hoima, mu burengero bwa Uganda, nka kimwe mu bikorwa vyiwe vy'amashure, igihe yaburwa irengero.

Harashize indwi zibiri, umunyamabanga mukuru w'umugambwe uteye kubiri n' ubutegetsi NUP, David Lewis Rubongorwa, yavuze ko bafise amakuru ko Tumwine n'uwundi akekwa bapfungiwe ku kirindiro c'igipolisi ca Entebbe, inyuma yo 'gutererwa' ngaho kuwa 13 Myandagaro.

Yavuze ko bajanywe bamaze gukorerwa 'iyicarubozo ritovugwa' igihe bari mu minwe ya sentare ya gisiirkare, mu gisata cayo c'iperereza.

Abategetsi ntaco baravuga kuri ivyo birego.

Umushingwamanza akaba n'umwe mu baharanira agateka ka zina muntu, Godwin Toko, yavuze ko Tumwine yanse kureka abashingwamanza bo mu mugwi wiwe canke abatavuga rumwe n'ubutegetsi ngo bamuhagararire imbere y'amategeko.

Agira ati: "Ku muntu yari yaranyurujwe, agapfungirwa ahantu hatazwi, agahendahendwa ngo yemere icaha, hanyuma agakatirwa, ibi ni akaronganyo karengeje aho kuba uwamurenganije akamunyuruza atarin we ahanwa, ahubwo akaba ari we yemezwa akambikwa icaha akandikwa nk'umunyavyaha kuri iyi myaka yiwe", uko niko yanditse ku rubuga rwiwe rwa X ku munsi wa kabiri.

Muri Munyonyo (11), w'imyaka 21 Emmanuel Nabugodi w'imyaka 21 yarapfunzwe amezi 32 inyuma yo gukora video yavugwa ko ituka parezida Museveni.

Amezi make imbere yaho, Edward Awebwa, w'imyaka 24, nawe yari yakatiwe umunyororo w'imyaka 6 kubera imvugo y'urwanko no gukwiragiza agamije ikibi yerekeye umuryango w'umukuru w'igihugu.