Israel itangaza ko yatewe na Irani, igitero ca mbere mu buryo butaziguye

    • Umwanditsi, Na Raffi Berg
    • Igikorwa, BBC News

Irani yarekuriye za ndege zitagira abadereva (amadrone) zitari nke n’ibisasu vya misire kuri Israel, ikimenyetso c’uko ca gitero co kwihora cari kimaze igihe kinugwanugwa gitanguye.

Ni co gitero ca mbere kibaye mu buryo butaziguye hagati y’ibi bihugu bibiri bimaze imyaka itari mike birabana ay’ingwe, aho Irani yakoresha imirwi ifashe mu mugongo.

Igisirikare ca Israel kivuga ko Israel n’ibindi bihugu vyakoroye ibisasu bitari bike vya misire n’amadrone, vyinshi bikaba vyakororewe hanze y’ikirere ca Israel.

Perezida Joe Biden wa Amerika avuga ko "twafashije Israel gukorora hafi vyose".

Ishami ry’igisirikare ca Irani, Islamic Revolution Guard Corps (IRGC), rivuga ko iki gitero cari kigenewe “ibibanza kanaka”.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel yaciye atumako reta y’intambara inyuma y’aho Irani itanguriye iki gitero.

Ni bwo bwa mbere indyane hagati y’ibi bihugu yadutsemwo ukurasana kweruye.

Irani yariyemeje kwihora ku gitero cakozwe ku biro vy’ubuserukizi bwayo muri Syria ku wa 1 Ndamukiza (4) cahitanye intwazangabo indwi za IRGC, harimwo umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru. Yagiriza Israel ko ari yo yakoze iki gitero, ariko Israel ntiravyemeza canke ngo ibihakane.

Umuvugizi w’igisirikare ca Israel Daniel Hagari yatangaje ati: "Igitero gikomeye co muri iri joro cerekana ko ibintu vyarenze inkombe.

"Dufatanije n’incuti zacu, turiko turakoresha inguvu zose mu gukingira igihugu ca Israel n’abanyagihugu ba Israel”.

Avuga ko Irani yarekuye "ikirwi c’amadrone 300, n’ibisasu vya misire vy’ubwoko butandukanye”, akongerako y’uko Israel “n’incuti zayo mu karere” vyakoroye 99% muri vyo.

Avuga ko hari ibisasu bimwe vya misire vyashitse ku butaka bwa Israel, bikonona bukebuke ikigo ca gisirikare, ariko ko atawe vyahitanye canke ngo bikomeretse.

Igisata ca Israel kijejwe za modoka z’ubutabazi (ambulance) kivuga ko umwana w’umukobwa w’imyaka indwi yakomeretse kubera ibisigarira vyakorokeye mu karere ka Arad kari mu bumanuko.

Abategetsi babiri ba Amerika babwiye imboneshakure CBS, ikinyamakuru gikorana na BBC muri Amerika, ko ingabo za Amerika zakoroye amadrone atari make, ariko ntibavuze aho canke ingene yakorowe.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubwongereza avuga ko indege z’igisirikare cabwo kirwanira mu kirere (RAF) zarungitswe muri Iraki na Syria gutangira “ibitero ivyo ari vyo vyose vyoba bije kwivanga mu butumwa bwacu”.

Inzamba zo kugabisha zasamiranye muri Israel yose hanumvikana n’ibiturika hejuru ya Yeruzalemu/Jerusalem, aho ubuhinga bwo gucungera ibitero vyo mu kirere bwakoroye ibintu vyari hejuru y’igisagara.

Israel, Libani na Iraki vyaciye vyugara ibirere vyavyo, mu gihe ibisirikare birwanira mu kirere vya Syria na Yorodaniya bimeze magabo.

IRGC – ishami rya mbere rikomeye ry’igisirikare ca Irani – ivuga ko yakoze iki gitero “mu kwihora ku mabi ubutegetsi bwa Israel bwama buriko burakora, harimwo igitero ku biro vy’ubuserukizi bwa Irani i Damas".

Haciye akanya gato hasohotse amakuru y’iki gitero ca Irani, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ko “ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere” bw’igihugu ciwe bwaciye butangura gukora.

Ati: "Turiteguriye ikintu ico ari co cose, haba mu kwivuna cane mu gutera. Igihugu ca Israel kirakomeye. Igisirikare ca Israel kirakomeye. Abanyagihugu barakomeye.

"Turashima ukuntu Amerika yifatanya na Israel, hamwe kandi n’ubufasha duhabwa n’Ubwongereza, Ubufaransa n’ibindi bihugu vyinshi".

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaciye ahagarika urugendo rwiwe yarimwo mu ntara ya Delaware asubira mu biro.

Inyuma y’inama yagiranye n’igisata kijejwe umutekano w’igihugu Irani imaze gutangura iki gigtero, yavuze ati: "Inshingano zacu ku mutekano wa Israel vyo guhangana n’ibitero vya Irani n’imirwi ikorana nayo ni urutare”.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak ariyamiriza igitero “c’ubusamazi” ca Irani, aca yiyemeza ko Ubwongereza “buzobandanya buharanira umutekano wa Israel n’uw’incuti zacu zose mu karere".

Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yasohoye itangazo avuga ko yiyamirije yivuye inyuma iki gitero cakozwe na Irani kuri Israel.

Asaba ko "iyi mishamirano ihagarara vuba bwango" kandi ko impande zompi zokwigumya.

Agabisha ati: "Kaba akarere, yaba amakungu, nta n’umwe yipfuza iyindi ntambara”.

Mu ntango z’ino ndwi, abashikiranganji ba Israel bajejwe umutekano n’imigenderanire bagabishije ko ari nka hamwe Irani yotera Israel, Israel izoca yihora mu gukora igitero hagati muri Irani.