Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Donald Trump avuga ko ivyo yagirizwa ‘biteye isoni kandi nta shingiro’
- Umwanditsi, Oliver Slow
- Igikorwa, BBC News
Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump avuga ko ivyo aregwa n’ubucamanza bw’igihugu “biteye isoni kandi nta shingiro bifise”, hari mw’ijambo ryiwe rya mbere ashikirije kuva ibi birego bishizwe ahabona.
Urwandiko rurimwo ibirego 37 rwagiye ahabona ku wa gatanu rumwagiriza ko yanyegeje inyandiko z’ibanga mu nyubakwa yiwe iri ahitwa Mar-a-Lago.
Mu majambo yashikirije mu myiyamamazo y’ejo ku wa gatandatu, Trump yavuze ko uru rubanza ruri mu bikorwa vyo kwivanga mu matora bikorwa na FBI hamwe n’igisata c’ubutungane vyamunzwe n’igiturire.
Avuga y’uko ata caha na kimwe yakoze.
Trump yagirizwa gufata minenerwe inyandiko z’ibanga ziharurwa mu majana, harimwo na zimwe zirimwo amabanga ya nikleyeri n’integuro za gisirikare.
Muri uru buzanza, yagirizwa ko yanyegeje izi nyandiko mu nzu yiwe ya Mar-a-Lago muri Florida, harimwo mu cumba n’iteramiro n’ic’ubwogero.
Yarabeshe abariko bakora amatohoza yongera agerageza kuzibira amatohoza ku vyerekeye ingene yafashe izi nyandiko, nk’uko biri muri uru rwandiko rw’ibirego.
Ni bwo bwa mbere uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Amerika akurikiranywe ku vyaha yagirizwa.
Mw’ijambo yashikirije imbere y’ikoraniro rya mbere ry’umugambwe w’Abarepubulika mu ntara ya Georgia, Trump yavuze ati: "Bariko barabesha, bariko barahemuka, bariye ibiturire – izi nkozi z’ikibi ntibashobora gushimirwa, bategerezwa gutsindwa”.
Yavuze yipfyinatira ko igihe cose aciye hejuru y’”intara y’ubururu” – ni ukuvuga irongowe n’aba-Democrats - aca arengutswa mu butungane.
Mu gihe ariko arondera gusubira kurongora igihugu mu 2024, Trump yavuze ko uru rubanza ari “amanyanga” ariko akorwa “n’abanyaporitike bamunzwe na ruswa”, akavuga ko ari “ukuyayata” kandi ko ari”urubanza rwa ngondagonde”.
Amajambo yavugiye muri Georgia hamwe na Caroline du Nord/North Carolina yompi yamaze isaha irenga.
Yashimiye abari bahari hamwe n’abo yita ko ari “intwari” bamushigikiye mu rugamba rwo kurongora igihugu, akaba yabandanije anegura “ubutegetsi bubi” burongoye igihugu.
"Tugiye guhagurukira inzego z’ubutegetsi zihari…kandi tuzorangiza igikorwa twatanguye, nk’umukuru w’igihugu wa mbere yakoze ibikorwa bikomeye”, niko yavuze, amajambo yatumye abari muri iri koraniro baterera ijwi hejuru ngo “USA, USA”.
Ati: "Sinzokwigera ndekura, sinzokwigera ngugumwa”, niko yavuze imbere y’uko yifatira mu gahanga abo avuga ko bariko baramurwanya.
Umuhanuzi adasanzwe Jack Smith yarongoye aya matohoza arahakana ko uru rubanza rushingiye ku mvo za poritike, akavuga ati: “Dufise amategeko amwe muri kino gihugu, kandi afata bose”.
Amategeko akingira amakuru ajanye no kwivuna abansi arakomeye cane kandi ategerezwa kwubahirizwa, niko avuga.
Gushika ubu, Trump ni we ari imbere mu bahiganira guserukira umugambwe w’Abarepubulika mu matora yo mu 2024.
Uwahoze ari icegera ciwe Mike Pence – muri ino ndwi yaneguye bikomeye uwari umukoresha wiwe igihe atangaza ko agiye guhiganira iki kibanza – na we yari yashikirije ijambo mw’ikoraniro ry’imbere y’aha muri Caroline du Nord.
Georgia iboneka ko izoba urubuga rw’intambara rukomeye muri runo rugamba rwo kurondera kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu, kandi aha niho Trump yatsindiwe ku kanyuma na Joe Biden arongoye igihugu muri kino gihe mu matora ya 2020.
Ariko kandi ishobora gusubira kumubera ifuro ry’igiti, mu gihe abategetsi b’iyi ntara bariko bihweza nimba Trump yarahonyanze amategeko igihe ategeka umushikiranganji w’imigenderanire w’iyo ntara Brad Raffensperger “kumuronderera” umubare nyawo w’amajwi yari akeneye kugira ngo atsinde amatora.