Ibihumbi vy'Abanye-Congo basaba Uburaya kurungika ingabo muri Congo mu myiyerekano yabereye Brussels

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru i Bruxelles
Abanyecongo bashika ibihumbi ku wa mungu babonetse mu myiyerekano ikomeye imbere y'ahakorera inama nshingamateka y'Ubumwe bwa Bulaya i Buruseli mu Bubiligi bavuga ko basaba amahanga gukoresha inguvu ngo u Rwanda ruvane ingabo zarwo muri RD Congo.
Reta ya Congo yagiriza Urwanda kurungika abasirikare ibihumbi ku butaka bwayo gufasha umugwi wa M23, abategetsi b'Urwanda ibi ntibavyemera, bavuga ko igihugu cabo cafashe ingingo zo kurinda imbibe zaco.
Mu rugendo rw'amasaha arenga atatu, amabarabara agana ahakorera inama nshingamateka y'Ubulaya yari yugawe kubera ubwinshi bw'abari mu myiyerekano, aho n'amashirahamwe mpuzamakungu n'Ababiligi bamwe bamwe bari bitabiriye iyo myirekano yateguwe n'amashirahamwe icenda y'Abanyekongo baba mu Bubiligi.
Iyo myiyerekano yabaye inyuma y'uko reta ya Kinshasa itanguje isekeza yise "Congolais Telema" aho ihamagarira Abanye-Congo aho bari hose kuja "ku rugamba rw'abanyagihugu" mu ntambara iyo reta ivuga iki gihugu catewe n'ingabo z'u Rwanda.

Uretse amajambo yo gutyoza Urwanda n'abategetsi barwo hamwe n'igihugu ca Luxembourg, abitabiriye iyo myiyerekano basavye ko amahanga ategeka ko igisirikare c'Urwanda kiva mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo.
Mu ndirimbo n'ivyivugo vyavuzwe mu myiyerekano benshi basaba ko hakoreshwa inguvu mu majambo yari mu gifaransa ngo ''Nous voulons la force des Européens. Trop c'est trop'', mu kirundi wogereranya na ''Dushaka inguvu z'Abanyabulaya. Aho vyabereye ni kera.''
Suzanne w'imyaka irenga mirongo irindwi, umwe mu bitabiriye iyo myiyerekano agira ati:
"Hakenewe inguvu, amajambo ntagikenewe, turiko turibwa, turiko turicwa n'Urwanda, rero ibi bihugu vya Bulaya ni bikoreshe inguvu za gisirikare mu gukura abasoda b'Urwanda muri Congo kandi birashoboka".
Fiston w'imyaka 36 avuga ko ibiriko bibera muri Congo ari akagaye kandi atawovyihanganira.
Ati: "Haciye imyaka irenga 30 havugwa amajambo ariko ubu ntibikunda ko amajambo n'ibihano arivyo vyokora gusa. Uravye abasoda Ubumwe bwa Bulaya bufise mu gihe borungika inteko zo kuja kwirukana Urwanda muri Congo vyokunda".
Yongerako ati: "Twebwe Abanye-Congo tuba i Bulaya turazi ko dufise abarongozi babi ariko ubusugire bw'igihugu cacu ntibugurishwa, igikenewe ni kimwe gusa: Ubulaya ni bugerageza gutabara kurya babigize mu ntambara ya kabiri y'isi yose mu kubuza Hitler kwigarurira Ubulaya bwose, n'ubu umuti ni uwa gisirikare."

Abategetsi b'ibihugu vya Afrika hamwe n'imiryango y'ibihugu vya EAC na SADC bavuga ko intambara yo mu buseruko bwa Congo itokemurwa n'inguvu za gisirikare, ko ibiganiro vy'amahoro vyotumirwamo umugwi wa M23 ari vyo gusa vyoshikana ku mahoro.
Inteko z'umuryango w'ibihugu wa SADC zo mu bihugu vya Afrika y'Epfo, Malawi na Tanzania mu 2023 zarungitswe gufasha ingabo za Congo gutuza umugwi wa M23, ntabwo zashitse ku ntego, uwo mugwi warakomeje ufata ibisagara vya Goma na Bukavu.
Imiryango ya EAC na SADC iheruka kugena abahuza – Olusegun Obasanjo, Uhuru Kenyatta na Hailemariam Desalegn – ngo bahurize hamwe ivyahoze ari inzira z'amahoro za Nairobi na Luanda batorere umuti izi ndyane biciye mu biganiro.

Imyiyerekano y'Abanye-Congo i Bruxelles yari icungerewe bikomeye n'igipolisi hamwe n'igendereza, ikaba yarangiye bwije abayitavye barimwo bamwe mu bashingamateka b'Ububiligi baririmba ururimbo ruhayagiza igihugu ca Congo.
Ububiligi – bwahoze bukolonije u Rwanda na Congo - buheruka gutangaza ibihano vyabwo kuri reta y'u Rwanda kandi abategetsi babwo barongoye isekeza ryo gusabira ibihano u Rwanda mu bumwe bwa Buraya kubera intambara muri Congo.
Urwanda narwo rwahagaritse ubufatanye mu vy'iterambere n'Ububiligi, bwagiriza iki gihugu guhengamira kuri reta ya Congo, kandi ruvuga ko ivyo bihano ataco bifasha mu gukemura ikibazo ca Congo.










