RD Congo mu matora: Ugucererwa hamwe n'akajagari
- Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Kinshasa
Muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo abazindutse bitaba amatora baridoga ingene ibiro vy'amatora vyuguruye bitevye. Vyari bitegekanijwe ko vyugurura isaha 12 zo mu gitondo ariko henshi nko ku murwa mukuru Kinshasa, nta na hamwe amatora yatanguye ku gihe.
Vyatewe n'uko ibikoresho vy'amatora vyatevye gushikanwa n'umkugwi uyajejwe.
''Aho batanguye gutora isaha zibiri zo mu gitongo, baca batora gushika isaha imwe y'ijoro,'' niko umugwi ujewe amatora CENI wamenyesheje mw'itangazo.
''Ibiro vy'amatora vyuguruye bicerewe bija gukora amasaha 11 nk'uko bitegekanywa n'amategeko, kugira ngo abatora bose bashobore gutora gushika uwanyuna ari ku murongo atunganirijwe,'' nk'uko itangazo ribandanya rivuga.
Fayulu na Mukwege kuri Athénée de la Gombe, Tshisekedi i Kintambo, Katumbi i Lubumbashi
Kuri ivyo biro kw'ishure rya Athénée de la Gombe, harangwa akajagari gushika aho abari baje gutora basenyuye urugi abaporisi baja barugurura bongera bugara kugira haje harinjira umugwi muto muto w'abatora.
Babiri mu bakomeye mu bahiganira intebe y'umukuru w'igihugu, Dr Denis Mukwege na Martin Fayulu, niho batoreye mu gitondo.
Bompi baneguye akajagari karanze ayo matora.
Martin Fayulu yavuze ko aho kuri Athénée de la Gombe ho umugwi ujejwe amatora wagerageje kuhazana ibikenewe kuko ''hashika amaso y'amakungu'' ariko ''ahandi nka Kaluka nta na kimwe kiriyo ... Ngiringiri hari ibiro bifise imashini ariko bitagira intsinga, ..mu gihugu hagati ni akajagari gusa...''
Fayulu yasavye CENI ko yokora uko ishoboye kwose abantu bagatora mu biro vyose birenga 70.000, ahandi ho ngo ''ntibazokwemera ivyavuye mu matora.


Mukwege nawe nyene yavuze ko afise amakuru menshi ko mu gihugu hagati ibintu bitariko biragenda neza, ''reka turindire ku mugoroba turabe uko bija kigenda,'' nk'uko yavuze.
Uwundi akomeye mu bahiganirwa intebe y'umukuru w'igihugu, Moïse Katumbi, yatoreye mu gisagara ca Lubumbashi, umurwa mukuru w'intara yigeze gutwara.

Yavuze ko muri uwu mwanya ataco yoshoka avuga ku buryo aya matora ariko aragenda kuko ''yabayemwo utunenge twinshi''.
Bitandukanye no ku murwa mukuru Kinshasa, i Lubumbashi bivugwa ko abantu bitavye gutora ku bwinshi cane.

Ahavuye isanamu, BBC/Eagan Salla
Umukuru w'igihugu ahasanzwe, Felix Tshisekedi, we yatoye ku muhingamo inyuma y'isaha 10 mu masaha ya Congo. Yatoreye kw'ishure rya Saint Georges muri komine ya Kintambo ku murwa mukuru Kinshasa.
Aho Kintambo hari mu biro vy'amatora vyuguruwe bitevye cane, inyuma y'isaha umunani z'umuhingamo.
Prezida Tshisekedi ntaco yashikirije ahejeje gutora. Ariko arondera ikiringo ca kabiri c'imyaka itanu inyuma yo gutorwa ubwa mbere mu 2018.
''Tuzokora igikorwa kibagangabanganwa na CENI''
Ayo matora ariko arakurikiranwa n'indorerezi nyinshi na cane cane z'amashirahamwe n'amashengero ya hano mu gihugu.
Rimwe muri ayo mashirahamwe ni OSPC (Organisation de la Sociiete Civile pour la Paix au Congo). Ryavuze ko rifise indorerezi zirenga 70.000 mu gihugu cose kugira rizokore ''igikorwa kibagabanganwa n'ica CENI (umugwi ujejwe amatora) mu guharura ibizoba vyavuye mu matora'' no mu kubera ijisho abanyagihugu ku biriko biraba muri ayo matora vyose.
Inama y'abepiskopi Katolila CENCO nayo yakwiragije mu gihugu indorerezi 25.000.
Hari n'indorerezi zavuye mu mashirahamwe y'ibihugu nka SADC ry'ibihugu vya Afrika y'ubumanuko.
Ariko izo mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko EAC ntibenerewe na reta ya Congo, n'ubwo ico gihugu kiri muri uwo muryango.
Muri ayo matora rusangi Abanye-Congo bashika hafi miriyoni 44 batora umukuru w'igihugu, abashingamateka n'abakenguzamateka ku rwego rw'igihugu n'intara hamwe n'abajenama b'amakomine.











